แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية * - สารบัญ​คำแปล

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ อายะฮ์: (219) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
۞ يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡخَمۡرِ وَٱلۡمَيۡسِرِۖ قُلۡ فِيهِمَآ إِثۡمٞ كَبِيرٞ وَمَنَٰفِعُ لِلنَّاسِ وَإِثۡمُهُمَآ أَكۡبَرُ مِن نَّفۡعِهِمَاۗ وَيَسۡـَٔلُونَكَ مَاذَا يُنفِقُونَۖ قُلِ ٱلۡعَفۡوَۗ كَذَٰلِكَ يُبَيِّنُ ٱللَّهُ لَكُمُ ٱلۡأٓيَٰتِ لَعَلَّكُمۡ تَتَفَكَّرُونَ
Muvugishwamana! Abislamu barakubaza ingingo ijanye no kunywa, kugura no kugurisha inzoga[37], hamwe rero n’ingingo ijanye no gukina urusimbi[38]! Bishure uti: “Vyompi birimwo ivyaha n’ubwononyi bikomeye mw’idini, mw’isesagurwa ry’amatungo n’isinzikazwa ry’amagara mu buzima. Harimwo n’inyungu rero ku bantu mu vy’isi, ariko ivyaha n’ubwononyi birimwo, bifise ingaruka mbi cane kurusha inyungu zavyo[39]”. Baranakubaza kandi urugero rw’ivyo botanga mu mperezwa ku bushake! Bishure uti: “Nimutange ikirenze ku vyo mukeneye”. Ni nk’ukwo rero, Imana Allah Ibatomorera Aayah n’ingingo zayo kugira ngo mwiyumvire muheze mutahure icobagirira akamaro;
[37] Inzoga, ni ikintu ico ari co cose kiborera, caba ari ikinyobwa, icokurya canke ico kwimotereza.
[38] Urusimbi, ni ugukinira kuronka canke gutanga amahera hakoreshejwe urwenge.
[39] Iyi Aayah yamanutse ubwa mbere nk’integuza yo kuziririza inzoga n’urusimbi. Iyi Aayah rero yerekana na canecane ko inzoga n’urusimbi bifise ingaruka mbi cane ku muntu; biramusamaza mu kutaninahaza no kudasenga Imana Allah, bitera urwanko n’inzigo mu bantu, bituma kandi haba isesagurwa no kunyonora amatungo hakoreshejwe urwenge.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ อายะฮ์: (219) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية - สารบัญ​คำแปล

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ปิด