የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ ዐበሰ   አንቀጽ:

SURATU ABAS

عَبَسَ وَتَوَلَّىٰٓ
Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) yaranyinyiriwe mu maso, irirengagiza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَن جَآءَهُ ٱلۡأَعۡمَىٰ
Bivuye ku kuza kw’impumyi Abdullaahi mwene Ummu Maktuum yaje iyigana ngo iyibaze[1].
[1] Ico gihe, Intumwa yariko irararikira abatware b’Abakorayishi kwinjira mu bwislamu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا يُدۡرِيكَ لَعَلَّهُۥ يَزَّكَّىٰٓ
Ntumwa y’Imana! Ni igiki cogutuma umenya ukuri kw’ikimuzanye, kumbure hari n’aho yokwiyeza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَوۡ يَذَّكَّرُ فَتَنفَعَهُ ٱلذِّكۡرَىٰٓ
Canke ikibuka, ukwo kwibuka kukayungura.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَمَّا مَنِ ٱسۡتَغۡنَىٰ
Nayo uwibona ko yikenuye, ntashake kwumvira Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَنتَ لَهُۥ تَصَدَّىٰ
Ni we witwararitse kwumviriza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَمَا عَلَيۡكَ أَلَّا يَزَّكَّىٰ
Kandi nta mwikomo kuri wewe mu gihe atokwiyeza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَمَّا مَن جَآءَكَ يَسۡعَىٰ
Nayo uwuje akugana n’umwitwarariko nta ngere, akaza anyaragasa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَهُوَ يَخۡشَىٰ
Kandi anatinya ibihano vy'Imana Allah, ashaka ubugororotsi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَنتَ عَنۡهُ تَلَهَّىٰ
Ni we utitayeho ngo umwumvirize.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّآ إِنَّهَا تَذۡكِرَةٞ
Si ukwo namba Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri iki gisomwa ca Qor’ani, ni urwibutso kuri wewe no ku bandi bose.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَمَن شَآءَ ذَكَرَهُۥ
Uwushaka rero aribuka Imana Allah akurikire Qor’ani ntagatifu;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي صُحُفٖ مُّكَرَّمَةٖ
Iri ku mpapuro zubahitse;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَّرۡفُوعَةٖ مُّطَهَّرَةِۭ
Zubashwe, zisukuye, zitagira akanenge;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
بِأَيۡدِي سَفَرَةٖ
Zanditswe n’iminwe y’abanditsi bahishurira Intumwa amajambo y’Imana Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كِرَامِۭ بَرَرَةٖ
Abamalayika batagatifu, beranda.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُتِلَ ٱلۡإِنسَٰنُ مَآ أَكۡفَرَهُۥ
Umuntu w’umugarariji yaravumwe; mbega yafashwe n’iki gituma yimonogoza mu kugarariza!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مِنۡ أَيِّ شَيۡءٍ خَلَقَهُۥ
Mbega, ntabona ico Imana Allah Yamuremyemwo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مِن نُّطۡفَةٍ خَلَقَهُۥ فَقَدَّرَهُۥ
Yamuremye mw’ima ry’intanga, Iraheza Iramutegekaniriza ubuzima bwiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ ٱلسَّبِيلَ يَسَّرَهُۥ
Hanyuma Imutomorera inzira y’iciza n’iy’ikibi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ أَمَاتَهُۥ فَأَقۡبَرَهُۥ
Iraheza Iramwica, Iramushingura mu cubahiro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ إِذَا شَآءَ أَنشَرَهُۥ
Hanyuma igihe Yabishatse, Izomuzura, Imusubize ubuzima, kugira Imuharurire Inamuhembere ivyo yakoze.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَلَّا لَمَّا يَقۡضِ مَآ أَمَرَهُۥ
Nateshwe ate, arahumba! Ntarakora ivyo Imana yiwe Rurema Yamutegetse mu mabwirizwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَلۡيَنظُرِ ٱلۡإِنسَٰنُ إِلَىٰ طَعَامِهِۦٓ
Maze umuntu nabanze yitegereze ukuntu Twaremye imfungurwa zimubeshejeho.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَنَّا صَبَبۡنَا ٱلۡمَآءَ صَبّٗا
Si ivy’imbeshere, Twebwe Allah Twarasukiriye amazi y’imvura kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ شَقَقۡنَا ٱلۡأَرۡضَ شَقّٗا
Hanyuma Twatura isi imigaga ibiterwa bitanguye kugonda;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَنۢبَتۡنَا فِيهَا حَبّٗا
Maze Tuyinagishako intete;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَعِنَبٗا وَقَضۡبٗا
Imizabibu n’ivyatsi vy’ibitungwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَزَيۡتُونٗا وَنَخۡلٗا
Imizayituni n’itende;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَحَدَآئِقَ غُلۡبٗا
Amashamba atotahaye azitanye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَفَٰكِهَةٗ وَأَبّٗا
Ibiti vy’ivyamwa bitandukanye hamwe n’uburagiriro;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَّتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ
Twaremye ivyo vyose, kugira muryoherwe, mwebwe n’ibitungwa vyanyu, muvyikoreko.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا جَآءَتِ ٱلصَّآخَّةُ
Igihe rero humvikanye ijwi nziba-matwi ry’inzamba yo kuzuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يَفِرُّ ٱلۡمَرۡءُ مِنۡ أَخِيهِ
Umusi umuntu azohunga mwenewabo kubera intureka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأُمِّهِۦ وَأَبِيهِ
Akanahunga nyina wiwe, na se wiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَصَٰحِبَتِهِۦ وَبَنِيهِ
Umugore wiwe, n’ibibondo vyiwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِكُلِّ ٱمۡرِيٕٖ مِّنۡهُمۡ يَوۡمَئِذٖ شَأۡنٞ يُغۡنِيهِ
Umuntu wese, kuri uwo musi azoba arajwe ishinga n’ibimuhanze ku gatwe kiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ مُّسۡفِرَةٞ
Uwo musi, abemeramana bazosayangana mu maso;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ضَاحِكَةٞ مُّسۡتَبۡشِرَةٞ
Batwengatwenga, akanyamuneza nta ngere kabasya.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَوُجُوهٞ يَوۡمَئِذٍ عَلَيۡهَا غَبَرَةٞ
Uwo musi, hari n’abandi bazoba buzuye inkungugu mu maso, bajumarariwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تَرۡهَقُهَا قَتَرَةٌ
Bijiriwe, babuze ayo bacira n’ayo bamira, bagayitse.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡكَفَرَةُ ٱلۡفَجَرَةُ
Abo rero, ni bo bagarariji, abagizi ba nabi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ ዐበሰ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት