แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية * - สารบัญ​คำแปล

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

แปลความหมาย​ อายะฮ์: (260) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
وَإِذۡ قَالَ إِبۡرَٰهِـۧمُ رَبِّ أَرِنِي كَيۡفَ تُحۡيِ ٱلۡمَوۡتَىٰۖ قَالَ أَوَلَمۡ تُؤۡمِنۖ قَالَ بَلَىٰ وَلَٰكِن لِّيَطۡمَئِنَّ قَلۡبِيۖ قَالَ فَخُذۡ أَرۡبَعَةٗ مِّنَ ٱلطَّيۡرِ فَصُرۡهُنَّ إِلَيۡكَ ثُمَّ ٱجۡعَلۡ عَلَىٰ كُلِّ جَبَلٖ مِّنۡهُنَّ جُزۡءٗا ثُمَّ ٱدۡعُهُنَّ يَأۡتِينَكَ سَعۡيٗاۚ وَٱعۡلَمۡ أَنَّ ٱللَّهَ عَزِيزٌ حَكِيمٞ
Ntumwa y’Imana! Ibuka igihe Intumwa y’Imana Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) yasaba kwibonera ukuntu izurwa ry’ibiremwa riba, ikavuga iti: “Mana yanje Rurema Allah! Nyereka ukuntu Uzura abapfuye!”, Imana Allah Ikamubaza Iti: “Mbega none nturemera!”, na yo isubizayo iti: “Nobuzwa n’iki kwemera! Ahubwo nshaka gusa kwongerereza ukwemera ku kwemera kwanje, maze umutima wanje uturure kurusha”. Imana Allah ni ho Yamubwira Iti: “Fata rero inyoni zine uzibage, maze uzikebagure uduceduce, hanyuma uheze unyanyagize nya duce ku musozi umwumwe, uhejeje uhamagare nya nyoni, ziraheza zikwitabe vuba bwango ari nzima. Uraheza rero umenye kandi ko Imana Allah ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora”. Kukaba nkako Ibrahimu yabigenjeje nk’uko yabwiwe n’Imana Allah, agize ngo arahamagara nya nyoni, zaciye zimwitaba zinyaragasa.
ตัฟสีรต่างๆ​ ภาษาอาหรับ:
 
แปลความหมาย​ อายะฮ์: (260) สูเราะฮ์: Al-Baqarah
สารบัญสูเราะฮ์ หมายเลข​หน้า​
 
แปล​ความหมาย​อัลกุรอาน​ - الترجمة الكيروندية - สารบัญ​คำแปล

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

ปิด