《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية * - 译解目录

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

含义的翻译 章: 塔勒格   段:

SURATU TTWAARIQ

وَٱلسَّمَآءِ وَٱلطَّارِقِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru no ku giserukajoro!
阿拉伯语经注:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلطَّارِقُ
Ni igiki cokumenyesha ico ari co igiserukajoro?
阿拉伯语经注:
ٱلنَّجۡمُ ٱلثَّاقِبُ
Ni inyenyeri yakaka.
阿拉伯语经注:
إِن كُلُّ نَفۡسٖ لَّمَّا عَلَيۡهَا حَافِظٞ
Ndarahiye kuri ivyo vyose, ko ata muntu n’umwe kiretse ko afise umubungabunzi azigama ibikorwa vyiwe mu bamalayika, kugira azobihemberwe!
阿拉伯语经注:
فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ مِمَّ خُلِقَ
Umuntu ahakana izuka ry’ibiremwa rero, niyitegereze ico yaremwemwo, aheze amenye ko izurwa ryiwe ritagoye nk’iremwa ryiwe!
阿拉伯语经注:
خُلِقَ مِن مَّآءٖ دَافِقٖ
Yaremwe mu mazi y’intanga asunitswe mu gitereko;
阿拉伯语经注:
يَخۡرُجُ مِنۢ بَيۡنِ ٱلصُّلۡبِ وَٱلتَّرَآئِبِ
Avuye hagati y’uruti rw’umugongo w’umugabo n’igikiriza c’umugore.
阿拉伯语经注:
إِنَّهُۥ عَلَىٰ رَجۡعِهِۦ لَقَادِرٞ
Mu vy’ukuri Imana Allah Yaremye umuntu mu mazi y’intanga, Irashoboye no kumugarura inyuma yo gupfa Ikamusubiza ubuzima, akazuka.
阿拉伯语经注:
يَوۡمَ تُبۡلَى ٱلسَّرَآئِرُ
Umusi amabanga azoshirwa ahabona, ivyiza bikamenyekana n’ibibi bikagaragara;
阿拉伯语经注:
فَمَا لَهُۥ مِن قُوَّةٖ وَلَا نَاصِرٖ
Umuntu nta bubasha azoba afise bwo kwikingira ibihano, eka nta n’umutabazi amukura mu bihano azoronka.
阿拉伯语经注:
وَٱلسَّمَآءِ ذَاتِ ٱلرَّجۡعِ
Jewe Allah, Ndarahiye kw’ijuru ryenimvura yisubiriza iyo amazi kw’isi ayaze agasubira mu kirere!
阿拉伯语经注:
وَٱلۡأَرۡضِ ذَاتِ ٱلصَّدۡعِ
No kw’isi yiyata imigaga iyo ibiterwa bigondoye!
阿拉伯语经注:
إِنَّهُۥ لَقَوۡلٞ فَصۡلٞ
Ko mu vy’ukuri, iyo Qor’ani ari amajambo atandukanya ukuri n’ikinyoma;
阿拉伯语经注:
وَمَا هُوَ بِٱلۡهَزۡلِ
Si n’iyo kujajura.
阿拉伯语经注:
إِنَّهُمۡ يَكِيدُونَ كَيۡدٗا
Mu vy’ukuri, abahakana Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe na Qor’ani, bakoresha urwenge mu kurwanya ukuri.
阿拉伯语经注:
وَأَكِيدُ كَيۡدٗا
Nanje Allah Nkabahinyura mu kugaragaza ukuri gushika aho gutsinda.
阿拉伯语经注:
فَمَهِّلِ ٱلۡكَٰفِرِينَ أَمۡهِلۡهُمۡ رُوَيۡدَۢا
Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, tenyenyera abagarariji, ntiwihutire kubasabira ibihano, bihorere ubarindire gato, bazokwibonerako bidatevye.
阿拉伯语经注:
 
含义的翻译 章: 塔勒格
章节目录 页码
 
《古兰经》译解 - الترجمة الكيروندية - 译解目录

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

关闭