Check out the new design

《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 * - 译解目录

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 章: 尼萨仪   段:
فَبِمَا نَقۡضِهِم مِّيثَٰقَهُمۡ وَكُفۡرِهِم بِـَٔايَٰتِ ٱللَّهِ وَقَتۡلِهِمُ ٱلۡأَنۢبِيَآءَ بِغَيۡرِ حَقّٖ وَقَوۡلِهِمۡ قُلُوبُنَا غُلۡفُۢۚ بَلۡ طَبَعَ ٱللَّهُ عَلَيۡهَا بِكُفۡرِهِمۡ فَلَا يُؤۡمِنُونَ إِلَّا قَلِيلٗا
Abayahudi rero Twarabavumye bitewe no kutubahiriza isezerano bahawe; kugarariza Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah vyemeza ukuri kw’Intumwa zayo; kwica Abavugishwamana ku karenganyo; hamwe rero no kuvuga kwabo bigovyora bati: “Imitima yacu irugaye, ntiturota tukwumvira”. Si nk’ukwo bibwira, ahubwo nyabuna Imana Allah Yaramaze kuziba imitima yabo ku kubera igarariza ryabo. Kubera ivyo rero, ntibarota bemera kiretse gake ata co kabamariye;
阿拉伯语经注:
وَبِكُفۡرِهِمۡ وَقَوۡلِهِمۡ عَلَىٰ مَرۡيَمَ بُهۡتَٰنًا عَظِيمٗا
Twaranabavumye bitewe kandi n’igarariza n’imvugo bavuze kuri Mariyamu mw’irementanya risiga ubwenge ko yashurashuye, mu gihe ari ikinyoma ceruye;
阿拉伯语经注:
وَقَوۡلِهِمۡ إِنَّا قَتَلۡنَا ٱلۡمَسِيحَ عِيسَى ٱبۡنَ مَرۡيَمَ رَسُولَ ٱللَّهِ وَمَا قَتَلُوهُ وَمَا صَلَبُوهُ وَلَٰكِن شُبِّهَ لَهُمۡۚ وَإِنَّ ٱلَّذِينَ ٱخۡتَلَفُواْ فِيهِ لَفِي شَكّٖ مِّنۡهُۚ مَا لَهُم بِهِۦ مِنۡ عِلۡمٍ إِلَّا ٱتِّبَاعَ ٱلظَّنِّۚ وَمَا قَتَلُوهُ يَقِينَۢا
Hiyongeyeko ivyo bavuze ku gasuzuguro bihaya bati: “Mu vy’ukuri, twarishe Masihi Isa mwene Mariyamu, Intumwa y’Imana Allah!”. Banguha! Eka ntibigeze bamwica, eka mbere ntibigeze banamubamba ku musaraba, ahubwo babamvye umuntu yambitswe n’Imana Allah, ishusho ryiwe, baraheza bibaza ko ari we Isa. Mu vy’ukuri, abahazana [24] ku ngingo yo kwicwa kwiwe, barafise amakenga ko bamwishe koko, nta n’ubumenyi babifiseko kiretse ugukekeranya gusa. Kira noneho ntibigeze bamwica;
[24] Bamwe muri bo bavuga bati: “Ni we yishwe”. Abandi na bo bati: “Si we yishwe”.
阿拉伯语经注:
بَل رَّفَعَهُ ٱللَّهُ إِلَيۡهِۚ وَكَانَ ٱللَّهُ عَزِيزًا حَكِيمٗا
Ahubwo Imana Allah Yarareruye iwayo Intumwa Isa wese muzima adora, gutyo Imukiza abagarariji. Burya Imana Allah Yamye ari Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
阿拉伯语经注:
وَإِن مِّنۡ أَهۡلِ ٱلۡكِتَٰبِ إِلَّا لَيُؤۡمِنَنَّ بِهِۦ قَبۡلَ مَوۡتِهِۦۖ وَيَوۡمَ ٱلۡقِيَٰمَةِ يَكُونُ عَلَيۡهِمۡ شَهِيدٗا
Mu bahawe Igitabu rero, nta n’umwe atazokwemera vy’ukuri Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) igihe yagarutse kw’isi mu bihe vy’iherezo, imbere yuko isango ryo guhwera kwayo rigera. Kandi ku musi w’izuka, Intumwa Isa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) izobera icabona abayemeye muri bo, yagirize n’abayigararije mu kubeshuza ivyo bayirementanirije.
阿拉伯语经注:
فَبِظُلۡمٖ مِّنَ ٱلَّذِينَ هَادُواْ حَرَّمۡنَا عَلَيۡهِمۡ طَيِّبَٰتٍ أُحِلَّتۡ لَهُمۡ وَبِصَدِّهِمۡ عَن سَبِيلِ ٱللَّهِ كَثِيرٗا
Twaraziririje ku bayahudi ivyiza mu mfungurwa zari ziziruye kuri bo, bitewe n’ukwirenganya kwabo mu gukora ivyaha rutura, no kuburagiza abantu kenshi ko bakurikira idini ry’Imana Allah rigororotse;
阿拉伯语经注:
وَأَخۡذِهِمُ ٱلرِّبَوٰاْ وَقَدۡ نُهُواْ عَنۡهُ وَأَكۡلِهِمۡ أَمۡوَٰلَ ٱلنَّاسِ بِٱلۡبَٰطِلِۚ وَأَعۡتَدۡنَا لِلۡكَٰفِرِينَ مِنۡهُمۡ عَذَابًا أَلِيمٗا
Hamwe no kwihereza inyungu izira (riba) kandi mu vy’ukuri bari barayibujijwe, no kwiha kuzirura kurya amatungo y’abantu badafiseko uburenganzira kandi bibujijwe. Abagararije Imana Allah n’Intumwa yayo muri bo, Twarabategekanirije ibihano bibabaza.
阿拉伯语经注:
لَّٰكِنِ ٱلرَّٰسِخُونَ فِي ٱلۡعِلۡمِ مِنۡهُمۡ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ يُؤۡمِنُونَ بِمَآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ وَمَآ أُنزِلَ مِن قَبۡلِكَۚ وَٱلۡمُقِيمِينَ ٱلصَّلَوٰةَۚ وَٱلۡمُؤۡتُونَ ٱلزَّكَوٰةَ وَٱلۡمُؤۡمِنُونَ بِٱللَّهِ وَٱلۡيَوۡمِ ٱلۡأٓخِرِ أُوْلَٰٓئِكَ سَنُؤۡتِيهِمۡ أَجۡرًا عَظِيمًا
Ntumwa y’Imana! Ariko rero, abamenyi babushitse mu bayahudi banonosoye ingingo z’Imana Allah hamwe n’abemeramana, baremera ivyo wamanuriwe muri Qor’ani hamwe n’ivyamanuriwe izindi Ntumwa zo hambere yawe, nka Tawurati n’Injili; bakanatsimbataza n’isengesho ku mwanya waryo; bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa; bakanemera Imana Imwe Rudende Allah hamwe n’umusi w’iherezo. Abo ni bo rero Twebwe Allah Tuzoha impembo ihambaye y’Ubwami bw’ijuru.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 章: 尼萨仪
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 - 译解目录

由优素福·盖提翻译。由非洲发展机构发布。

关闭