《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية * - 译解目录

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 段: (39) 章: 哈吉
أُذِنَ لِلَّذِينَ يُقَٰتَلُونَ بِأَنَّهُمۡ ظُلِمُواْۚ وَإِنَّ ٱللَّهَ عَلَىٰ نَصۡرِهِمۡ لَقَدِيرٌ
Abahabishijwe bagacurwa bufuni na buhoro, bararekuriwe kwivuna umwansi ku rugamba ku mvo z’uko barenganijwe; kandi Imana Allah, mu vy’ukuri Irashoboye kubatabara no gutetereza umwansi wabo[8];
[8] Mu kiringo c’imyaka cumi n’itatu abemeramana bamaze i Makka, ntibari barekuriwe na gato kwihora uwubasindiye canke uwubarenganije, ahubwo bari bategetswe kwihangana no kutihora ku bibashikiye vyose. Aho rero Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yimukiye ikava i Makka ikaja i Madina, abislamu na bo bakiyongera igitigiri, Imana Allah Yaciye Ihishura iyi Aayah, Ibarekurira kwirwanako ku rugamba.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 段: (39) 章: 哈吉
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية - 译解目录

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

关闭