Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - الترجمة الكيروندية * - Mục lục các bản dịch

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Câu: (112) Chương: Chương Ali 'Imran
ضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلذِّلَّةُ أَيۡنَ مَا ثُقِفُوٓاْ إِلَّا بِحَبۡلٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَحَبۡلٖ مِّنَ ٱلنَّاسِ وَبَآءُو بِغَضَبٖ مِّنَ ٱللَّهِ وَضُرِبَتۡ عَلَيۡهِمُ ٱلۡمَسۡكَنَةُۚ ذَٰلِكَ بِأَنَّهُمۡ كَانُواْ يَكۡفُرُونَ بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَيَقۡتُلُونَ ٱلۡأَنۢبِيَآءَ بِغَيۡرِ حَقّٖۚ ذَٰلِكَ بِمَا عَصَواْ وَّكَانُواْ يَعۡتَدُونَ
Abayahudi, Imana Allah Yaramaze kubahomera n’agasuzuguro aho hose bazoba bari, kiretse kw’isezerano bahawe n’Imana Allah n’iryo bahawe n’abantu, kugira ngo umutekano wabo hamwe n’ivyabo bikingirwe[17]. Barakwiye rero ishavu ry’Imana Allah, baranahomewe n’agasuzuguro ko gutinya abemeramana. Ivyo bikaba biterwa n’ukuntu bahora bagarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, bakica n’Abavugishwamana ku karenganyo, ivyo bakaba babitewe n’ibicumuro bakora, bari n’abantu barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
[17] Mu gihe boreka kugeramira no kuburagiza ubwislamu n’abislamu. Iryo sezerano ryitwa “AQDU DHIMMAH”.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Câu: (112) Chương: Chương Ali 'Imran
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - الترجمة الكيروندية - Mục lục các bản dịch

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Đóng lại