ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية * - فهرس التراجم

XML CSV Excel API
تنزيل الملفات يتضمن الموافقة على هذه الشروط والسياسات

ترجمة معاني سورة: البلد   آية:

سورة البلد - SURATU L-BALADI

لَآ أُقۡسِمُ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Jewe Allah, Ndarahiye kuri iki gisagara ceranda ca Makka!
التفاسير العربية:
وَأَنتَ حِلُّۢ بِهَٰذَا ٱلۡبَلَدِ
Kikaba ari na co wewe Intumwa Muhamadi urekuriwe gukoreramwo ico ushatse[1].
[1] Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), yarekuriwe gukorera mu gisagara ca Makka ico ishatse, harimwo n’indwano mu kiringo kitarenga isaha imwe ku mutaga. Iyi Aayah, irerekana ko Intumwa (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), izokwigarurira ico gisagara habanje kuba indwano.
التفاسير العربية:
وَوَالِدٖ وَمَا وَلَدَ
Ndarahiye kandi no ku kiremwa kivyara (ari co Adamu) n’ikivyarwa (mu rwaruka rwiwe)!
التفاسير العربية:
لَقَدۡ خَلَقۡنَا ٱلۡإِنسَٰنَ فِي كَبَدٍ
Ko mu vy’ukuri Twebwe Allah Twaremye, ikiremwa-muntu kizohura n’umuruho ku wundi kw’isi kugeza gupfa.
التفاسير العربية:
أَيَحۡسَبُ أَن لَّن يَقۡدِرَ عَلَيۡهِ أَحَدٞ
Mbega umuntu kubera amatungo yegeranije, yibaza ko ata wuzoshobora kumugonda!
التفاسير العربية:
يَقُولُ أَهۡلَكۡتُ مَالٗا لُّبَدًا
Avuga yihaya ngo: “Naratanze amatungo menshi cane!”.
التفاسير العربية:
أَيَحۡسَبُ أَن لَّمۡ يَرَهُۥٓ أَحَدٌ
Mbega, yibaza ko ata n’umwe amubona akazomuhera ku vyo yakoze, vyaba bike canke vyinshi!
التفاسير العربية:
أَلَمۡ نَجۡعَل لَّهُۥ عَيۡنَيۡنِ
Mbega, Twebwe Allah Ntitwamuhaye amaso abiri abonesha!
التفاسير العربية:
وَلِسَانٗا وَشَفَتَيۡنِ
Tumuha n’ururimi hamwe n’iminwa ibiri, kugira ashobore gutomora ijambo!
التفاسير العربية:
وَهَدَيۡنَٰهُ ٱلنَّجۡدَيۡنِ
Dutako Turamumenyesha Tumutomorera inzira zibiri, iy’iciza n’iy’ikibi, kugira ngo yihitiremwo!
التفاسير العربية:
فَلَا ٱقۡتَحَمَ ٱلۡعَقَبَةَ
Mbega, ubwo ntiyotanga amatungo yiwe akabona kuruhuka umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa!
التفاسير العربية:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡعَقَبَةُ
Ni igiki cokumenyesha ico ari co umuruho wo mu buzima bw’inyuma yo gupfa n’icowugukiza!
التفاسير العربية:
فَكُّ رَقَبَةٍ
Ni uguha umugurano w’umwemeramana ubwigenge;
التفاسير العربية:
أَوۡ إِطۡعَٰمٞ فِي يَوۡمٖ ذِي مَسۡغَبَةٖ
Canke ugufungurira mu gihe c’inzara izura inzara;
التفاسير العربية:
يَتِيمٗا ذَا مَقۡرَبَةٍ
Impfuvyi ya hafi mu muryango[2];
[2] Ugaheza ukaronka indishi zo gutanga imperezwa n’izo kwunga ubuvandimwe.
التفاسير العربية:
أَوۡ مِسۡكِينٗا ذَا مَتۡرَبَةٖ
Canke umworo ata co yimariye (ata gira shinge na rugero).
التفاسير العربية:
ثُمَّ كَانَ مِنَ ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلصَّبۡرِ وَتَوَاصَوۡاْ بِٱلۡمَرۡحَمَةِ
Inyuma yo gukora ivyo vyose, umuntu akaba ari mu bemeramana, bahanurana kwihanganira kwumvira Imana Allah no kutayigabitanyiriza, bakanahanurana kugirira impuhwe ibiremwa.
التفاسير العربية:
أُوْلَٰٓئِكَ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَيۡمَنَةِ
Abo barangwa n’ivyo rero, ni bo bantu bo mu ruhande rw’iburyo, bazoruhukira mu Bwami bw’ijuru.
التفاسير العربية:
وَٱلَّذِينَ كَفَرُواْ بِـَٔايَٰتِنَا هُمۡ أَصۡحَٰبُ ٱلۡمَشۡـَٔمَةِ
Nayo abagararije Aayah zacu za Qor’ani, abo ni bo bantu bo mu ruhande rw’ibubamfu;
التفاسير العربية:
عَلَيۡهِمۡ نَارٞ مُّؤۡصَدَةُۢ
Bazoba bapfundikiriwe mu muriro ubakikuje ku mpande zose.
التفاسير العربية:
 
ترجمة معاني سورة: البلد
فهرس السور رقم الصفحة
 
ترجمة معاني القرآن الكريم - الترجمة الكيروندية - فهرس التراجم

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

إغلاق