Check out the new design

Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti * - Indise ng mga Salin

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-A‘rāf   Ayah:
وَلَوۡ أَنَّ أَهۡلَ ٱلۡقُرَىٰٓ ءَامَنُواْ وَٱتَّقَوۡاْ لَفَتَحۡنَا عَلَيۡهِم بَرَكَٰتٖ مِّنَ ٱلسَّمَآءِ وَٱلۡأَرۡضِ وَلَٰكِن كَذَّبُواْ فَأَخَذۡنَٰهُم بِمَا كَانُواْ يَكۡسِبُونَ
Iyo abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa bemera Intumwa z’Imana barungikiwe, bakazikurikira, bakanubahiriza n’amabwirizwa y’Imana Allah, ni ukuri Twebwe Allah Twari kubugururira imiryango y’ivyiza bibabeshaho biturutse kw’icuncubuka ry’imvura izananye mu kirere ku gihe, bagaheza bakarima bakimbura, ariko rero barahakanye, Dushoka Tubahanira ivyaha vy'ivyo bari bararondeye kw'isi.
Ang mga Tafsir na Arabe:
أَفَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا بَيَٰتٗا وَهُمۡ نَآئِمُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara vyashikiriwe n’ubutumwa, bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, ko batoshikirwa n’ibihano mu gihe baryamye!
Ang mga Tafsir na Arabe:
أَوَأَمِنَ أَهۡلُ ٱلۡقُرَىٰٓ أَن يَأۡتِيَهُم بَأۡسُنَا ضُحٗى وَهُمۡ يَلۡعَبُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara bibaza ko batekaniwe kudahanwa n’Imana Allah, batoshikirwa n’ibihano mu gihe bari mu mirimo ya misi yose mu gitondo[15] ata co binona!
[15] Imana Allah Yavuze canecane ibi bihe bibiri, igihe baryamye mw’ijoro n’igihe bari ku mirimo ya misi yose mu gitondo, kuko ibihano bishikira umuntu muri ivyo bihe, bibabaza cane bigatera agahinda.
Ang mga Tafsir na Arabe:
أَفَأَمِنُواْ مَكۡرَ ٱللَّهِۚ فَلَا يَأۡمَنُ مَكۡرَ ٱللَّهِ إِلَّا ٱلۡقَوۡمُ ٱلۡخَٰسِرُونَ
Mbega abantu bo mu bisagara vyagararije, bibaza ko batekaniwe ku gutenyenya kw’Imana Allah mu kutabahana, Igaheza Ikabandanya kubaronsa inema zayo kugira Ibakwegere mu bihano bukebuke bakiri kw’isi! Burya nta wokwijajara ngo asye bwose ngo aratekaniwe ku kudahanwa n’Imana Allah, kiretse abantu bahomvye ubuzima bwabo.
Ang mga Tafsir na Arabe:
أَوَلَمۡ يَهۡدِ لِلَّذِينَ يَرِثُونَ ٱلۡأَرۡضَ مِنۢ بَعۡدِ أَهۡلِهَآ أَن لَّوۡ نَشَآءُ أَصَبۡنَٰهُم بِذُنُوبِهِمۡۚ وَنَطۡبَعُ عَلَىٰ قُلُوبِهِمۡ فَهُمۡ لَا يَسۡمَعُونَ
Mbega abakurakuranwa kuba kw’isi, inyuma y’ihonywa ry’abakurambere babo bitewe n’ivyaha bakoze, ntibarabona ko iyo Dushaka Twari kubahanira ibicumuro vyabo nk’abo hambere yabo, Tukanatera ikimangu c’ubuhakanyi ku mitima yabo, gutyo ntibashobore kwumva inyigisho ngo zibanyure!
Ang mga Tafsir na Arabe:
تِلۡكَ ٱلۡقُرَىٰ نَقُصُّ عَلَيۡكَ مِنۡ أَنۢبَآئِهَاۚ وَلَقَدۡ جَآءَتۡهُمۡ رُسُلُهُم بِٱلۡبَيِّنَٰتِ فَمَا كَانُواْ لِيُؤۡمِنُواْ بِمَا كَذَّبُواْ مِن قَبۡلُۚ كَذَٰلِكَ يَطۡبَعُ ٱللَّهُ عَلَىٰ قُلُوبِ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ntumwa y’Imana! Ivyo bisagara Tukudondaguriye rero[16], ivyashikiye ababibamwo birimwo urwibutso ku bibuka, harimwo n’igabisha ku ntumva. Ni ukuri, abantu bo muri nya bisagara barashikiriwe n’Intumwa zabo zibangikanije ivyemezo vyerekana ukuri kwazo, ariko ntibigeze bazemera ku kubera ihakana ryabo ry’ukuri bazaniwe. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Yateye ikimangu ku mitima yabo ntibemera - Itera ikimangu ku mitima y’abagararije Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
[16] Ni ibisagara vy’abantu barungikiwe Nuhu, abarungikiwe Huudi, abarungikiwe Swalehe, abarungikiwe Luutwi n’abarungikiwe Shu’ayibu.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَمَا وَجَدۡنَا لِأَكۡثَرِهِم مِّنۡ عَهۡدٖۖ وَإِن وَجَدۡنَآ أَكۡثَرَهُمۡ لَفَٰسِقِينَ
Abenshi mu bahakanyi bo muri ivyo bisagara, Twasanze ata n’isezerano bubahiriza, kandi twanasanze abenshi muri bo ari ibigaba birenga ku mabwirizwa yacu Twebwe Allah.
Ang mga Tafsir na Arabe:
ثُمَّ بَعَثۡنَا مِنۢ بَعۡدِهِم مُّوسَىٰ بِـَٔايَٰتِنَآ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ وَمَلَإِيْهِۦ فَظَلَمُواْ بِهَاۖ فَٱنظُرۡ كَيۡفَ كَانَ عَٰقِبَةُ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Ntumwa y'Imana! Mu nyuma y’izo Ntumwa rero, ni ho kandi Twatuma Musa mwene Amraani, Tumurungikana ivyemezo vyacu bigaragara kwa Firawuni n’abantu biwe, baraheza barirenganya mu kugarariza nya vyemezo. Ehe raba ukuntu Twabahanye, Tukabasomesha nturi bose! Iryo rero, ni ryo herezo ry’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَقَالَ مُوسَىٰ يَٰفِرۡعَوۡنُ إِنِّي رَسُولٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa yabwiye Firawuni ati: “Jewe mu vy’ukuri, ndi Intumwa ivuye ku Mana Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Surah: Al-A‘rāf
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti - Indise ng mga Salin

Isinalin ni Yusuf Ghayiti. Inilabas ng Pundasyong Afrikano ng Paglago.

Isara