Check out the new design

ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි * - පරිවර්තන පටුන

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අස් සුක්රුෆ්   වාක්‍යය:
وَكَذَٰلِكَ مَآ أَرۡسَلۡنَا مِن قَبۡلِكَ فِي قَرۡيَةٖ مِّن نَّذِيرٍ إِلَّا قَالَ مُتۡرَفُوهَآ إِنَّا وَجَدۡنَآ ءَابَآءَنَا عَلَىٰٓ أُمَّةٖ وَإِنَّا عَلَىٰٓ ءَاثَٰرِهِم مُّقۡتَدُونَ
Ntumwa y’Imana! Ni uko rero, si wewe ubaye uwa mbere, ntitwigeze Turungika hambere yawe, Umugabisha n’umwe ku bantu bo mu gacimbiri kanaka, kugira abagabishe ku bihano vyacu, kiretse ko abatewe iteka muri bo ryo kworoherwa mu buzima, baca bavuga bati: “Mu vy’ukuri twebwe, twasanze abavyeyi bacu bubahiriza iri dini; mu vy’ukuri rero, na twe twubahiriza iragi badusigiye”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ قَٰلَ أَوَلَوۡ جِئۡتُكُم بِأَهۡدَىٰ مِمَّا وَجَدتُّمۡ عَلَيۡهِ ءَابَآءَكُمۡۖ قَالُوٓاْ إِنَّا بِمَآ أُرۡسِلۡتُم بِهِۦ كَٰفِرُونَ
Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), hamwe n’izindi Ntumwa zo hambere yiwe, zabwiye abitwaza ko bubahiriza idini barazwe n’abavyeyi babo, ziti: “Mbega, mwubahiriza ivyo mwarazwe n’abavyeyi banyu, n’aho nobazanira ibibarongora mu nzira nziza ibereye gusumba idini mwarazwe na bo!”. Na bo baca binamura n’amanyama n’akantu bakishura bati: “Twebwe mu vy’ukuri, turiyamirije ivyo mwarungikanwe”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَٱنتَقَمۡنَا مِنۡهُمۡۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُكَذِّبِينَ
Kubera igarariza ryabo ry’Intumwa rero, Twarabihoye maze Tubahana mu kubafuririra mu kuzimu, canke mu kubasomesha nturi, n'ibindi. Ntumwa y'Imana! Ehe raba rero, ukuntu iherezo ry’abirenganije ku guhakana bivuye inyuma Aayah z’Imana Allah n’Intumwa zayo, ryagenze!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِيمُ لِأَبِيهِ وَقَوۡمِهِۦٓ إِنَّنِي بَرَآءٞ مِّمَّا تَعۡبُدُونَ
Ntumwa y’Imana! Ibuka n’igihe Ibrahimu yabwira se wiwe hamwe n’abantu biwe yarungitsweko, babangikanya Imana Allah nk’abo warungitsweko, ati: “Mu vy’ukuri jewe, nditandukanije n’ivyo musenga vyose;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِلَّا ٱلَّذِي فَطَرَنِي فَإِنَّهُۥ سَيَهۡدِينِ
Kiretse gusa Imana Allah Yandemye, ni Yo Inshoboza gukurikira inzira nziza ibereye”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَجَعَلَهَا كَلِمَةَۢ بَاقِيَةٗ فِي عَقِبِهِۦ لَعَلَّهُمۡ يَرۡجِعُونَ
Ibrahimu rero yatumye ijambo “LAA ILAAHA ILLA LLAAH” rishimangira ugusenga Imana Imwe Rudende Allah, risagarara, ryubahirizwa n’abakurikiye mu nyuma ziwe, kugira bagaruke ku Mana Allah mu kwigaya, hanyuma bayisenge ari Imwe Rudende batayibangikanya.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
بَلۡ مَتَّعۡتُ هَٰٓؤُلَآءِ وَءَابَآءَهُمۡ حَتَّىٰ جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ وَرَسُولٞ مُّبِينٞ
Ntumwa y’Imana! Ahubwo rero ababangikanyamana hamwe na ba se babo, Nabahaye kuryoherwa n’ubuzima bwo kw’isi, sinashoka Ndabahanira ubugarariji bwabo, gushika n’aho bashikiriwe na Qor’ani hamwe n’Intumwa ibatomorera ivyo bakeneye kumenya mw’idini.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَمَّا جَآءَهُمُ ٱلۡحَقُّ قَالُواْ هَٰذَا سِحۡرٞ وَإِنَّا بِهِۦ كَٰفِرُونَ
Bamaze gushikirwa na Qor’ani rero, bavuze bayiyamiriza bati: “Iyi Qor’ani Muhamadi adushikiriza, ni uburozi bweruye! Kandi mu vy’ukuri, turahakanye twivuye inyuma mu kuvuga ko itamanuwe n’Imana Allah”;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَقَالُواْ لَوۡلَا نُزِّلَ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانُ عَلَىٰ رَجُلٖ مِّنَ ٱلۡقَرۡيَتَيۡنِ عَظِيمٍ
Baranavuze kandi bati: “Nimba iyi Qor’ani yamanuwe koko n’Imana Allah, ntiyari gupfuma Iyimanurira umugabo w’ijunja n’ijambo aturuka muri kamwe mu ducimbiri tubiri: agacimbiri ka Makka canke aka Twaa-ifu!”.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَهُمۡ يَقۡسِمُونَ رَحۡمَتَ رَبِّكَۚ نَحۡنُ قَسَمۡنَا بَيۡنَهُم مَّعِيشَتَهُمۡ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَرَفَعۡنَا بَعۡضَهُمۡ فَوۡقَ بَعۡضٖ دَرَجَٰتٖ لِّيَتَّخِذَ بَعۡضُهُم بَعۡضٗا سُخۡرِيّٗاۗ وَرَحۡمَتُ رَبِّكَ خَيۡرٞ مِّمَّا يَجۡمَعُونَ
Ntumwa y’Imana! Mbega none ababangikanyamana, ni bo bagabura impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah, bagaha ubuvugishwamana uwo bashatse! Twebwe Allah, Twarabagaburiye ibibabeshaho mu buzima bwo kw’isi, Turaheza Tuduza bamwe mu cubahiro gusumba abandi; gutyo haba umutunzi n’umukene, uwufise imirya n’uwufise intege nke; kugira ngo babe magiriranire, bakenerane muri nya buzima[5]. Burya, impuhwe z’Imana yawe Rurema Allah zo kwinjiza abantu mu Bwami bw’ijuru, ni zo nziza gusumba ivyo bahurumbira kwegeranya mu bihendamaso vy’isi.
[5] Umutunzi mu vyo adashoboye arakenera kubifashwamwo n’umukene; umukene na we mu vyo adafise agakenera kubironswa n’umutunzi, ugasanga rero, umwe wese muri bo, akorera uwundi mu buryo atazi ko ari umukozi wiwe.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَوۡلَآ أَن يَكُونَ ٱلنَّاسُ أُمَّةٗ وَٰحِدَةٗ لَّجَعَلۡنَا لِمَن يَكۡفُرُ بِٱلرَّحۡمَٰنِ لِبُيُوتِهِمۡ سُقُفٗا مِّن فِضَّةٖ وَمَعَارِجَ عَلَيۡهَا يَظۡهَرُونَ
Iyo hataba kwanka ko abantu baba umugwi umwe w’abagarariji, ni ukuri Twari gufata inzu z’abagarariza Nyenimpuhwe, Tukazigira inzu zibona, z’amagorofa asakajwe umwakaka, akagira n’ingazi buririrako;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අස් සුක්රුෆ්
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි - පරිවර්තන පටුන

යූසුෆ් ගහීති විසින් පරිවර්තනය කරන ලදී. අප්‍රිකානු සංවර්ධන පදනම විසින් නිකුත් කරන ලදී.

වසන්න