Check out the new design

قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی * - ترجمے کی لسٹ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

معانی کا ترجمہ آیت: (260) سورت: بقرہ
وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ أَرِنِي كَيۡفَ تُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ قَالَ أَوَلَمۡ تُؤۡمِنۖ قَالَ بَلَىٰ وَلَٰكِن لِّيَطۡمَئِنَّ قَلۡبِيۖ قَالَ فَخُذۡ أَرۡبَعَةٗ مِّنَ ٱلطَّيۡرِ فَصُرۡهُنَّ إِلَيۡكَ ثُمَّ ٱجۡعَلۡ عَلَىٰ كُلِّ جَبَلٖ مِّنۡهُنَّ جُزۡءٗا ثُمَّ ٱدۡعُهُنَّ يَأۡتِينَكَ سَعۡيٗاۚ وَٱعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasaba kwibonera ukuntu izurwa ry’ibiremwa riba, ikavuga iti: “Mana yanje Rurema Allah! Nyereka ukuntu Uzura abapfuye!”, Imana Allah Ikamubaza Iti: “Mbega none nturemera!”, na yo isubizayo iti: “Nobuzwa n’iki kwemera! Ahubwo nshaka gusa kwongerereza ukwemera ku kwemera kwanje, maze umutima wanje uturure kurusha”. Imana Allah ni ho Yamubwira Iti: “Fata rero inyoni zine uzibage, maze uzikebagure uduceduce, hanyuma uheze unyanyagize nya duce ku musozi umwumwe, uhejeje uhamagare nya nyoni, ziraheza zikwitabe vuba bwango ari nzima. Uraheza rero umenye kandi ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”. Kukaba nkako Ibrahimu yabigenjeje nk’uko yabwiwe n’Imana Allah, agize ngo arahamagara nya nyoni, zaciye zimwitaba zinyaragasa.
عربی تفاسیر:
 
معانی کا ترجمہ آیت: (260) سورت: بقرہ
سورتوں کی لسٹ صفحہ نمبر
 
قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی - ترجمے کی لسٹ

یوسف گھیٹی کا ترجمہ۔ افریقی ڈیولپمنٹ آرگنائزیشن کی جانب سے جاری کردہ۔

بند کریں