Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Indise ng mga Salin

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Ayah: (40) Surah: Al-Hajj
ٱلَّذِينَ أُخۡرِجُواْ مِن دِيَٰرِهِم بِغَيۡرِ حَقٍّ إِلَّآ أَن يَقُولُواْ رَبُّنَا ٱللَّهُۗ وَلَوۡلَا دَفۡعُ ٱللَّهِ ٱلنَّاسَ بَعۡضَهُم بِبَعۡضٖ لَّهُدِّمَتۡ صَوَٰمِعُ وَبِيَعٞ وَصَلَوَٰتٞ وَمَسَٰجِدُ يُذۡكَرُ فِيهَا ٱسۡمُ ٱللَّهِ كَثِيرٗاۗ وَلَيَنصُرَنَّ ٱللَّهُ مَن يَنصُرُهُۥٓۚ إِنَّ ٱللَّهَ لَقَوِيٌّ عَزِيزٌ
Abasohowe mu zabo hatisunzwe ukuri, bakomorwa ata kindi bazira atari uko bavuga bati: “Imana yacu Rurema ni Allah”. Iyo hataba ingingo yashinzwe n’Imana Allah yo kurenganura uwarenganijwe ku neza y’idini, hamwe no kwamirira kure inabi mu kurekurira abemeramana kwivuna umwansi ku rugamba, ukuri kwari kuneshwa, ubwononyi na bwo bukiganza kw’isi, maze amasengero[9] n’imisigiti biyagirwamwo kenshi izina ry’Imana Allah, bigasenyurwa. Ni ukuri, Imana Allah Itabara abaharanira idini ryayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyeninguvu, Nyenintsinzi-Mutaneshwa;
[9] SWAWAAMI’U ni ubwiherero bw’abihebeye Imana. BIYA’U ni isengero ry’abanaswara. SWALAWAATU ni ahantu abayahudi basengera. MASAAJIDI ni ahantu abislamu basengera.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Ayah: (40) Surah: Al-Hajj
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - الترجمة الكيروندية - Indise ng mga Salin

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Isara