แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية * - สารบัญ​คำแปล

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ อายะฮ์: (164) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
إِنَّ فِي خَلۡقِ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِ وَٱخۡتِلَٰفِ ٱلَّيۡلِ وَٱلنَّهَارِ وَٱلۡفُلۡكِ ٱلَّتِي تَجۡرِي فِي ٱلۡبَحۡرِ بِمَا يَنفَعُ ٱلنَّاسَ وَمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مِن مَّآءٖ فَأَحۡيَا بِهِ ٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ مَوۡتِهَا وَبَثَّ فِيهَا مِن كُلِّ دَآبَّةٖ وَتَصۡرِيفِ ٱلرِّيَٰحِ وَٱلسَّحَابِ ٱلۡمُسَخَّرِ بَيۡنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri, mw’iremwa ry’amajuru mu kuntu ahanitse, n’isi mu kuntu ishigikiwe n’imisozi, ikagira utubande n’amabahari; mw'ibisikanya n’ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango; mw’igendera ry’ubwato mw’ibahari bwunguruza ibifitiye akamaro abantu; mw’igwishwa ry’imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Imana Allah Ikanagisha ibiterwa n’ivyimeza kw’isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y’igaduka no gucika ubukumbagare kw’isi; mw’ikwiragizwa ry’ibinyabuzima bitandukanye bigendagenda mw’isi; mw’irungikwa ry’umuyaga hamwe n’isunikwa ry’ibicu mu kirere kiri hagati y’ijuru n’isi, mw'iremwa ry'ivyo vyose rero, ni ukuri harimwo ivyemezo vyotuma abantu bafise ubwenge banyurwa bakikebuka, bagaheza bakamenya ko Imana Allah Ikwiye gusengwa ari Imwe Rudende.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ อายะฮ์: (164) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية - สารบัญ​คำแปล

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ปิด