Check out the new design

Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti * - Mục lục các bản dịch

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Anfal   Câu:
۞ وَٱعۡلَمُوٓاْ أَنَّمَا غَنِمۡتُم مِّن شَيۡءٖ فَأَنَّ لِلَّهِ خُمُسَهُۥ وَلِلرَّسُولِ وَلِذِي ٱلۡقُرۡبَىٰ وَٱلۡيَتَٰمَىٰ وَٱلۡمَسَٰكِينِ وَٱبۡنِ ٱلسَّبِيلِ إِن كُنتُمۡ ءَامَنتُم بِٱللَّهِ وَمَآ أَنزَلۡنَا عَلَىٰ عَبۡدِنَا يَوۡمَ ٱلۡفُرۡقَانِ يَوۡمَ ٱلۡتَقَى ٱلۡجَمۡعَانِۗ وَٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ قَدِيرٌ
Bemeramana! Nimumenye kandi ko ikintu ico ari co cose munyaze ku rugamba rwo guharanira idini ry’Imana Allah, ivya bitanu bine vyaco ari ivy’abarurwanye, ica gatanu gisigaye kikagaburwamwo imice itanu: umuce ugenerwa Imana Allah n’Intumwa yayo, uheza ugakoreshwa mw’iterambere rusangi ry’abislamu; uwugenerwa abavandimwe b’Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah)[1] muri Bene Hashimu na Bene Al-Muttwalib; uw’impfuvyi zitaragera mu bigero; uw’abakene hamwe rero n’uw’abari ku rugendo bakehaniwe n’uburyo. Ivyo rero muravyubahiriza nimwaba mwemera koko Imana Imwe Rudende Allah, mukemera n’ivyo Twebwe Allah Twamanuriye Umuja wacu Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu bitangaro, iterantege n’intsinzi Yabashikanyeko ku musi Itandukanya ukuri n’ikinyoma ku rugamba rwa Badri, umusi imigwi ibiri ihangana: uw’abemeramana n’uw’ababangikanyamana; burya rero Imana Allah ni Mushoboravyose.
[1] Bagenewe kuronka ku ca gatanu c’iminyago kuko batarekuriwe guhabwa imperezwa.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
إِذۡ أَنتُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلدُّنۡيَا وَهُم بِٱلۡعُدۡوَةِ ٱلۡقُصۡوَىٰ وَٱلرَّكۡبُ أَسۡفَلَ مِنكُمۡۚ وَلَوۡ تَوَاعَدتُّمۡ لَٱخۡتَلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡمِيعَٰدِ وَلَٰكِن لِّيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗا لِّيَهۡلِكَ مَنۡ هَلَكَ عَنۢ بَيِّنَةٖ وَيَحۡيَىٰ مَنۡ حَيَّ عَنۢ بَيِّنَةٖۗ وَإِنَّ ٱللَّهَ لَسَمِيعٌ عَلِيمٌ
Bemeramana! Nimwibuke n’igihe mwari mu kabande kari mu micungararo ya Madina, umwansi wanyu na we ari mu kabande kari hirya yanyu, ico gihe ibitwazi vyikoreye ibidandazwa vyari amaja epfo yanyu ku nkengera z’ibahari ritukura; iyo muhana isango ryo kuhahurira ntimwari kurihurizako, ariko Imana Allah Yarabahuje kw’isango mutari mwiteze kugira Ishitse icagezwe ko Yageneye intsinzi abatoni bayo, n’uko iteterezwa ryo kwicwa no kugirwa imbohe ari iry’abansi bayo. Ivyo vyabaye ukwo, kugira ngo uwuhahonera wese, ahone yamaze kwibonera ivyemezo vy’Imana Allah; uwuharokoka na we nyene, arokoke yamaze kwibonera ivyemezo vyayo. Mu vy’ukuri, nta nkeka ko Imana Allah ari Nyenukwumva, Irumva ibivugwa n’imigwi yompi; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo iyo migwi ikora n’ivyo izirikana.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
إِذۡ يُرِيكَهُمُ ٱللَّهُ فِي مَنَامِكَ قَلِيلٗاۖ وَلَوۡ أَرَىٰكَهُمۡ كَثِيرٗا لَّفَشِلۡتُمۡ وَلَتَنَٰزَعۡتُمۡ فِي ٱلۡأَمۡرِ وَلَٰكِنَّ ٱللَّهَ سَلَّمَۚ إِنَّهُۥ عَلِيمُۢ بِذَاتِ ٱلصُّدُورِ
Muvugishwamana! Ibuka igihe Imana Allah Ikwereka mu ndoto ko igitigiri c’abansi bawe ari gito, ukanabibwira n’abemeramana, gutyo bituma bagira ishaka ryo kuja ku rugamba. Iyo Imana Allah Ikwereka ko igitigiri cabo ari kinini, ingendanyi zawe zari guhazana kuja ku rugamba, bigatuma munanirwa gufata ingingo yo kurujako, ariko rero Imana Allah Yarakinze ntimwananirwa gufata nya ngingo, muraheza murarusimba. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irazi ibinyegejwe mu mishaha.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
وَإِذۡ يُرِيكُمُوهُمۡ إِذِ ٱلۡتَقَيۡتُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِكُمۡ قَلِيلٗا وَيُقَلِّلُكُمۡ فِيٓ أَعۡيُنِهِمۡ لِيَقۡضِيَ ٱللَّهُ أَمۡرٗا كَانَ مَفۡعُولٗاۗ وَإِلَى ٱللَّهِ تُرۡجَعُ ٱلۡأُمُورُ
Ibuka kandi n’igihe mwahurira n'abansi banyu ku rugamba, Imana Allah Ikabereka ko igitigiri cabo ari gito, gutyo bituma mwubahuka guhangana na bo, na bo nyene Iraheza Ibereka ko igitigiri canyu ari gito kugira ntibitegurire bikwiye kubarwanya. Ivyo vyagenze ukwo, kugira Imana Allah Ishitse icagezwe ko Yageneye abatoni bayo intsinzi, gutyo ijambo ryayo riganze, iry’abagarariji na ryo riganzwe. Burya rero ku Mana Allah, ni ho ibintu vyose bizosubira kugira Ihembere umwe wese ivyo yakoze.
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُوٓاْ إِذَا لَقِيتُمۡ فِئَةٗ فَٱثۡبُتُواْ وَٱذۡكُرُواْ ٱللَّهَ كَثِيرٗا لَّعَلَّكُمۡ تُفۡلِحُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimwahurira ku rugamba n’abagarariji biteguriye bikwiye kubarwanya, muraheza muhabere intwari, mumere magabo ntimuhunge, munaninahaze mutazire kenshi Imana Allah, mwongere muyisabe Ibatere intege kugira muronke intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
Các Tafsir tiếng Ả-rập:
 
Ý nghĩa nội dung Chương: Al-Anfal
Mục lục các chương Kinh Số trang
 
Bản dịch ý nghĩa nội dung Qur'an - Bản dịch tiếng Kirundi - Yusuf Guhaiti - Mục lục các bản dịch

Người dịch Yusuf Guhaiti, do Quỹ Phát triển Châu Phi phát hành

Đóng lại