《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية * - 译解目录

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 段: (15) 章: 法提哈
سَيَقُولُ ٱلۡمُخَلَّفُونَ إِذَا ٱنطَلَقۡتُمۡ إِلَىٰ مَغَانِمَ لِتَأۡخُذُوهَا ذَرُونَا نَتَّبِعۡكُمۡۖ يُرِيدُونَ أَن يُبَدِّلُواْ كَلَٰمَ ٱللَّهِۚ قُل لَّن تَتَّبِعُونَا كَذَٰلِكُمۡ قَالَ ٱللَّهُ مِن قَبۡلُۖ فَسَيَقُولُونَ بَلۡ تَحۡسُدُونَنَاۚ بَلۡ كَانُواْ لَا يَفۡقَهُونَ إِلَّا قَلِيلٗا
Muvugishwamana! Abisibije bagasigara inyuma ntimwajana i Makka ku musi wa Al-Hudaybiyya, igihe wewe n’ingendanyi mwagiye kuronka iminyago ya Khayibari mwasezeraniwe n’Imana Allah, bazovuga bati: “Enda rero nyabuna nimutureke tujane na mwe ku rugamba rwa Khayibari”, bagomba guhindura isezerano mwahawe n’Imana Allah. Bakurire inkoni ku gishitsi uti: “Kizire, ntimurote mudukurikira ku rugamba rwa Khayibari, ni ryo sezerano twahawe n’Imana Allah imbere yuko tugaruka i Madina, ko iminyago ya Khayibari yagenewe gusa abari kumwe nanje ku musi wa Al-Hudaybiyya”. Bazoheza basubizeyo bati: “Imana Allah nta co Yigeze Ibasezeranira, ahubwo mutwankiye ko tujana ku kubera ishari mudufitiye ko twohava turonka ku minyago”. Ahubwo rero mbere, ntibari banatahura ivyo basabwa n’ivyo barekuriwe gukora mw’idini, kiretse bike cane.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 段: (15) 章: 法提哈
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية - 译解目录

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

关闭