Check out the new design

Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti * - Indise ng mga Salin

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-Baqarah   Ayah:
وَٱلَّذِينَ يُتَوَفَّوۡنَ مِنكُمۡ وَيَذَرُونَ أَزۡوَٰجٗا يَتَرَبَّصۡنَ بِأَنفُسِهِنَّ أَرۡبَعَةَ أَشۡهُرٖ وَعَشۡرٗاۖ فَإِذَا بَلَغۡنَ أَجَلَهُنَّ فَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِيمَا فَعَلۡنَ فِيٓ أَنفُسِهِنَّ بِٱلۡمَعۡرُوفِۗ وَٱللَّهُ بِمَا تَعۡمَلُونَ خَبِيرٞ
N’abapfuye muri mwebwe abagabo bagasiga abakenyezi, abapfakazi bategetswe kugandarira abagabo babo ikiringo c’amezi ane n’imisi cumi[43]. Ico kiringo nibagiheza, nta caha kuri mwebwe muhagarikiye umuryango ku vyo bokora ku neza mu kwidegemvya mu ruja n’uruza, gushaza no kwabirwa bubahirije amategeko. Burya Imana Allah ivyo mukora vyose Irabizi, ni Muhetuziwavyose, kandi Izobibahembera.
[43] Muri ico kiringo co kugandara, kirazira gusohoka mu rugo ata mvo ihambaye, gushaza hamwe rero no kwabirwa.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَلَا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ فِيمَا عَرَّضۡتُم بِهِۦ مِنۡ خِطۡبَةِ ٱلنِّسَآءِ أَوۡ أَكۡنَنتُمۡ فِيٓ أَنفُسِكُمۡۚ عَلِمَ ٱللَّهُ أَنَّكُمۡ سَتَذۡكُرُونَهُنَّ وَلَٰكِن لَّا تُوَاعِدُوهُنَّ سِرًّا إِلَّآ أَن تَقُولُواْ قَوۡلٗا مَّعۡرُوفٗاۚ وَلَا تَعۡزِمُواْ عُقۡدَةَ ٱلنِّكَاحِ حَتَّىٰ يَبۡلُغَ ٱلۡكِتَٰبُ أَجَلَهُۥۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ يَعۡلَمُ مَا فِيٓ أَنفُسِكُمۡ فَٱحۡذَرُوهُۚ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّ ٱللَّهَ غَفُورٌ حَلِيمٞ
Nta n’icaha kuri mwebwe abagabo, mu gihe mwogira icerekana mudahishutse ko mwipfuza kwabira abakenyezi bagandaye, canke baramye ubutagisubirana, eka nta n’icaha kuri mwebwe mu gihe mwokwipfuza kubabira mukabigumiza ku mutima ntimubiserure. Imana Allah Irazi ko muzogira ico mubavuzeko bakigandaye, ariko rero, ntimuzobizeze mw’ibanga ngo mugire ico mukoze[44] mwiherereye ico kiringo kitararangira, kiretse nko kubabwira akajambo keza[45]. Ntimuzotegure kubabira mu gihe bakigandaye imbere yuko ikiringo kirangira. Muraheza rero mumenye ko Imana Allah Izi ivyo muhishije mu mitima yanyu maze muyiyubare. Muheze mumenye kandi ko Imana Allah ari Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenubwitonzi-ntangere, ntiyihutira guhana.
[44] Nko kubabira canke kubashurashuza.
[45] Nko kuvuga uti: “Abagabo barakeneye umukenyezi yiyubashe nkawe!” .
Ang mga Tafsir na Arabe:
لَّا جُنَاحَ عَلَيۡكُمۡ إِن طَلَّقۡتُمُ ٱلنِّسَآءَ مَا لَمۡ تَمَسُّوهُنَّ أَوۡ تَفۡرِضُواْ لَهُنَّ فَرِيضَةٗۚ وَمَتِّعُوهُنَّ عَلَى ٱلۡمُوسِعِ قَدَرُهُۥ وَعَلَى ٱلۡمُقۡتِرِ قَدَرُهُۥ مَتَٰعَۢا بِٱلۡمَعۡرُوفِۖ حَقًّا عَلَى ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Nta caha kuri mwebwe abagabo mu gihe mwokwahukana n’abakenyezi inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse canke mubagenera inkwano. Muraheza rero muri ico gihe mugire ico mubatekereye: uworohewe aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, umukene na we aramutekerera yisunze ubushobozi bwiwe, kugira ngo amushumbushe ku neza. Iryo ni itegeko ryubahirizwa n’abagwaneza.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَإِن طَلَّقۡتُمُوهُنَّ مِن قَبۡلِ أَن تَمَسُّوهُنَّ وَقَدۡ فَرَضۡتُمۡ لَهُنَّ فَرِيضَةٗ فَنِصۡفُ مَا فَرَضۡتُمۡ إِلَّآ أَن يَعۡفُونَ أَوۡ يَعۡفُوَاْ ٱلَّذِي بِيَدِهِۦ عُقۡدَةُ ٱلنِّكَاحِۚ وَأَن تَعۡفُوٓاْ أَقۡرَبُ لِلتَّقۡوَىٰۚ وَلَا تَنسَوُاْ ٱلۡفَضۡلَ بَيۡنَكُمۡۚ إِنَّ ٱللَّهَ بِمَا تَعۡمَلُونَ بَصِيرٌ
Nimwahukana n’abakenyezi rero inyuma yo gushingirwa, imbere yuko murangurana amabanga y’abubatse, mwaramaze kubagenera inkwano, ico gihe mutegerezwa kubahereza igice c’inkwano zumvikanweko, kiretse mu gihe abo bakenyezi bemeye kugiheba, canke abagabo bakemera kubahebera ikindi gice. Nimwaheberanira rero, ni vyo bizobegereza kurusha ku gutinya no kwumvira Imana Allah, kandi ntimuzokwibagire ineza n’ubugwaneza buri hagati yanyu. Mu vy’ukuri, Imana Allah ivyo mukora vyose Irabibona neza, ni Nyenukubona, kandi Izobibahembera.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-Baqarah
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti - Indise ng mga Salin

Isinalin ni Yusuf Ghayiti. Inilabas ng Pundasyong Afrikano ng Paglago.

Isara