पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية * - अनुवादहरूको सूची

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुल् गाशियः   श्लोक:

SURATU L-GHAASHIYAH

هَلۡ أَتَىٰكَ حَدِيثُ ٱلۡغَٰشِيَةِ
Mbega Ntumwa y’Imana! Warashikiriwe n’inkuru y’umusi uhwikira ibiremwa!
अरबी व्याख्याहरू:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٍ خَٰشِعَةٌ
Uwo musi, abagarariji bazosuzugurika bijirirwe mu maso kubera ibihano;
अरबी व्याख्याहरू:
عَامِلَةٞ نَّاصِبَةٞ
Bakore bita ku rutare, baruhe;
अरबी व्याख्याहरू:
تَصۡلَىٰ نَارًا حَامِيَةٗ
Bazokwinjira mu muriro udahera, unyengetera cane;
अरबी व्याख्याहरू:
تُسۡقَىٰ مِنۡ عَيۡنٍ ءَانِيَةٖ
Banyweshwe mw’iriba ry’amazi asebura akaryimara;
अरबी व्याख्याहरू:
لَّيۡسَ لَهُمۡ طَعَامٌ إِلَّا مِن ضَرِيعٖ
Nta mfungurwa bazohabwa atari amahwa yumye;
अरबी व्याख्याहरू:
لَّا يُسۡمِنُ وَلَا يُغۡنِي مِن جُوعٖ
Ntavyibusha namba eka ntanavuna n’inzara (ntanahembura) na gato.
अरबी व्याख्याहरू:
وُجُوهٞ يَوۡمَئِذٖ نَّاعِمَةٞ
Uwo musi rero, abemeramana bazorangwa n’akamwemwe mu maso;
अरबी व्याख्याहरू:
لِّسَعۡيِهَا رَاضِيَةٞ
Bashime mu buzima bw’inyuma yo gupfa ibikorwa vyabo bakoze kw’isi;
अरबी व्याख्याहरू:
فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٖ
Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;
अरबी व्याख्याहरू:
لَّا تَسۡمَعُ فِيهَا لَٰغِيَةٗ
Ntibazokwumvamwo insaku n’amajambo ata co amaze;
अरबी व्याख्याहरू:
فِيهَا عَيۡنٞ جَارِيَةٞ
Harimwo iriba ry’amazi atemba;
अरबी व्याख्याहरू:
فِيهَا سُرُرٞ مَّرۡفُوعَةٞ
Harimwo n’ibitanda vy’icubahiro bihanitse;
अरबी व्याख्याहरू:
وَأَكۡوَابٞ مَّوۡضُوعَةٞ
N’ibirahuri bishinguwe neza, vyabategekanirijwe;
अरबी व्याख्याहरू:
وَنَمَارِقُ مَصۡفُوفَةٞ
N’imisego itondeshejwe neza;
अरबी व्याख्याहरू:
وَزَرَابِيُّ مَبۡثُوثَةٌ
N’ibisaswa vy’iteka bishashwe neza.
अरबी व्याख्याहरू:
أَفَلَا يَنظُرُونَ إِلَى ٱلۡإِبِلِ كَيۡفَ خُلِقَتۡ
Mbega yemwe, abagarariji ntibitegereza ingamiya ingene yaremwe!
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِلَى ٱلسَّمَآءِ كَيۡفَ رُفِعَتۡ
N’ijuru ingene ryahanitswe, ata nkingi!
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِلَى ٱلۡجِبَالِ كَيۡفَ نُصِبَتۡ
N’imisozi ingene yashimitswe!
अरबी व्याख्याहरू:
وَإِلَى ٱلۡأَرۡضِ كَيۡفَ سُطِحَتۡ
N’isi ingene yashashwe, yagutse!
अरबी व्याख्याहरू:
فَذَكِّرۡ إِنَّمَآ أَنتَ مُذَكِّرٞ
Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, Ibutsa abirengagiza ukuri, ko mu vy’ukuri wewe ujejwe kwibutsa gusa;
अरबी व्याख्याहरू:
لَّسۡتَ عَلَيۡهِم بِمُصَيۡطِرٍ
Wewe ntushinzwe kubahatira kwemera.
अरबी व्याख्याहरू:
إِلَّا مَن تَوَلَّىٰ وَكَفَرَ
Ariko uwugenza umugongo, agatsimbatara mu kugarariza;
अरबी व्याख्याहरू:
فَيُعَذِّبُهُ ٱللَّهُ ٱلۡعَذَابَ ٱلۡأَكۡبَرَ
Uyo, Imana Allah Izomuha ibihano ruhasha mu muriro.
अरबी व्याख्याहरू:
إِنَّ إِلَيۡنَآ إِيَابَهُمۡ
Mu vy’ukuri, igaruka ryabo - nibazuka - ni iwacu Twebwe Allah;
अरबी व्याख्याहरू:
ثُمَّ إِنَّ عَلَيۡنَا حِسَابَهُم
Hanyuma, nta nkeka ko ari Twebwe Allah, Tujejwe kubaharurira ku musi w’impera.
अरबी व्याख्याहरू:
 
अर्थको अनुवाद सूरः: सूरतुल् गाशियः
अध्यायहरूको (सूरःहरूको) सूची رقم الصفحة
 
पवित्र कुरअानको अर्थको अनुवाद - الترجمة الكيروندية - अनुवादहरूको सूची

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

बन्द गर्नुस्