የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አን ናዚዓት   አንቀጽ:

SURATU NNAAZI’AAT

وَٱلنَّٰزِعَٰتِ غَرۡقٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abagarariji!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلنَّٰشِطَٰتِ نَشۡطٗا
No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abemeramana!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلسَّٰبِحَٰتِ سَبۡحٗا
No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلسَّٰبِقَٰتِ سَبۡقٗا
No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَٱلۡمُدَبِّرَٰتِ أَمۡرٗا
No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلرَّاجِفَةُ
Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تَتۡبَعُهَا ٱلرَّادِفَةُ
Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قُلُوبٞ يَوۡمَئِذٖ وَاجِفَةٌ
Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَبۡصَٰرُهَا خَٰشِعَةٞ
Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَقُولُونَ أَءِنَّا لَمَرۡدُودُونَ فِي ٱلۡحَافِرَةِ
Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا نَّخِرَةٗ
Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
قَالُواْ تِلۡكَ إِذٗا كَرَّةٌ خَاسِرَةٞ
Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ
Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا هُم بِٱلسَّاهِرَةِ
Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ
Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِذۡ نَادَىٰهُ رَبُّهُۥ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوًى
Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ
Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقُلۡ هَل لَّكَ إِلَىٰٓ أَن تَزَكَّىٰ
Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَهۡدِيَكَ إِلَىٰ رَبِّكَ فَتَخۡشَىٰ
Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَرَىٰهُ ٱلۡأٓيَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰ
Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَكَذَّبَ وَعَصَىٰ
Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ أَدۡبَرَ يَسۡعَىٰ
Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَحَشَرَ فَنَادَىٰ
Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَقَالَ أَنَا۠ رَبُّكُمُ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَخَذَهُ ٱللَّهُ نَكَالَ ٱلۡأٓخِرَةِ وَٱلۡأُولَىٰٓ
Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبۡرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰٓ
Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ءَأَنتُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَمِ ٱلسَّمَآءُۚ بَنَىٰهَا
Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
رَفَعَ سَمۡكَهَا فَسَوَّىٰهَا
Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَغۡطَشَ لَيۡلَهَا وَأَخۡرَجَ ضُحَىٰهَا
Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ ذَٰلِكَ دَحَىٰهَآ
Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَخۡرَجَ مِنۡهَا مَآءَهَا وَمَرۡعَىٰهَا
Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَٱلۡجِبَالَ أَرۡسَىٰهَا
Imisozi na yo Irayishinga;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
مَتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ
Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[1], muvyikoreko.
[1] Izurwa ryanyu rero, rizoba ryoroshe cane ku Mana Allah gusumba irema ry’ivyo vyose Yaremye.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِذَا جَآءَتِ ٱلطَّآمَّةُ ٱلۡكُبۡرَىٰ
Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَوۡمَ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا سَعَىٰ
Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِمَن يَرَىٰ
Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَأَمَّا مَن طَغَىٰ
Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَءَاثَرَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّ ٱلۡجَحِيمَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ
Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَمَّا مَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ وَنَهَى ٱلنَّفۡسَ عَنِ ٱلۡهَوَىٰ
Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَإِنَّ ٱلۡجَنَّةَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ
Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَا
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِيمَ أَنتَ مِن ذِكۡرَىٰهَآ
Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَىٰ رَبِّكَ مُنتَهَىٰهَآ
Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرُ مَن يَخۡشَىٰهَا
Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَهَا لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا عَشِيَّةً أَوۡ ضُحَىٰهَا
Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[2] canke umusase gusa[3].
[2] Igice c’umusi, kuva izuba rihengamiye mu burengero gushika rirenze.
[3] Igice c’umusi, kuva izuba riserutse gushika ku mutaga.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አን ናዚዓት
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት