Check out the new design

قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی * - ترجمے کی لسٹ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

معانی کا ترجمہ سورت: اعراف   آیت:
قَالَ يَٰمُوسَىٰٓ إِنِّي ٱصۡطَفَيۡتُكَ عَلَى ٱلنَّاسِ بِرِسَٰلَٰتِي وَبِكَلَٰمِي فَخُذۡ مَآ ءَاتَيۡتُكَ وَكُن مِّنَ ٱلشَّٰكِرِينَ
Imana Allah Yabwiye Musa Iti: “Jewe mu vy’ukuri, Naragutoye mu bantu Ndakurungikana ubutumwa bwanje ngo ububashikirize, Ndanavugana na we ukuri kwamye. Kubera ivyo rero, fata nkama ivyo Naguhaye uvyubahirize, uheze ube mu bashima”.
عربی تفاسیر:
وَكَتَبۡنَا لَهُۥ فِي ٱلۡأَلۡوَاحِ مِن كُلِّ شَيۡءٖ مَّوۡعِظَةٗ وَتَفۡصِيلٗا لِّكُلِّ شَيۡءٖ فَخُذۡهَا بِقُوَّةٖ وَأۡمُرۡ قَوۡمَكَ يَأۡخُذُواْ بِأَحۡسَنِهَاۚ سَأُوْرِيكُمۡ دَارَ ٱلۡفَٰسِقِينَ
Twebwe Allah, Twarahaye Musa muri Tawurati ingingo nkenerwa mw’idini ryiwe, kugira zibe urwibutso n’itomora ry’amabwirizwa y’ibirekuwe n’ibizira, ukwemera n’inkuru z’ab’aho hambere. Musa! Kubera ivyo rero, fata nkama ayo mabwirizwa, uheze uyubahirize ata guhesha, unabwirize n’abantu bawe warungitsweko kuyubahiriza. Uwuzohirahira muri bo akayarengako, Nzoheza Ndamwereke mu buzima bw’inyuma yo gupfa icumbi ry’ibigaba birenga ku mabwirizwa yanje.
عربی تفاسیر:
سَأَصۡرِفُ عَنۡ ءَايَٰتِيَ ٱلَّذِينَ يَتَكَبَّرُونَ فِي ٱلۡأَرۡضِ بِغَيۡرِ ٱلۡحَقِّ وَإِن يَرَوۡاْ كُلَّ ءَايَةٖ لَّا يُؤۡمِنُواْ بِهَا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلرُّشۡدِ لَا يَتَّخِذُوهُ سَبِيلٗا وَإِن يَرَوۡاْ سَبِيلَ ٱلۡغَيِّ يَتَّخِذُوهُ سَبِيلٗاۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَكَانُواْ عَنۡهَا غَٰفِلِينَ
Abagira amanyama mu kutanyumvira Jewe Allah, bakanishima ku bandi kw’isi mu guhonyanga agateka kabo, Nzokebanya imishaha yabo mu kudatahura Aayah n'ivyemezo vyanje vyerekana ukuri kw’amabwirizwa yanje. Iyo babonye icemezo ico ari co cose rero, ntibaheza ngo bacemere ku kugabitanya. Iyo babonye inzira y’ubugororotsi, ntibayikurikira namba, babona inzira y’ubuhuvyi bakayikurikira. Ivyo rero bigaterwa n’uko bahakanye bivuye inyuma Aayah n'ivyemezo vyacu, bakanavyirengagiza bakigira ba sindabibazwa.
عربی تفاسیر:
وَٱلَّذِينَ كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا وَلِقَآءِ ٱلۡأٓخِرَةِ حَبِطَتۡ أَعۡمَٰلُهُمۡۚ هَلۡ يُجۡزَوۡنَ إِلَّا مَا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Abahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu, bagahakana n’uko bazohura n'Imana Allah mu buzima bw’inyuma yo gupfa, ibikorwa vyabo bizocika impfagusa kuko batemera Imana Allah. Mbega none muri ico gihe, ugira ngo bazohembwa kiretse ku bikorwa bari barakoze kw’isi!
عربی تفاسیر:
وَٱتَّخَذَ قَوۡمُ مُوسَىٰ مِنۢ بَعۡدِهِۦ مِنۡ حُلِيِّهِمۡ عِجۡلٗا جَسَدٗا لَّهُۥ خُوَارٌۚ أَلَمۡ يَرَوۡاْ أَنَّهُۥ لَا يُكَلِّمُهُمۡ وَلَا يَهۡدِيهِمۡ سَبِيلًاۘ ٱتَّخَذُوهُ وَكَانُواْ ظَٰلِمِينَ
Inyuma y’aho Musa agiriye kuvugana n’Imana Allah, abantu biwe bafashe igishusho c’ishashi y’inka cabumbwe mu nzahabu n'uwitwa Al-Saamiriy, umuyaga wahuhuta kikamoka nk’inka, baraheza bakigira ikigirwamana baragisenga. Mbega ntibamenye ko ico gishusho c’ishashi y’inka kidashoboye kubavugisha, vyongeye kitanashoboye no kubarongora mu nzira nziza! Barahejeje rero bakigira ikigirwamana, bari no mu birenganije mu gusenga ikitari Imana Allah.
عربی تفاسیر:
وَلَمَّا سُقِطَ فِيٓ أَيۡدِيهِمۡ وَرَأَوۡاْ أَنَّهُمۡ قَدۡ ضَلُّواْ قَالُواْ لَئِن لَّمۡ يَرۡحَمۡنَا رَبُّنَا وَيَغۡفِرۡ لَنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Bene Israyeli basenze nya gishusho c’ishashi y’inka mu gishingo c’Imana Allah, igihe baboneye neza ko mu vy’ukuri bahuvye inzira bakicuza, bahavuye bigaya, bavuga bati: “Imana yacu Rurema Allah, nitatugirira impuhwe Ikatwakirira ukwigaya kwacu, Ikanatugumiriza akabanga ku vyaha vyacu ntibiduhanire, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo”.
عربی تفاسیر:
 
معانی کا ترجمہ سورت: اعراف
سورتوں کی لسٹ صفحہ نمبر
 
قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی - ترجمے کی لسٹ

یوسف گھیٹی کا ترجمہ۔ افریقی ڈیولپمنٹ آرگنائزیشن کی جانب سے جاری کردہ۔

بند کریں