Check out the new design

《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 * - 译解目录

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 章: 艾尔拉夫   段:
وَجَٰوَزۡنَا بِبَنِيٓ إِسۡرَٰٓءِيلَ ٱلۡبَحۡرَ فَأَتَوۡاْ عَلَىٰ قَوۡمٖ يَعۡكُفُونَ عَلَىٰٓ أَصۡنَامٖ لَّهُمۡۚ قَالُواْ يَٰمُوسَى ٱجۡعَل لَّنَآ إِلَٰهٗا كَمَا لَهُمۡ ءَالِهَةٞۚ قَالَ إِنَّكُمۡ قَوۡمٞ تَجۡهَلُونَ
Twarajabukishije Bene Israyeli ibahari, maze baca ku bantu biyeguriye gusenga ibigirwamana, ni ho bavuga bati: “Ewe Musa! Tugirire na twe ikigirwamana dusenga nk’uko aba bafise ikigirwamana basenga”. Musa araheza abishura ati: “Mu vy’ukuri, mwebwe muri ibijuju ruhebwa, bidatahura icubahiro c’Imana Allah ngo bimenye ko ata kintu na kimwe gikwiye gusengwa atari Yo;
阿拉伯语经注:
إِنَّ هَٰٓؤُلَآءِ مُتَبَّرٞ مَّا هُمۡ فِيهِ وَبَٰطِلٞ مَّا كَانُواْ يَعۡمَلُونَ
Mu vy’ukuri, aba biyeguriye ibigirwamana, ibangikanyamana ryabo rizohonywa, ivyo bakora mu gusenga, ni ibintazi ni n’ubuhuvyi”.
阿拉伯语经注:
قَالَ أَغَيۡرَ ٱللَّهِ أَبۡغِيكُمۡ إِلَٰهٗا وَهُوَ فَضَّلَكُمۡ عَلَى ٱلۡعَٰلَمِينَ
Musa yabandanije ababwira ati: “Mbega hari ikitari Imana Allah nobipfuriza ko musenga, kandi ari Yo Yabaremye Ikabahesha icubahiro gisumba ibindi biremwa mu gihe canyu; mu kubarungikamwo Intumwa nyinshi, mu guhonya abansi banyu hamwe no kubereka ibitangaro!”.
阿拉伯语经注:
وَإِذۡ أَنجَيۡنَٰكُم مِّنۡ ءَالِ فِرۡعَوۡنَ يَسُومُونَكُمۡ سُوٓءَ ٱلۡعَذَابِ يُقَتِّلُونَ أَبۡنَآءَكُمۡ وَيَسۡتَحۡيُونَ نِسَآءَكُمۡۚ وَفِي ذَٰلِكُم بَلَآءٞ مِّن رَّبِّكُمۡ عَظِيمٞ
Bene Israyeli! Nimwibuke inema zacu Twebwe Allah Twabahaye, igihe Twabakura mu buja bwa Firawuni n’abantu biwe, Tukabakurako ibihano bisuzuguza vyo kwica abana banyu b’abahungu, hagasigazwa abana banyu b’abakobwa kugira babagire abajakazi. Muri ivyo vyose rero, harimwo igeragezwa rihambaye rivuye ku Mana yanyu Rurema Allah.
阿拉伯语经注:
۞ وَوَٰعَدۡنَا مُوسَىٰ ثَلَٰثِينَ لَيۡلَةٗ وَأَتۡمَمۡنَٰهَا بِعَشۡرٖ فَتَمَّ مِيقَٰتُ رَبِّهِۦٓ أَرۡبَعِينَ لَيۡلَةٗۚ وَقَالَ مُوسَىٰ لِأَخِيهِ هَٰرُونَ ٱخۡلُفۡنِي فِي قَوۡمِي وَأَصۡلِحۡ وَلَا تَتَّبِعۡ سَبِيلَ ٱلۡمُفۡسِدِينَ
Mwibuke n’igihe Twaha Musa isezerano ryo kuvugana n’Imana Allah mu majoro mirongo itatu, hanyuma Turaheza Twongerako ayandi majoro cumi, gutyo ikiringo c’amajoro mirongo ine yagenewe n’Imana yiwe Rurema Allah kiba kirakwiye. Ni ho rero Musa yaheza abwira murumunawe Haruna ati: “Mbera icariho mu bantu banje gushika aho nzogarukira, uheze ubararikire kwumvira Imana Allah no kuyisenga, kandi ntuzohirahire ngo ukurikire inzira y’abagenzwa n’ubwononyi kw’isi”.
阿拉伯语经注:
وَلَمَّا جَآءَ مُوسَىٰ لِمِيقَٰتِنَا وَكَلَّمَهُۥ رَبُّهُۥ قَالَ رَبِّ أَرِنِيٓ أَنظُرۡ إِلَيۡكَۚ قَالَ لَن تَرَىٰنِي وَلَٰكِنِ ٱنظُرۡ إِلَى ٱلۡجَبَلِ فَإِنِ ٱسۡتَقَرَّ مَكَانَهُۥ فَسَوۡفَ تَرَىٰنِيۚ فَلَمَّا تَجَلَّىٰ رَبُّهُۥ لِلۡجَبَلِ جَعَلَهُۥ دَكّٗا وَخَرَّ مُوسَىٰ صَعِقٗاۚ فَلَمَّآ أَفَاقَ قَالَ سُبۡحَٰنَكَ تُبۡتُ إِلَيۡكَ وَأَنَا۠ أَوَّلُ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Igihe rero Musa yaza, ikiringo c’amajoro mirongo ine kimaze gukwira, maze Imana yiwe Rurema Allah Ikavugana na we mu kumuhishurira amabwirizwa yayo, yaripfuje kubona Imana Allah imbona nkubone, aca avuga ati: “Mana yanje Rurema Allah! Nyiyereke ndakubone”. Imana Allah Iraheza Imwishura Iti: “Ntushobora kumbona mu buzima bwo kw’isi! Ariko raba urya musozi, ninawiyereka ugashobora kuguma nk’uko uri, muri ico gihe na we urashobora kumbona”. Imana yiwe Rurema Allah Imaze kwiyereka nya musozi waciye usenyuka urayoka, Musa na we aca agwa igihumura araraba. Amaze kurabuka, aca avuga ati: “Ininahazwa ni iryawe Mana! Ndigaye kugusaba kukubona imbona nkubone kw’isi, kandi jewe ndi n’uwa mbere mu bemeramana mu bantu banje”.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 章: 艾尔拉夫
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - 吉隆德语翻译 - 优素福·盖希提。 - 译解目录

由优素福·盖提翻译。由非洲发展机构发布。

关闭