Check out the new design

ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි * - පරිවර්තන පටුන

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අල් අඃරාෆ්   වාක්‍යය:
قُل لَّآ أَمۡلِكُ لِنَفۡسِي نَفۡعٗا وَلَا ضَرًّا إِلَّا مَا شَآءَ ٱللَّهُۚ وَلَوۡ كُنتُ أَعۡلَمُ ٱلۡغَيۡبَ لَٱسۡتَكۡثَرۡتُ مِنَ ٱلۡخَيۡرِ وَمَا مَسَّنِيَ ٱلسُّوٓءُۚ إِنۡ أَنَا۠ إِلَّا نَذِيرٞ وَبَشِيرٞ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Nta na kimwe nishoboje, haba mu kugira ico nimariye, eka no mu kwikingira inabi, kiretse ku vyo Imana Allah Ishatse. N’iyo nza kumenya ibinyegejwe ibiremwa, norushirijeho gukora ivyiza, nta n’inabi yonshikiye namba. Burya jewe nta kindi ndi kiretse ko ngabisha abagarariji ku bihano vyo mu muriro, nkashikiriza n'abemeramana inkuru nziza y’Ubwami bw’ijuru.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
۞ هُوَ ٱلَّذِي خَلَقَكُم مِّن نَّفۡسٖ وَٰحِدَةٖ وَجَعَلَ مِنۡهَا زَوۡجَهَا لِيَسۡكُنَ إِلَيۡهَاۖ فَلَمَّا تَغَشَّىٰهَا حَمَلَتۡ حَمۡلًا خَفِيفٗا فَمَرَّتۡ بِهِۦۖ فَلَمَّآ أَثۡقَلَت دَّعَوَا ٱللَّهَ رَبَّهُمَا لَئِنۡ ءَاتَيۡتَنَا صَٰلِحٗا لَّنَكُونَنَّ مِنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Bantu! Imana Allah ni Yo Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), Iraheza Imuremamwo umukenyezi wiwe Hawa kugira amumare irungu anamutururuze. Amaze rero kwiherera akarangurana na we amabanga y’abubatse[26], yarasamye imbanyi iraheza irakura bukebuke; amaze gukurirwa hakagera ko yibaruka, bompi barasavye Imana yabo Rurema Allah bati: “Niwaramuka Uduhaye ikibondo ceranda gitunganye, nta nkeka ko tuzoba mu bagushimira inema yo kuronswa ikibondo”.
[26] Abavugwa ng’aha, ni umugabo n’umugore bubatse izabo muri Bene Adamu.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
فَلَمَّآ ءَاتَىٰهُمَا صَٰلِحٗا جَعَلَا لَهُۥ شُرَكَآءَ فِيمَآ ءَاتَىٰهُمَاۚ فَتَعَٰلَى ٱللَّهُ عَمَّا يُشۡرِكُونَ
Biri muri kameremere ka Bene Adamu rero, ko Imana Allah Ironkeje abavyeyi ikibondo ceranda gitunganye, bahava bakayibangikanya na nya kibondo. Harakubahwa hubahirizwe rero Imana Allah, ntikabangikanywe n’ivyo bayibangikanya!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَيُشۡرِكُونَ مَا لَا يَخۡلُقُ شَيۡـٔٗا وَهُمۡ يُخۡلَقُونَ
Mbega bayibangikanya n’ibiremwa vyayo bidashoboye no kurema ikintu na kimwe, kandi na vyo nyene vyararemwe!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَلَا يَسۡتَطِيعُونَ لَهُمۡ نَصۡرٗا وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ
Ntibinashoboye gutabara ababisenga ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi!
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَتَّبِعُوكُمۡۚ سَوَآءٌ عَلَيۡكُمۡ أَدَعَوۡتُمُوهُمۡ أَمۡ أَنتُمۡ صَٰمِتُونَ
Babangikanyamana! Mu gihe mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana ngo bitumbere inzira igororotse, ntivyopfa vyumvise namba irarika ryanyu ngo bibakurikire, ukubirarika no kwinumira, vyose ni co kimwe kuri vyo, ntivyumva, ntibibona.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
إِنَّ ٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ عِبَادٌ أَمۡثَالُكُمۡۖ فَٱدۡعُوهُمۡ فَلۡيَسۡتَجِيبُواْ لَكُمۡ إِن كُنتُمۡ صَٰدِقِينَ
Mu vy’ukuri, ivyo musenga mu gishingo c’Imana Allah, ni abaja b’Imana Allah nkamwe. Nimwaba rero mwemera ko bikwiye gusengwa nk’uko mwibaza, nimubisabe rero bibumvire nimwaba muri imvugakuri.
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
أَلَهُمۡ أَرۡجُلٞ يَمۡشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَيۡدٖ يَبۡطِشُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ أَعۡيُنٞ يُبۡصِرُونَ بِهَآۖ أَمۡ لَهُمۡ ءَاذَانٞ يَسۡمَعُونَ بِهَاۗ قُلِ ٱدۡعُواْ شُرَكَآءَكُمۡ ثُمَّ كِيدُونِ فَلَا تُنظِرُونِ
Mbega ivyo bigirwamana vyoba bifise amaguru bigendesha ku buryo vyishira bikizana mu kubatunganiriza! Canke vyoba bifise amaboko bikoresha mu kubatabara hagize uwubabangamira! Canke vyoba bifise amaso birabisha mu kubona ibinyegejwe ibiremwa mudashoboye kubona! Canke vyoba bifise amatwi bikoresha mu kwumva ivyo mudashobora kwumva! Ivyo bigirwamana, none vyosengwa gute, nivyaba bitagira na kimwe muri ivyo bihimba, ari na vyo bikoreshwa mu kugira ico umuntu yimariye canke mu kwikingira! Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Nimusabe rero ibigirwamana vyanyu mwabangikanije n’Imana Allah, hanyuma mukoreshe urwenge mu kundwaniriza hamwe, ntimuzondindirize na gato mutaranyirahira, nta n’ico ninona kuko nizeye Imana Allah;
අල්කුර්ආන් අරාබි අර්ථ විවරණ:
 
අර්ථ කථනය පරිච්ඡේදය: අල් අඃරාෆ්
සූරා පටුන පිටු අංක
 
ශුද්ධවූ අල් කුර්ආන් අර්ථ කථනය - කිරුන්දි පරිවර්තනය - යූසුෆ් ගහීටි - පරිවර්තන පටුන

යූසුෆ් ගහීති විසින් පරිවර්තනය කරන ලදී. අප්‍රිකානු සංවර්ධන පදනම විසින් නිකුත් කරන ලදී.

වසන්න