Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Indise ng mga Salin

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Ayah: (99) Surah: Al-An‘ām
وَهُوَ ٱلَّذِيٓ أَنزَلَ مِنَ ٱلسَّمَآءِ مَآءٗ فَأَخۡرَجۡنَا بِهِۦ نَبَاتَ كُلِّ شَيۡءٖ فَأَخۡرَجۡنَا مِنۡهُ خَضِرٗا نُّخۡرِجُ مِنۡهُ حَبّٗا مُّتَرَاكِبٗا وَمِنَ ٱلنَّخۡلِ مِن طَلۡعِهَا قِنۡوَانٞ دَانِيَةٞ وَجَنَّٰتٖ مِّنۡ أَعۡنَابٖ وَٱلزَّيۡتُونَ وَٱلرُّمَّانَ مُشۡتَبِهٗا وَغَيۡرَ مُتَشَٰبِهٍۗ ٱنظُرُوٓاْ إِلَىٰ ثَمَرِهِۦٓ إِذَآ أَثۡمَرَ وَيَنۡعِهِۦٓۚ إِنَّ فِي ذَٰلِكُمۡ لَأٓيَٰتٖ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ni na Yo Ituma imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, gutyo Twebwe Allah Tukanagisha ibiterwa vy’ubwoko bwose, Tugaheza Tukabikuramwo ibiterwa n’ibiti bibisi, maze Tugakura muri nya biterwa intete zicucikiranye[15], Tugakura no mu gitutwe [16] c’itende ivyamwa vy’itende zamurwa vyoroshe, Tukanagira imirima y’ivyamwa vy’imizabibu, imizayituni n’imikomamanga, vyose ugasanga birasa ku mababi, bigatandukana mu ndemo, ibara n’akanovera k’ivyamwa. Bantu! Ehe nimurabe rero ivyo vyamwa iyo bigeze gushurika n’iyo vyeze hageze kuvyamura! Mu vy’ukuri, muri ivyo vyose rero, harimwo ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha bw’Imana Allah mu kurema, ku bantu bayemera bakubahiriza n’amabwirizwa yayo.
[15] Nk’ingano n’umuceri, n’ibindi.
[16] Igitutwe, ni agasaho itende ishurikiramwo gaheza kakisatura hageze ko iheka amashurwe. Kameze nka karya amasaka, inazi canke ikigazi bishurikiramwo.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Ayah: (99) Surah: Al-An‘ām
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - الترجمة الكيروندية - Indise ng mga Salin

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Isara