Check out the new design

Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti * - Mục lục các bản dịch

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Isra'   Câu:
إِلَّا رَحۡمَةٗ مِّن رَّبِّكَۚ إِنَّ فَضۡلَهُۥ كَانَ عَلَيۡكَ كَبِيرٗا
Ariko rero Imana yawe Rurema Allah Yarakugiriye impuhwe, maze Itsimbataza Qor’ani mu mushaha wawe. Mu vy’ukuri, impano zayo kuri wewe zamye ari nta ngere[361].
[361] Zimwe mu ngabirano Imana Allah Yahaye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ni uko Yayihaye Qor’ani ntagatifu, Iyigenera igihagararo kizoshimwa n’ibiremwa ku musi w’izuka, n’ibindi rero Itigeze Iha n’umwe mu biremwa.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
قُل لَّئِنِ ٱجۡتَمَعَتِ ٱلۡإِنسُ وَٱلۡجِنُّ عَلَىٰٓ أَن يَأۡتُواْ بِمِثۡلِ هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ لَا يَأۡتُونَ بِمِثۡلِهِۦ وَلَوۡ كَانَ بَعۡضُهُمۡ لِبَعۡضٖ ظَهِيرٗا
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “N’aho abantu n’amajini bari kwiyunga, bakaja hamwe kugira bazane nk’iyi Qor’ani y’igitangaza, ntibari gupfa bazanye nkayo mu ndimburo no mw’itomora ry’ingingo n’amabwirizwa yayo. N’iyo bari kurarikana hagati yabo kugira bagerageze, nta vyo bari gushobora namba”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
وَلَقَدۡ صَرَّفۡنَا لِلنَّاسِ فِي هَٰذَا ٱلۡقُرۡءَانِ مِن كُلِّ مَثَلٖ فَأَبَىٰٓ أَكۡثَرُ ٱلنَّاسِ إِلَّا كُفُورٗا
Ni ukuri Twebwe Allah, Twaratomoreye abantu bikwiye muri Qor’ani, mu gutanga uburorero butandukanye bwotuma banyurwa bakikebuka, bagaheza bakubahiriza nya burorero mu kubugendera, ariko abenshi mu bantu bahisemwo kugarariza ukuri, baraheza barahakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
وَقَالُواْ لَن نُّؤۡمِنَ لَكَ حَتَّىٰ تَفۡجُرَ لَنَا مِنَ ٱلۡأَرۡضِ يَنۢبُوعًا
Ababangikanyamana bamaze kuganzwa na Qor’ani, baciye basaba ko bohabwa ibitangaro nk’uko bavyipfuza, maze bavuga bati: “Muhama! Ntiturota tukwemera namba ngo dukore ivyo ushaka, utabanje kuducira iriba ry’amazi atemba ku gataka k’igisagara ca Makka;
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَوۡ تَكُونَ لَكَ جَنَّةٞ مِّن نَّخِيلٖ وَعِنَبٖ فَتُفَجِّرَ ٱلۡأَنۡهَٰرَ خِلَٰلَهَا تَفۡجِيرًا
Canke ugire umurima wiharije ugizwe n’ibiti vy’itende n’imizabibu, uheze uwucirire n'inzuzi zitemba mu migende yawo;
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَوۡ تُسۡقِطَ ٱلسَّمَآءَ كَمَا زَعَمۡتَ عَلَيۡنَا كِسَفًا أَوۡ تَأۡتِيَ بِٱللَّهِ وَٱلۡمَلَٰٓئِكَةِ قَبِيلًا
Canke ijuru ritugweko nk’uko watuburiye, canke utuzanire Imana Allah n’abamalayika bayo tubibonere ukuri kwamye;
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَوۡ يَكُونَ لَكَ بَيۡتٞ مِّن زُخۡرُفٍ أَوۡ تَرۡقَىٰ فِي ٱلسَّمَآءِ وَلَن نُّؤۡمِنَ لِرُقِيِّكَ حَتَّىٰ تُنَزِّلَ عَلَيۡنَا كِتَٰبٗا نَّقۡرَؤُهُۥۗ قُلۡ سُبۡحَانَ رَبِّي هَلۡ كُنتُ إِلَّا بَشَرٗا رَّسُولٗا
Canke wigirire inzu itatswe n’inzahabu, canke uduge mw’ijuru uciye ku ngazi, kandi ntituzokwemera ko waduzeyo utabanje kugaruka ufise igitabu kivuye ku Mana Allah, maze twisomere muri nya gitabu ko wewe uri Intumwa y’Imana Allah vy’ukuri”. Ntumwa y’Imana! Bwira abo bagarariji uti: “Nihaninahazwe Imana yanje Rurema Allah! Mbega jewe ndi igiki ku Mana Allah, cotuma ndayitegeka kubazanira ibitangaro mwipfuza! Nta co ndi, kiretse kuba ndi umuntu nkaba n’Intumwa, nshikiriza ubutumwa bwayo nk’uko Yabundungikanye”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
وَمَا مَنَعَ ٱلنَّاسَ أَن يُؤۡمِنُوٓاْ إِذۡ جَآءَهُمُ ٱلۡهُدَىٰٓ إِلَّآ أَن قَالُوٓاْ أَبَعَثَ ٱللَّهُ بَشَرٗا رَّسُولٗا
Nta cabujije rero abagarariji kwemera Imana n’Intumwa yayo igihe bashikirwa n’uburongozi buvuye ku Mana Allah, kiretse ijambo bavuze bahakana bati: “Ni gute Imana Allah Yorungika Intumwa ivuye mu bantu!”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
قُل لَّوۡ كَانَ فِي ٱلۡأَرۡضِ مَلَٰٓئِكَةٞ يَمۡشُونَ مُطۡمَئِنِّينَ لَنَزَّلۡنَا عَلَيۡهِم مِّنَ ٱلسَّمَآءِ مَلَكٗا رَّسُولٗا
Ntumwa y’Imana! Gondoza ababangikanyamana, ubabwire uti: “Iyo kw’isi haza kuba abamalayika bagendagenda batekaniwe, ni ukuri Twebwe Allah, Twari kubarungikira Intumwa ivuye mu bamalayika nkabo[362]”.
[362] Intumwa irungikwa ku bantu ivuye muri bo kugira ishikirize ubutumwa mu rurimi bumva, batahura.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
قُلۡ كَفَىٰ بِٱللَّهِ شَهِيدَۢا بَيۡنِي وَبَيۡنَكُمۡۚ إِنَّهُۥ كَانَ بِعِبَادِهِۦ خَبِيرَۢا بَصِيرٗا
Babwire kandi uti: “Imana Allah ubwayo Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe, ko ndi Intumwa vy’ukuri. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Muhetuziwavyose, Nyenukubona, Irazi neza ibikorwa n’abaja bayo, nta na kimwe Iyobewe”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Isra'
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti - Mục lục các bản dịch

Người dịch Yusuf Guhaiti, do Quỹ Phát triển Châu Phi phát hành

Đóng lại