የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية * - የትርጉሞች ማዉጫ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ጋሺያህ   አንቀጽ:

SURATU L-GHAASHIYAH

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡغَٰشِيَةِ
Mbega Ntumwa y’Imana! Warashikiriwe n’inkuru y’umusi uhwikira ibiremwa!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٍ خَٰشِعَةٌ
Uwo musi, abagarariji bazosuzugurika bijirirwe mu maso kubera ibihano;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
عَامِلَةٞ نَّاصِبَةٞ
Bakore bita ku rutare, baruhe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تَصۡلَىٰ نَارًا حَامِيَةٗ
Bazokwinjira mu muriro udahera, unyengetera cane;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
تُسۡقَىٰ مِنۡ عَيۡنٍ ءَانِيَةٖ
Banyweshwe mw’iriba ry’amazi asebura akaryimara;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّيۡسَ لَهُمۡ طَعَامٌ إِلَّا مِن ضَرِيعٖ
Nta mfungurwa bazohabwa atari amahwa yumye;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّا يُسۡمِنُ وَلَا يُغۡنِي مِن جُوعٖ
Ntavyibusha namba eka ntanavuna n’inzara (ntanahembura) na gato.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ نَّاعِمَةٞ
Uwo musi rero, abemeramana bazorangwa n’akamwemwe mu maso;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لِّسَعۡيِهَا رَاضِيَةٞ
Bashime mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibikorwa vyabo bakoze kw’isi;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٖ
Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّا تَسۡمَعُ فِيهَا لَٰغِيَةٗ
Ntibazokwumvamwo insaku n’amajambo ata co amaze;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِيهَا عَيۡنٞ جَارِيَةٞ
Harimwo iriba ry’amazi atemba;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فِيهَا سُرُرٞ مَّرۡفُوعَةٞ
Harimwo n’ibitanda vy’icubahiro bihanitse;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَأَكۡوَابٞ مَّوۡضُوعَةٞ
N’ibirahuri bishinguwe neza, vyabategekanirijwe;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَنَمَارِقُ مَصۡفُوفَةٞ
N’imisego itondeshejwe neza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَزَرَابِيُّ مَبۡثُوثَةٌ
N’ibisaswa vy’iteka bishashwe neza.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
أَفَلَا يَنظُرُونَ إِلَى ٱلۡإِبِلِ كَيۡفَ خُلِقَتۡ
Mbega yemwe, abagarariji ntibitegereza ingamiya ingene yaremwe!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِلَى ٱلسَّمَآءِ كَيۡفَ رُفِعَتۡ
N’ijuru ingene ryahanitswe, ata nkingi!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِلَى ٱلۡجِبَالِ كَيۡفَ نُصِبَتۡ
N’imisozi ingene yashimitswe!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
وَإِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَيۡفَ سُطِحَتۡ
N’isi ingene yashashwe, yagutse!
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَذَكِّرۡ إِنَّمَآ أَنتَ مُذَكِّرٞ
Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, Ibutsa abirengagiza ukuri, ko mu vy’ukuri wewe ujejwe kwibutsa gusa;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
لَّسۡتَ عَلَيۡهِم بِمُصَيۡطِرٍ
Wewe ntushinzwe kubahatira kwemera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِلَّا مَن تَوَلَّىٰ وَكَفَرَ
Ariko uwugenza umugongo, agatsimbatara mu kugarariza;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
فَيُعَذِّبُهُ ٱللَّهُ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَكۡبَرَ
Uyo, Imana Allah Izomuha ibihano ruhasha mu muriro.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
إِنَّ إِلَيۡنَآ إِيَابَهُمۡ
Mu vy’ukuri, igaruka ryabo - nibazuka - ni iwacu Twebwe Allah;
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
ثُمَّ إِنَّ عَلَيۡنَا حِسَابَهُم
Hanyuma, nta nkeka ko ari Twebwe Allah, Tujejwe kubaharurira ku musi w’impera.
የአረብኛ ቁርኣን ማብራሪያ:
 
የይዘት ትርጉም ምዕራፍ: ሱረቱ አል ጋሺያህ
የምዕራፎች ማውጫ የገፅ ቁጥር
 
የቅዱስ ቁርዓን ይዘት ትርጉም - الترجمة الكيروندية - የትርጉሞች ማዉጫ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

መዝጋት