Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - الترجمة الكيروندية * - Übersetzungen

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: An-Nâzi‘ât   Vers:

SURATU NNAAZI’AAT

وَٱلنَّٰزِعَٰتِ غَرۡقٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku bamalayika bashikurana inguvu inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abagarariji!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَٱلنَّٰشِطَٰتِ نَشۡطٗا
No ku bamalayika bakuramwo bukebuke mu bwitonzi inkomoko y'ubuzima "Roho" mu mitima y’abemeramana!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَٱلسَّٰبِحَٰتِ سَبۡحٗا
No ku bamalayika baguruka mu kirere banyaruka, bagana mw’ijuru canke bavayo!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَٱلسَّٰبِقَٰتِ سَبۡقٗا
No ku bamalayika banyaragasa mu gushira mu ngiro amabwirizwa y’Imana Allah!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَٱلۡمُدَبِّرَٰتِ أَمۡرٗا
No ku bamalayika batunganya mu bukerebutsi nta ngere, ivyo bategetswe gushira mu ngiro kw’isi!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
يَوۡمَ تَرۡجُفُ ٱلرَّاجِفَةُ
Nta nkeka rero ko muzozurwa mugaharurirwa, umusi isi n’imisozi bizonyiganyiga cane havugijwe inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
تَتۡبَعُهَا ٱلرَّادِفَةُ
Hace hakurikira ivuzwa rya kabiri ry’inzamba y’izuka.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
قُلُوبٞ يَوۡمَئِذٖ وَاجِفَةٌ
Kuri uwo musi rero, imitima y’abagarariji izohinda agashitsi, yugarijwe n’ubwoba n’akantu.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَبۡصَٰرُهَا خَٰشِعَةٞ
Bazoba bijiriwe mu maso, bajumarariwe;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
يَقُولُونَ أَءِنَّا لَمَرۡدُودُونَ فِي ٱلۡحَافِرَةِ
Abahakana bivuye inyuma izuka ry'ibiremwa, bavuga batebura n'akantu bati: “Mbega, ni ivy’ukuri, tuzosubizwa ubuzima inyuma yo gupfa nk’uko twahora kw’isi!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَءِذَا كُنَّا عِظَٰمٗا نَّخِرَةٗ
Ubu nitwaba amagufa yabunzwe, tuzozuka koko!”.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
قَالُواْ تِلۡكَ إِذٗا كَرَّةٌ خَاسِرَةٞ
Bazoheza bavuge bihebura bati: “Emwe! Iryo garuka ryacu rero, ni ryaba ari iry'ukuri, rizoba ari iry’agahombo”.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَإِنَّمَا هِيَ زَجۡرَةٞ وَٰحِدَةٞ
Mu vy’ukuri, rizoba ivuzwa rimwe gusa ry’inzamba ya kabiri;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَإِذَا هُم بِٱلسَّاهِرَةِ
Maze bace bisanga ari bazima ku mugongo w’isi.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ مُوسَىٰٓ
Ntumwa y’Imana! Mbega, warashikiriwe n’inkuru ya Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah)!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِذۡ نَادَىٰهُ رَبُّهُۥ بِٱلۡوَادِ ٱلۡمُقَدَّسِ طُوًى
Igihe Imana yiwe Rurema Allah Yamuhamagara ari mu kabande gatagatifu “Twuwa”, hambavu y’umusozi Sinayi.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
ٱذۡهَبۡ إِلَىٰ فِرۡعَوۡنَ إِنَّهُۥ طَغَىٰ
Maze Imubwira Iti: “Genda kwa Firawuni, mu vy’ukuri yarimonogoje mu buhakanyi;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَقُلۡ هَل لَّكَ إِلَىٰٓ أَن تَزَكَّىٰ
Uheze umubwire uti: “Ubwo ntiwokwiyeza, ukemera Imana Imwe Rudende Allah!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَهۡدِيَكَ إِلَىٰ رَبِّكَ فَتَخۡشَىٰ
Maze nkakurongora mu nzira y’Imana yawe Rurema Allah, ugaheza ukayigamburukira””.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَأَرَىٰهُ ٱلۡأٓيَةَ ٱلۡكُبۡرَىٰ
Ni ho rero Musa yereka Firawuni igitangaro gihambaye co guhindura inkoni inzoka.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَكَذَّبَ وَعَصَىٰ
Firawuni ashoka ahakana yivuye inyuma Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah), aranagabitanya ku Mana Allah.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
ثُمَّ أَدۡبَرَ يَسۡعَىٰ
Hanyuma agenza umugongo yirengagiza ukwemera, abandanya ubwononyi bwo guhakana Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah).
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَحَشَرَ فَنَادَىٰ
Ni ho Firawuni yakoranya abantu, arasemerera;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَقَالَ أَنَا۠ رَبُّكُمُ ٱلۡأَعۡلَىٰ
Avuga ati: “Ni jewe imana yanyu iri hejuru ya vyose”.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَأَخَذَهُ ٱللَّهُ نَكَالَ ٱلۡأٓخِرَةِ وَٱلۡأُولَىٰٓ
Maze Imana Allah Ica Iramwihora, Imuha ibihano vy’akarorero mu buzima bwo kw'isi, Ikazomuha n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِنَّ فِي ذَٰلِكَ لَعِبۡرَةٗ لِّمَن يَخۡشَىٰٓ
Mu vy’ukuri inyifato ya Firawuni n’ivyamushikiye, harimwo inkebuzo ku bantu batinya ibihano vy'Imana Allah.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
ءَأَنتُمۡ أَشَدُّ خَلۡقًا أَمِ ٱلسَّمَآءُۚ بَنَىٰهَا
Mbega bantu! Izurwa ryanyu, ni ryo ryoba rigoye cane kurusha; canke ukurema ijuru, Imana Allah Yubatse hejuru yanyu, ni co kigoye!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
رَفَعَ سَمۡكَهَا فَسَوَّىٰهَا
Yahanitse ikirere caryo, Iraheza Irariringaniza.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَغۡطَشَ لَيۡلَهَا وَأَخۡرَجَ ضُحَىٰهَا
Igira ijoro ryaryo umwijima iyo izuba rirenze, Ikabonesha umurango waryo iyo riserutse.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَٱلۡأَرۡضَ بَعۡدَ ذَٰلِكَ دَحَىٰهَآ
Inyuma y’ivyo, Yagura isi Irayisasa, Iyishiramwo ibintu vyose nkenerwa.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
أَخۡرَجَ مِنۡهَا مَآءَهَا وَمَرۡعَىٰهَا
Iraserura amariba y’amazi yayo, Imeza n’uburagiro bw’ibitungwa.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَٱلۡجِبَالَ أَرۡسَىٰهَا
Imisozi na yo Irayishinga;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
مَتَٰعٗا لَّكُمۡ وَلِأَنۡعَٰمِكُمۡ
Ivyo vyose Yabibaremeye, kugira muryoherwe mwebwe n’ibitungwa vyanyu[1], muvyikoreko.
[1] Izurwa ryanyu rero, rizoba ryoroshe cane ku Mana Allah gusumba irema ry’ivyo vyose Yaremye.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَإِذَا جَآءَتِ ٱلطَّآمَّةُ ٱلۡكُبۡرَىٰ
Igihe haje rero ikiza nya kiza c’umusi w’izuka;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
يَوۡمَ يَتَذَكَّرُ ٱلۡإِنسَٰنُ مَا سَعَىٰ
Umusi umuntu azokwerekwa ivyo yakoze, aheze avyibuke, anavyemange;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَبُرِّزَتِ ٱلۡجَحِيمُ لِمَن يَرَىٰ
Umuriro ururumba ugashirwa ahabona;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَأَمَّا مَن طَغَىٰ
Uwo wese rero, yimonogoje mu buhakanyi;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَءَاثَرَ ٱلۡحَيَوٰةَ ٱلدُّنۡيَا
Agahitamwo ubuzima bwo kw’isi, akirengagiza ubuzima bw’inyuma yo gupfa;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَإِنَّ ٱلۡجَحِيمَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ
Mu vy’ukuri, umuriro ururumba wa Jahannamu, ni bwo bushikiro bwiwe.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
وَأَمَّا مَنۡ خَافَ مَقَامَ رَبِّهِۦ وَنَهَى ٱلنَّفۡسَ عَنِ ٱلۡهَوَىٰ
Nayo uwitwararitse kurengutswa imbere y’Imana yiwe Rurema Allah, akanareka gukora ivyo umutima wiwe wipfuza;
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فَإِنَّ ٱلۡجَنَّةَ هِيَ ٱلۡمَأۡوَىٰ
Mu vy’ukuri, Ubwami bw’ijuru ni ryo cumbi ryiwe.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلسَّاعَةِ أَيَّانَ مُرۡسَىٰهَا
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana barakubaza igihe umuhero w’isi uzoberako!
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
فِيمَ أَنتَ مِن ذِكۡرَىٰهَآ
Wewe, nta bumenyi bw’igihe uzoberako ufise.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِلَىٰ رَبِّكَ مُنتَهَىٰهَآ
Ubumenyi bwawo buri ku Mana yawe Rurema Allah.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
إِنَّمَآ أَنتَ مُنذِرُ مَن يَخۡشَىٰهَا
Wewe gusa, uri umugabisha w’uwutinya akitegurira uwo musi w’umuhero.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
كَأَنَّهُمۡ يَوۡمَ يَرَوۡنَهَا لَمۡ يَلۡبَثُوٓاْ إِلَّا عَشِيَّةً أَوۡ ضُحَىٰهَا
Umusi bazowubona, bazomera nk’aho batigeze baba kw’isi, kiretse igihe kingana n’umuhingamo[2] canke umusase gusa[3].
[2] Igice c’umusi, kuva izuba rihengamiye mu burengero gushika rirenze.
[3] Igice c’umusi, kuva izuba riserutse gushika ku mutaga.
Arabische Interpretationen von dem heiligen Quran:
 
Übersetzung der Bedeutungen Surah / Kapitel: An-Nâzi‘ât
Suren/ Kapiteln Liste Nummer der Seite
 
Übersetzung der Bedeutungen von dem heiligen Quran - الترجمة الكيروندية - Übersetzungen

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Schließen