Check out the new design

Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体 * - Mục lục các bản dịch

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Nisa'   Câu:
أُوْلَٰٓئِكَ ٱلَّذِينَ لَعَنَهُمُ ٱللَّهُۖ وَمَن يَلۡعَنِ ٱللَّهُ فَلَن تَجِدَ لَهُۥ نَصِيرًا
Abo bavuga ukwo, ni bo rero bavumwe n’Imana Allah, burya uwuvumwe n’Imana Allah, ntuzokwigera umuronkera umutabazi amukingira ibihano vy’Imana Allah.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَمۡ لَهُمۡ نَصِيبٞ مِّنَ ٱلۡمُلۡكِ فَإِذٗا لَّا يُؤۡتُونَ ٱلنَّاسَ نَقِيرًا
Ahubwo none, burya boba bafise umugabane w’ubwami bahawe! Abari aho, iyo bahabwa umugabane w’ubwami, ntibari kugira n’umwe mu bantu baha akantu ide kangana n’agahere kari ku mugongo w’urutete rw’itende [92].
[92] Kangana n’urutete rw’ururo.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
أَمۡ يَحۡسُدُونَ ٱلنَّاسَ عَلَىٰ مَآ ءَاتَىٰهُمُ ٱللَّهُ مِن فَضۡلِهِۦۖ فَقَدۡ ءَاتَيۡنَآ ءَالَ إِبۡرَٰهِيمَ ٱلۡكِتَٰبَ وَٱلۡحِكۡمَةَ وَءَاتَيۡنَٰهُم مُّلۡكًا عَظِيمٗا
Ahubwo none, burya boba basharika Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ku nema y’ubutumwa yahawe n’Imana Allah, bagasharika n’ingendanyi zayo ku nema yo gushobozwa kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, no gutsimbatazwa kw’isi, gutyo bigatuma babipfuriza guhuba! Ni ukuri Twebwe Allah Twarahaye uruvyaro rw’Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Ibitabu n’izindi nyigisho zitanditswe, Twaranaruhaye hamwe n’ivyo, ubwami buhambaye.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
فَمِنۡهُم مَّنۡ ءَامَنَ بِهِۦ وَمِنۡهُم مَّن صَدَّ عَنۡهُۚ وَكَفَىٰ بِجَهَنَّمَ سَعِيرًا
Mu bayahudi rero, harimwo abemeye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) baranakurikiza amabwirizwa y’ubwislamu, hakabamwo rero n’abandi bayirengagije ntibayemera, baranaburagiza abantu kuyikurikira. Barakwiye rero guhanishwa umuriro ururumba wa Jahannamu.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
إِنَّ ٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا سَوۡفَ نُصۡلِيهِمۡ نَارٗا كُلَّمَا نَضِجَتۡ جُلُودُهُم بَدَّلۡنَٰهُمۡ جُلُودًا غَيۡرَهَا لِيَذُوقُواْ ٱلۡعَذَابَۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ عَزِيزًا حَكِيمٗا
Mu vy’ukuri, abagararije bagahakana bivuye inyuma Aayah Twamanuye mu Gitabu hamwe n’ivyemezo vyacu, Tuzobinjiza mu muriro maze bawote, uko uruhu (irukoba) rw’imibiri yabo ruhiye rugashishuka, ni ko Tuzobaremera urundi ruhu, kugira babandanye guhonja ibihano ku bindi. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَعَمِلُواْ ٱلصَّٰلِحَٰتِ سَنُدۡخِلُهُمۡ جَنَّٰتٖ تَجۡرِي مِن تَحۡتِهَا ٱلۡأَنۡهَٰرُ خَٰلِدِينَ فِيهَآ أَبَدٗاۖ لَّهُمۡ فِيهَآ أَزۡوَٰجٞ مُّطَهَّرَةٞۖ وَنُدۡخِلُهُمۡ ظِلّٗا ظَلِيلًا
Nayo abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bagakora n’ivyiza bitegetswe, Tuzobinjiza mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’inyubakwa n’ibiti vyaho hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Bazoba banafiseyo abakenyezi basukuye batagira akanenge, Tuzonabugamika mu gatutu gapfutse katigera karenga.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
۞ إِنَّ ٱللَّهَ يَأۡمُرُكُمۡ أَن تُؤَدُّواْ ٱلۡأَمَٰنَٰتِ إِلَىٰٓ أَهۡلِهَا وَإِذَا حَكَمۡتُم بَيۡنَ ٱلنَّاسِ أَن تَحۡكُمُواْ بِٱلۡعَدۡلِۚ إِنَّ ٱللَّهَ نِعِمَّا يَعِظُكُم بِهِۦٓۗ إِنَّ ٱللَّهَ كَانَ سَمِيعَۢا بَصِيرٗا
Mu vy’ukuri, Imana Allah Ibategeka kubungabunga imbitso z’ubwoko bwose mukazisubiza bene zo nk’uko mwazibikijwe, Ikanabategeka gutunganiriza abantu ata nkunzi mu gihe mubaciriye urubanza. Mu vy’ukuri, ni vyiza cane ivyo Imana Allah Ibahanura. Mu vy’ukuri, Imana Allah Yamye ari Nyenukwumva, Irumva ivyo muvuga; Nyenukubona, Irabona ivyo mukora.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ أَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَأَطِيعُواْ ٱلرَّسُولَ وَأُوْلِي ٱلۡأَمۡرِ مِنكُمۡۖ فَإِن تَنَٰزَعۡتُمۡ فِي شَيۡءٖ فَرُدُّوهُ إِلَى ٱللَّهِ وَٱلرَّسُولِ إِن كُنتُمۡ تُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِۚ ذَٰلِكَ خَيۡرٞ وَأَحۡسَنُ تَأۡوِيلًا
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwumvire Imana Allah ntimukagabitanye, mwumvire n’Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu vyo ibashikirije, muheze mwumvire n’indongozi muri mwebwe mu bidaciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah. Nimwahazana ku ngingo y’ikintu ico ari co cose, muraca mugaruka ku ngingo iri mu Gitabu c’Imana Allah n’inyigisho z’intumwa nimwaba mwemera vy’ukuri Imana Allah n’umusi w’iherezo. Ivyo, ni vyo vyiza cane kuri mwebwe ha guhazana, ni na yo ngingo ibereye ha kwisunga ivyiyumviro vyanyu mu gufata ingingo.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Nisa'
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - 基隆迪语翻译:优素福·库合体 - Mục lục các bản dịch

优素福·库合体翻译,非洲发展机构发行。

Đóng lại