அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية * - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

மொழிபெயர்ப்பு அத்தியாயம்: ஸூரா அத்தக்வீர்   வசனம்:

SURATU TTAKWIIR

إِذَا ٱلشَّمۡسُ كُوِّرَتۡ
Igihe izuba ryazingwazinzwe ntiribe rigisubira kwaka;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلنُّجُومُ ٱنكَدَرَتۡ
Igihe n’inyenyeri zahungurutse ntizibe zigisubira kuboneka;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ سُيِّرَتۡ
Igihe n’imisozi yasunitswe igahoka;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡعِشَارُ عُطِّلَتۡ
Igihe n’ingamiya zifise amezi zirengagijwe;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡوُحُوشُ حُشِرَتۡ
Igihe n’inyamaswa zegeranirijwe hamwe, kugira Imana Allah Ihorere izarenganijwe n’izindi;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡبِحَارُ سُجِّرَتۡ
Igihe n’ibiyaga vyakijwe umuriro bikarurumba;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلنُّفُوسُ زُوِّجَتۡ
Igihe n’imishaha yahujwe n’iyindi mishaha hari ico ihuriyeko;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡمَوۡءُۥدَةُ سُئِلَتۡ
Igihe n’umwigeme yahambwe abona yabajijwe ku musi w’izuka;
அரபு விரிவுரைகள்:
بِأَيِّ ذَنۢبٖ قُتِلَتۡ
Ku co yahowe, kigatuma yicwa mu guhambwa abona!
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلصُّحُفُ نُشِرَتۡ
Igihe n’ibitabu vy’ibikorwa vy’ibiremwa vyashizwe ahabona bikugururwa;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ كُشِطَتۡ
Igihe n’ijuru ryuguruwe rigakurwaho;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡجَحِيمُ سُعِّرَتۡ
Igihe n’umuriro wa Jahannamu wegenyejwe;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَإِذَا ٱلۡجَنَّةُ أُزۡلِفَتۡ
Igihe n’Ubwami bw’ijuru bwegerejwe abemeramana;
அரபு விரிவுரைகள்:
عَلِمَتۡ نَفۡسٞ مَّآ أَحۡضَرَتۡ
Ivyo vyose nivyashika, umuntu wese rero azomenya ico yakoze; caba iciza canke ikibi.
அரபு விரிவுரைகள்:
فَلَآ أُقۡسِمُ بِٱلۡخُنَّسِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku nyenyeri zitaka ku murango!
அரபு விரிவுரைகள்:
ٱلۡجَوَارِ ٱلۡكُنَّسِ
Zigendera ahatabona mu nzira-ntasobwa zazo!
அரபு விரிவுரைகள்:
وَٱلَّيۡلِ إِذَا عَسۡعَسَ
Ndarahiye kandi no kw’ijoro iyo bwije!
அரபு விரிவுரைகள்:
وَٱلصُّبۡحِ إِذَا تَنَفَّسَ
No ku gitondo iyo hakeye bugatamanzura!
அரபு விரிவுரைகள்:
إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٖ كَرِيمٖ
Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari ijambo ry’Uhoraho Allah rishikirizwa n’Intumwa yubashwe (Umumalayika Jibrili);
அரபு விரிவுரைகள்:
ذِي قُوَّةٍ عِندَ ذِي ٱلۡعَرۡشِ مَكِينٖ
Nyeninguvu n’ubushobozi bwo kwubahiriza amabwirizwa, afise icubahiro kinini imbere ya Nyenubuhangamo Allah;
அரபு விரிவுரைகள்:
مُّطَاعٖ ثَمَّ أَمِينٖ
Agamburukirwa n’abandi bamalayika, umwizigirwa mu guhishurira Intumwa.
அரபு விரிவுரைகள்:
وَمَا صَاحِبُكُم بِمَجۡنُونٖ
Umugenzi wanyu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), si umusazi namba;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَلَقَدۡ رَءَاهُ بِٱلۡأُفُقِ ٱلۡمُبِينِ
Mu vy’ukuri Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarabonye umumalayika Jibrili ukuri kwamye mu buseruko bw’i Makka[1];
[1] Iyo, ni yo yari incuro ya mbere Intumwa ibona umumalayika Jibrili. Ico gihe, Intumwa yari mw’isenga ry’ibuye ryitwa HIRAA-A.
அரபு விரிவுரைகள்:
وَمَا هُوَ عَلَى ٱلۡغَيۡبِ بِضَنِينٖ
Kandi Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ntiyigungirako ijambo ry’Imana Allah;
அரபு விரிவுரைகள்:
وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَيۡطَٰنٖ رَّجِيمٖ
Kanatsinda, iyo Qor’ani si ijambo rya shetani yavumwe. Ahubwo ni ijambo ry’Imana Allah.
அரபு விரிவுரைகள்:
فَأَيۡنَ تَذۡهَبُونَ
Mbega, mwebwe mugana hehe, mu guhakana Qor’ani inyuma y’ivyo vyemezo vyose?
அரபு விரிவுரைகள்:
إِنۡ هُوَ إِلَّا ذِكۡرٞ لِّلۡعَٰلَمِينَ
Iyo Qor’ani ntagatifu si ikindi, kiretse ko ari urwibutso ku bantu bose;
அரபு விரிவுரைகள்:
لِمَن شَآءَ مِنكُمۡ أَن يَسۡتَقِيمَ
Kuri uwo wese muri mwebwe ashaka gutumbera inzira igororotse.
அரபு விரிவுரைகள்:
وَمَا تَشَآءُونَ إِلَّآ أَن يَشَآءَ ٱللَّهُ رَبُّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Kandi ntimuzoshaka kugororoka ngo mubishobore, kiretse igihe Imana Allah Ibishatse, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
அரபு விரிவுரைகள்:
 
மொழிபெயர்ப்பு அத்தியாயம்: ஸூரா அத்தக்வீர்
அத்தியாயங்களின் அட்டவணை பக்க எண்
 
அல்குர்ஆன் மொழிபெயர்ப்பு - الترجمة الكيروندية - மொழிபெயர்ப்பு அட்டவணை

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

மூடுக