แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية * - สารบัญ​คำแปล

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ อายะฮ์: (61) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
وَإِذۡ قُلۡتُمۡ يَٰمُوسَىٰ لَن نَّصۡبِرَ عَلَىٰ طَعَامٖ وَٰحِدٖ فَٱدۡعُ لَنَا رَبَّكَ يُخۡرِجۡ لَنَا مِمَّا تُنۢبِتُ ٱلۡأَرۡضُ مِنۢ بَقۡلِهَا وَقِثَّآئِهَا وَفُومِهَا وَعَدَسِهَا وَبَصَلِهَاۖ قَالَ أَتَسۡتَبۡدِلُونَ ٱلَّذِي هُوَ أَدۡنَىٰ بِٱلَّذِي هُوَ خَيۡرٌۚ ٱهۡبِطُواْ مِصۡرٗا فَإِنَّ لَكُم مَّا سَأَلۡتُمۡۗ وَضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلذِّلَّةُ وَٱلۡمَسۡكَنَةُ وَبَآءُو بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانُواْ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلنَّبِيِّـۧنَ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَواْ وَّكَانُواْ يَعۡتَدُونَ
Nimwibuke inema zanje Nabahaye muheze mushime, mwibuke n’igihe mwavuga muti: “Ewe Musa! Ntidushobora kwama dufungura indya z’ubwoko bumwe! Dusabire Imana yawe Rurema Allah Iduhe mu vyimburwa vy’isi; nk’imboga, ibitunguru-sumu, intete nka “adasi” hamwe rero n’ibitunguru”. Intumwa Musa na yo ibishura iti: “Musaba guhindurirwa imfugurwa nziza cane ngo muronswe iziciriritse! Nimumanuke rero kw’isi ndimwa, muheze muronke ivyo musaba”. Bamaze kumanuka kw’isi ndimwa, baciye bugarizwa n’agasuzuguro hamwe n’ubukene bw’akataraboneka. Kubera ivyo rero, basubiye inyuma bakwiye gushavurirwa n’Imana Allah. Ivyo vyatewe n’uko bama bagararije Aayah z’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku kadenderezo ata kuri kwisunzwe. Ico gihano rero bagihawe kuko bagabitaniye Imana Allah, bagahohotera n’Intumwa zayo.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ อายะฮ์: (61) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية - สารบัญ​คำแปล

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ปิด