Check out the new design

قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی * - ترجمے کی لسٹ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

معانی کا ترجمہ سورت: اعراف   آیت:
إِنَّ وَلِـِّۧيَ ٱللَّهُ ٱلَّذِي نَزَّلَ ٱلۡكِتَٰبَۖ وَهُوَ يَتَوَلَّى ٱلصَّٰلِحِينَ
Mu vy’ukuri, Umuhagarikizi wanje ni Imana Allah, ni Yo Imbungabunga Ikantabara, ni Yo Yamanuriye Igitabu Qor’ani, ni na Yo Ibungabunga aberanda mu biremwa vyayo, Ikabateturura;
عربی تفاسیر:
وَٱلَّذِينَ تَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦ لَا يَسۡتَطِيعُونَ نَصۡرَكُمۡ وَلَآ أَنفُسَهُمۡ يَنصُرُونَ
Nayo ivyo musaba mu gishingo c’Imana Allah, ntibishoboye kubatabara ngo bibakingire inabi, eka na vyo nyene ntibishoboye kwikingira inabi;
عربی تفاسیر:
وَإِن تَدۡعُوهُمۡ إِلَى ٱلۡهُدَىٰ لَا يَسۡمَعُواْۖ وَتَرَىٰهُمۡ يَنظُرُونَ إِلَيۡكَ وَهُمۡ لَا يُبۡصِرُونَ
No mu gihe rero mworarikira ivyo musenga mu bigirwamana gutumbera inzira igororotse, ntivyokwumva irarika ryanyu". Ntumwa y’Imana! Uranabona ababangikanyamana bariko barakuraba wibaza ngo barakubona, kandi batabona namba.
عربی تفاسیر:
خُذِ ٱلۡعَفۡوَ وَأۡمُرۡ بِٱلۡعُرۡفِ وَأَعۡرِضۡ عَنِ ٱلۡجَٰهِلِينَ
Muvugishwamana! Abantu ivyo bashoboye mu bikorwa n’imigenzo myiza, urabibakirira maze ubibashimire uko bingana kwose, ntukabasabe ivyo badashoboye. Babwirize no kugira ineza mu mvugo n’ingiro, uheze wirengagize inshirasoni.
عربی تفاسیر:
وَإِمَّا يَنزَغَنَّكَ مِنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ نَزۡغٞ فَٱسۡتَعِذۡ بِٱللَّهِۚ إِنَّهُۥ سَمِيعٌ عَلِيمٌ
Niwashikirwa n’inyoshambi za shetani zituma wotwarwa n’agashavu canke wokwihora, uraheza wikinge ku Mana Allah Igukingire izo nyoshambi, mu vy’ukuri ni Yo Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo mukora.
عربی تفاسیر:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّقَوۡاْ إِذَا مَسَّهُمۡ طَٰٓئِفٞ مِّنَ ٱلشَّيۡطَٰنِ تَذَكَّرُواْ فَإِذَا هُم مُّبۡصِرُونَ
Mu vy’ukuri, abagamburukira Imana Allah iyo bakozweko n’inyoshambi za shetani, baca bagaruka ku Mana Allah bakigaya, bagashoka bavavanura n’ibicumuro.
عربی تفاسیر:
وَإِخۡوَٰنُهُمۡ يَمُدُّونَهُمۡ فِي ٱلۡغَيِّ ثُمَّ لَا يُقۡصِرُونَ
Abanywanyi ba shetani mu bantu, baterwa ingoga n’amashetani mu majini zo kubandanya mu buhuvyi, nya mashetani agaheza agakora yita ku rutare mu kubahubisha, maze na bo bagakorana umwete mu gushira mu ngiro inyoshambi zayo.
عربی تفاسیر:
وَإِذَا لَمۡ تَأۡتِهِم بِـَٔايَةٖ قَالُواْ لَوۡلَا ٱجۡتَبَيۡتَهَاۚ قُلۡ إِنَّمَآ أَتَّبِعُ مَا يُوحَىٰٓ إِلَيَّ مِن رَّبِّيۚ هَٰذَا بَصَآئِرُ مِن رَّبِّكُمۡ وَهُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّقَوۡمٖ يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Iyo utabashikirije icemezo cerekana ukuri wazanye, baca bavuga bati: “Ubwo ntiwopfuma urementanya icemezo!”. Babwire uti: “Mu vy’ukuri, burya jewe nkurikira ivyo nahishuriwe n’Imana yanje Rurema Allah muri iyi Qor’ani. Muri iyo Qor’ani, harimwo ivyemezo bitomoye, uburongozi n’impuhwe ku bemeramana”.
عربی تفاسیر:
وَإِذَا قُرِئَ ٱلۡقُرۡءَانُ فَٱسۡتَمِعُواْ لَهُۥ وَأَنصِتُواْ لَعَلَّكُمۡ تُرۡحَمُونَ
Qor’ani iyo isomwe, ba muyumviriza mucereje, muheze muyitahure muyizirikane, kugira mugirirwe impuhwe n’Imana Allah.
عربی تفاسیر:
وَٱذۡكُر رَّبَّكَ فِي نَفۡسِكَ تَضَرُّعٗا وَخِيفَةٗ وَدُونَ ٱلۡجَهۡرِ مِنَ ٱلۡقَوۡلِ بِٱلۡغُدُوِّ وَٱلۡأٓصَالِ وَلَا تَكُن مِّنَ ٱلۡغَٰفِلِينَ
Ntumwa y’Imana! Uraheza rero uninahaze wongere utazire Imana yawe Rurema Allah mw’ijwi ry’uwongorera, utakambe wicisha bugufi, unayisabe mw’ijwi riciye bugufi udaciramwo abandi mu gitondo n'umugoroba, kandi ntuzobe na gato mu bantu bagoswe, batibuka kuninahaza no gutazira Imana Allah.
عربی تفاسیر:
إِنَّ ٱلَّذِينَ عِندَ رَبِّكَ لَا يَسۡتَكۡبِرُونَ عَنۡ عِبَادَتِهِۦ وَيُسَبِّحُونَهُۥ وَلَهُۥ يَسۡجُدُونَۤ۩
Mu vy’ukuri, abamalayika bari ku Mana yawe Rurema Allah, ntibigera bagira amanyama ngo birengagize ukwiyegereza Imana Allah mu vyo bakora vyose banayisenga, ahubwo barubahiriza amabwirizwa yayo, kandi barayitagatifuza ijoro n’umurango, bakanayubamira batayibangikanya.
عربی تفاسیر:
 
معانی کا ترجمہ سورت: اعراف
سورتوں کی لسٹ صفحہ نمبر
 
قرآن کریم کے معانی کا ترجمہ - کیرونڈی ترجمہ - یوسف گھیٹی - ترجمے کی لسٹ

یوسف گھیٹی کا ترجمہ۔ افریقی ڈیولپمنٹ آرگنائزیشن کی جانب سے جاری کردہ۔

بند کریں