Check out the new design

Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti * - Mục lục các bản dịch

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Baqarah   Câu:
وَقَالُواْ كُونُواْ هُودًا أَوۡ نَصَٰرَىٰ تَهۡتَدُواْۗ قُلۡ بَلۡ مِلَّةَ إِبۡرَٰهِـۧمَ حَنِيفٗاۖ وَمَا كَانَ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Abayahudi n’abanaswara na bo babwiye abislamu bati: “Nimuje mw’idini ry’ubuyahudi canke ry’ubunaswara, muzoba mukurikiye ukuri n’uburongozi bwiza”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Ahubwo nyabuna, ukuri n’uburongozi bwiza, ni idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera-ndemanwa, yasenga Imana Imwe Rudende Allah, kira noneho ntiyari no mu babangikanyamana”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
قُولُوٓاْ ءَامَنَّا بِٱللَّهِ وَمَآ أُنزِلَ إِلَيۡنَا وَمَآ أُنزِلَ إِلَىٰٓ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ وَٱلۡأَسۡبَاطِ وَمَآ أُوتِيَ مُوسَىٰ وَعِيسَىٰ وَمَآ أُوتِيَ ٱلنَّبِيُّونَ مِن رَّبِّهِمۡ لَا نُفَرِّقُ بَيۡنَ أَحَدٖ مِّنۡهُمۡ وَنَحۡنُ لَهُۥ مُسۡلِمُونَ
Bislamu! Nimwishure abayahudi n’abanaswara muvuge muti: “Twaremeye Imana Imwe Rudende Allah, Qor’ani Yatumanuriye ihishuriwe Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); twaremeye n’ivyo Yamanuriye Intumwa zayo: Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe; twaremeye na Tawurati yahawe Intumwa Musa, Injili yahawe Intumwa Isa mwene Mariyamu, hamwe rero n’ivyahawe Abavugishwamana bose bivuye ku Mana yabo Rurema Allah. Ntituvangura namba rero hagati yabo ngo twemere uyu duhakane uriya, tubemera bose. Kandi rero twebwe ku Mana Allah turi abislamu twicisha bugufi mu kuyiyegereza mu vyo dukora vyose tukayisenga tutayibangikanya”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
فَإِنۡ ءَامَنُواْ بِمِثۡلِ مَآ ءَامَنتُم بِهِۦ فَقَدِ ٱهۡتَدَواْۖ وَّإِن تَوَلَّوۡاْ فَإِنَّمَا هُمۡ فِي شِقَاقٖۖ فَسَيَكۡفِيكَهُمُ ٱللَّهُۚ وَهُوَ ٱلسَّمِيعُ ٱلۡعَلِيمُ
Abahawe Igitabu rero hamwe n’abandi bagarariji bose, nibemera nk’ivyo mwemeye vyose, bazoba batumbereye inzira y’ukuri kuzima. Nibagenza umugongo bakirengagiza naho, ni ukuri bazoba bari mu nzira y’urwanko iciye kubiri n’ukuri. Kubera ivyo rero, Imana Allah Izogukingira inabi yabo. Ni na Yo rero Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga, Nyenubumenyikurivyose, Irazi ivyo muhisha mu mishaha yanyu.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
صِبۡغَةَ ٱللَّهِ وَمَنۡ أَحۡسَنُ مِنَ ٱللَّهِ صِبۡغَةٗۖ وَنَحۡنُ لَهُۥ عَٰبِدُونَ
Nimutsimbatare rero kw’idini ry’ubwislamu, ukwemera-ndemanwa kuvuye ku Mana Allah, nta kwemera-ndemanwa rero kwoza gusumba ukwemera ndemanwa Imana Allah Yaremanye abantu. Nimuvyemange rero maze muvuge muti: “Twebwe Iyo Mana Allah ni Yo twiyegereza mu vyo dukora vyose tukanayisenga mu gukurikira idini rya Ibrahimu ry’ubwislamu”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
قُلۡ أَتُحَآجُّونَنَا فِي ٱللَّهِ وَهُوَ رَبُّنَا وَرَبُّكُمۡ وَلَنَآ أَعۡمَٰلُنَا وَلَكُمۡ أَعۡمَٰلُكُمۡ وَنَحۡنُ لَهُۥ مُخۡلِصُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abahawe Igitabu uti: “Mbega muduhaririza ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah kandi ari Yo Mana yacu Ikaba ari na Yo Mana yanyu Rurema, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose! Dufise ibikorwa dukora tuzohemberwa, na mwe mukagira ibikorwa mukora muzohemberwa, kandi twebwe rero tuyisenga tutayibangikanya na kimwe mu biremwa”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَمۡ تَقُولُونَ إِنَّ إِبۡرَٰهِـۧمَ وَإِسۡمَٰعِيلَ وَإِسۡحَٰقَ وَيَعۡقُوبَ وَٱلۡأَسۡبَاطَ كَانُواْ هُودًا أَوۡ نَصَٰرَىٰۗ قُلۡ ءَأَنتُمۡ أَعۡلَمُ أَمِ ٱللَّهُۗ وَمَنۡ أَظۡلَمُ مِمَّن كَتَمَ شَهَٰدَةً عِندَهُۥ مِنَ ٱللَّهِۗ وَمَا ٱللَّهُ بِغَٰفِلٍ عَمَّا تَعۡمَلُونَ
Ahubwo rero, burya muhaririza abislamu ku vyerekeye isengwa ry’Imana Imwe Rudende Allah, muvuga ko Ibrahimu, Ismayili, Is-haka, Yakubu hamwe n’Intumwa zarungitswe mu ruvyaro rwiwe, bari mw’idini ry’abayahudi canke ry’abanaswara, mu gihe abo bose babayeho bagapfa imbere y’irungikwa rya Musa na Isa mwene Mariyamu, bahawe Tawurati n’Injili! Ntumwa y’Imana! Babaze ubabwire uti: “Mbega none, ni mwebwe mwoba muzi idini ryabo kurusha Imana Allah Yabarungitse, Igahishura muri Qor’ani ko bari abislamu, bicisha bugufi mu kuyisenga batayibangikanya! Nta n’umwe rero yirenganya akimonogoza kubasumba ku kunyegeza ivyemezo mufise bivuye ku Mana Allah vyemeza ko izo Ntumwa zose zari abislamu! Burya rero Imana Allah ntiyirengagije ivyo mukora, Izobibahembera.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
تِلۡكَ أُمَّةٞ قَدۡ خَلَتۡۖ لَهَا مَا كَسَبَتۡ وَلَكُم مَّا كَسَبۡتُمۡۖ وَلَا تُسۡـَٔلُونَ عَمَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Uwo rero ni umugwi w’abakurambere banyu mu kwemera bamaze kurengana, bafise ivyiza barondeye, na mwe nyene mufise ivyiza canke ibibi mwarondeye, kandi ntimuzobazwa ku bikorwa bari barakoze, eka mbere na bo nyene ntibazobazwa ku bikorwa mwakoze[17].
[17] Iyi Aayah, irerekana ko imbere y’Imana Allah ata kwitwaza ubuvandimwe canke ubwoko, n’uko umwe wese mu biremwa azobazwa ivyo yakoze canke yagizemwo uruhara ku gatwe kiwe, n’uko kandi ukwemera kurimwo agakiza, ari ukwemera Imana Imwe Rudende Allah n’Intumwa zayo zose, hamwe rero no kuzikurikira. Uwuhakanye rero Intumwa imwe muri zo, afatwa nk’uwuhakanye Intumwa zose.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Baqarah
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti - Mục lục các bản dịch

Người dịch Yusuf Guhaiti, do Quỹ Phát triển Châu Phi phát hành

Đóng lại