Check out the new design

Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti * - Indise ng mga Salin

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-Mā’idah   Ayah:
سَمَّٰعُونَ لِلۡكَذِبِ أَكَّٰلُونَ لِلسُّحۡتِۚ فَإِن جَآءُوكَ فَٱحۡكُم بَيۡنَهُمۡ أَوۡ أَعۡرِضۡ عَنۡهُمۡۖ وَإِن تُعۡرِضۡ عَنۡهُمۡ فَلَن يَضُرُّوكَ شَيۡـٔٗاۖ وَإِنۡ حَكَمۡتَ فَٱحۡكُم بَيۡنَهُم بِٱلۡقِسۡطِۚ إِنَّ ٱللَّهَ يُحِبُّ ٱلۡمُقۡسِطِينَ
Bumviriza ikinyoma bakihereza n’amatungo azira[15]. Nibaramuka rero baje kugucisha urubanza, urarubacira canke ubirengagize. Niwabirengagiza ukareka kurubacira, nta na kimwe bazokugira cokubangamira. Niwarubacira naho, urabacira urugororotse rutunganye. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda intungane mu guca imanza.
[15] Nka ruswa, inyungu izira (riba) n’impongano y’ubushurashuzi.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَكَيۡفَ يُحَكِّمُونَكَ وَعِندَهُمُ ٱلتَّوۡرَىٰةُ فِيهَا حُكۡمُ ٱللَّهِ ثُمَّ يَتَوَلَّوۡنَ مِنۢ بَعۡدِ ذَٰلِكَۚ وَمَآ أُوْلَٰٓئِكَ بِٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Bishoboka gute ko bagucisha imanza mu gihe batakwemera, kandi bafise Tawurati irimwo ingingo z’Imana Allah zitomoye ku vyo bagucishako imanza, hanyuma wamara gufata ingingo badashima, bagasubira inyuma bayinebagura kuko idahuye n’ivyipfuzo vyabo! Abarangwa n’izo ngeso rero, ntibemera Imana Allah, ntibanemera n’ingingo ubashikiriza.
Ang mga Tafsir na Arabe:
إِنَّآ أَنزَلۡنَا ٱلتَّوۡرَىٰةَ فِيهَا هُدٗى وَنُورٞۚ يَحۡكُمُ بِهَا ٱلنَّبِيُّونَ ٱلَّذِينَ أَسۡلَمُواْ لِلَّذِينَ هَادُواْ وَٱلرَّبَّٰنِيُّونَ وَٱلۡأَحۡبَارُ بِمَا ٱسۡتُحۡفِظُواْ مِن كِتَٰبِ ٱللَّهِ وَكَانُواْ عَلَيۡهِ شُهَدَآءَۚ فَلَا تَخۡشَوُاْ ٱلنَّاسَ وَٱخۡشَوۡنِ وَلَا تَشۡتَرُواْ بِـَٔايَٰتِي ثَمَنٗا قَلِيلٗاۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَٰفِرُونَ
Mu vy’ukuri, Twebwe Allah Twamanuye Tawurati irimwo uburongozi n’umuco werekana ingingo z’Imana Allah, zisungwa n’Abavugishwamana bicishije bugufi, bakubahiriza n’amabwirizwa yayo mu gutunganiriza abayahudi. Izo ngingo rero kandi zikisungwa n’abasenzi hamwe n’abamenyi mu bayahudi, mu kwubahiriza ivyo baragijwe n’Abavugishwamana ko bigisha iyubahirizwa ry’ibiri mu Gitabu ca Tawurati, bakazoba ari n’ivyabona ko Abavugishwamana batunganirije abayahudi bisunze ingingo ziri muri Tawurati. Imana Allah Yabwiye abo basenzi n’abamenyi Iti: “Ntimugatinye rero abantu mu kwubahiriza ingingo zanje kuko ata co bazobungura, eka nta n’ico bazobicira, muraheza rero muntinye Jewe Allah, kandi ntimugafate Aayah zanje ngo muziguze ibintu vy’agaciro gato cane, canke ngo muzihindure mu kutubahiriza ingingo zanje”. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo bagarariji koko.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَكَتَبۡنَا عَلَيۡهِمۡ فِيهَآ أَنَّ ٱلنَّفۡسَ بِٱلنَّفۡسِ وَٱلۡعَيۡنَ بِٱلۡعَيۡنِ وَٱلۡأَنفَ بِٱلۡأَنفِ وَٱلۡأُذُنَ بِٱلۡأُذُنِ وَٱلسِّنَّ بِٱلسِّنِّ وَٱلۡجُرُوحَ قِصَاصٞۚ فَمَن تَصَدَّقَ بِهِۦ فَهُوَ كَفَّارَةٞ لَّهُۥۚ وَمَن لَّمۡ يَحۡكُم بِمَآ أَنزَلَ ٱللَّهُ فَأُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلظَّٰلِمُونَ
Twaranategetse abayahudi muri Tawurati ko uwishe yicwa, uwumenye ijisho amenwa ijisho, uwuciye izuru acibwa izuru, uwuciye ugutwi acibwa ugutwi n’uwukuye iryinyo akurwa iryinyo, n’uko uwuteye inguma aterwa inguma mu kwihora. Abatisunga rero ingingo zamanuwe n’Imana Allah mu gutunganiriza abantu, maze bakazihindagura, canke bakazirenzako uruhu rw’amazi, bagaheza bakisunga izindi ngingo zitamanuwe na Yo mu gutunganiriza abagiriraniye nabi, mu ntumbero yo guhakana ingingo zayo, abo rero ni bo birenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-Mā’idah
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti - Indise ng mga Salin

Isinalin ni Yusuf Ghayiti. Inilabas ng Pundasyong Afrikano ng Paglago.

Isara