แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية * - สารบัญ​คำแปล

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ อายะฮ์: (102) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
وَٱتَّبَعُواْ مَا تَتۡلُواْ ٱلشَّيَٰطِينُ عَلَىٰ مُلۡكِ سُلَيۡمَٰنَۖ وَمَا كَفَرَ سُلَيۡمَٰنُ وَلَٰكِنَّ ٱلشَّيَٰطِينَ كَفَرُواْ يُعَلِّمُونَ ٱلنَّاسَ ٱلسِّحۡرَ وَمَآ أُنزِلَ عَلَى ٱلۡمَلَكَيۡنِ بِبَابِلَ هَٰرُوتَ وَمَٰرُوتَۚ وَمَا يُعَلِّمَانِ مِنۡ أَحَدٍ حَتَّىٰ يَقُولَآ إِنَّمَا نَحۡنُ فِتۡنَةٞ فَلَا تَكۡفُرۡۖ فَيَتَعَلَّمُونَ مِنۡهُمَا مَا يُفَرِّقُونَ بِهِۦ بَيۡنَ ٱلۡمَرۡءِ وَزَوۡجِهِۦۚ وَمَا هُم بِضَآرِّينَ بِهِۦ مِنۡ أَحَدٍ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَيَتَعَلَّمُونَ مَا يَضُرُّهُمۡ وَلَا يَنفَعُهُمۡۚ وَلَقَدۡ عَلِمُواْ لَمَنِ ٱشۡتَرَىٰهُ مَا لَهُۥ فِي ٱلۡأٓخِرَةِ مِنۡ خَلَٰقٖۚ وَلَبِئۡسَ مَا شَرَوۡاْ بِهِۦٓ أَنفُسَهُمۡۚ لَوۡ كَانُواْ يَعۡلَمُونَ
Abayahudi bakurikije ivyo amashetani yabwira abarozi n'abapfumu mu bantu, igihe c’ubwami bw’Intumwa Sulayimani (nyakugira amahoro y’Imana Allah), bibaza ko ikoreshwa ry’umuyaga n’amajini ico gihe vyari vyavuye ku mvo z’uburozi. Ntibikabe! Intumwa y’Imana Sulayimani ntiyagararije, nta n’uburozi yigeze yiga, mugabo amashetani ni yo yagararije Imana Allah mu kwigisha abantu uburozi. Babigisha n’ivyamanuriwe abamalayika “Haaruti” na “Maaruti” ahitwa “Baabili” muri Iraki kugira ngo Imana Allah Igerageze ibiremwa, kandi nya bamalayika nta n’umwe bigisha batabanje kumwihaniza bati: “Mu vy’ukuri, twebwe turi ikigeragezo ntugararize mu kwiga uburozi ngo uhave wumvira shetani”. Abantu rero baraheza bariga ivyokoreshwa mu gutandukanya umuntu n’umukenyezi wiwe. Burya abarozi, bobo nta bushobozi bafise bwo kugirira nabi umuntu n’umwe, kiretse ku bushake bw’Imana Allah. Ni uko rero, bahavuye biga ibibagirira ingaruka mbi mu kwemera, eka mbere nta n’ico bibungura kw’isi. Ni ukuri, Abayahudi baramenye ko uwuhisemwo kuroga yirengagije ukuri, ata mugabane w’ivyiza azoronka mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kandi rero, ni bibi cane ivyo biguze mu guhitamwo kuroga no kugarariza ha guhitamwo ukwemera ukuri no gukurikira Intumwa. Iyo rero baba bazi neza ibihano bibarindiriye, ntibari kugarariza.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ อายะฮ์: (102) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية - สารบัญ​คำแปล

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ปิด