Check out the new design

《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 * - 译解目录

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 段: (64) 章: 玛仪戴
وَقَالَتِ ٱلۡيَهُودُ يَدُ ٱللَّهِ مَغۡلُولَةٌۚ غُلَّتۡ أَيۡدِيهِمۡ وَلُعِنُواْ بِمَا قَالُواْۘ بَلۡ يَدَاهُ مَبۡسُوطَتَانِ يُنفِقُ كَيۡفَ يَشَآءُۚ وَلَيَزِيدَنَّ كَثِيرٗا مِّنۡهُم مَّآ أُنزِلَ إِلَيۡكَ مِن رَّبِّكَ طُغۡيَٰنٗا وَكُفۡرٗاۚ وَأَلۡقَيۡنَا بَيۡنَهُمُ ٱلۡعَدَٰوَةَ وَٱلۡبَغۡضَآءَ إِلَىٰ يَوۡمِ ٱلۡقِيَٰمَةِۚ كُلَّمَآ أَوۡقَدُواْ نَارٗا لِّلۡحَرۡبِ أَطۡفَأَهَا ٱللَّهُۚ وَيَسۡعَوۡنَ فِي ٱلۡأَرۡضِ فَسَادٗاۚ وَٱللَّهُ لَا يُحِبُّ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Abayahudi igihe baterwa n’inzara, bavuze bati: “Ukuboko kw’Imana Allah nta co kwikura”. Baragapfa ata co bikuye mu gukora ivyiza! Baranavumwe bitewe n’ivyo bavuze. Imana Allah rero ntiri nk’ukwo bavuze, ahubwo nyabuna amaboko yayo ararekura mu gutanga ijoro n’umurango[18], Itanga uko Ishatse ku neza y’ibiremwa. Ntumwa y’Imana! Ni ukuri ukwihambaza no kugarariza bizokwiyongera kuri benshi muri bo, bitewe n’ishari n’inzigo bagufitiye ku kuba wahawe ubutumwa n’Imana yawe Rurema Allah. Twarateye urwanko n’inzigo vyamaho hagati y’imigwi y’abayahudi gushika ku musi w’umuhero w’isi. Igihe cose rero bazokwatsa umuriro wo gutera indwano mu bislamu, Imana Allah Izowuzimya mu kubacanishamwo, kandi ntibazokwigera bareka kugenzwa n’ubwononyi kw’isi, buturutse ku vyo bakora. Burya Imana Allah ntikunda na gato abononyi.
[18] Iyi Aayah, iremeza ko Imana Allah Ifise amaboko mu buryo bukwiranye n’icubahiro cayo, ata kuyagereranya n’ay’ibiremwa mu kuntu aremye.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 段: (64) 章: 玛仪戴
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 - 译解目录

由优素福·盖提翻译。由非洲发展机构发布。

关闭