আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية * - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-হা-ক্বাহ   আয়াত:

SURATU L-HAAQQAH

ٱلۡحَآقَّةُ
Igitegerezwa kuba.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَا ٱلۡحَآقَّةُ
Ico, ni igiki gitegerezwa kuba?
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا ٱلۡحَآقَّةُ
Ntumwa y'Imana! Ni igiki cokumenyesha ico gitegerezwa kuba, ukuntu giteye n'intureka zaco?
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كَذَّبَتۡ ثَمُودُ وَعَادُۢ بِٱلۡقَارِعَةِ
Bene Thamuudi barungikiwe Intumwa Swalehe (nyakugira amahoro y’Imana Allah), na Bene Aadi barungikiwe Intumwa Huudi (nyakugira amahoro y’Imana Allah), barahakanye bivuye inyuma umusi w’inkuramutima, ari wo muhero w’isi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَمَّا ثَمُودُ فَأُهۡلِكُواْ بِٱلطَّاغِيَةِ
Ni uko rero, Bene Thamuudi bahonejwe n’ijwi rimena amatwi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَمَّا عَادٞ فَأُهۡلِكُواْ بِرِيحٖ صَرۡصَرٍ عَاتِيَةٖ
Nayo Bene Aadi, bahonejwe n’igihuhusi c’igikonyozi kirandurana n’imizi ico ari co cose bihuye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
سَخَّرَهَا عَلَيۡهِمۡ سَبۡعَ لَيَالٖ وَثَمَٰنِيَةَ أَيَّامٍ حُسُومٗاۖ فَتَرَى ٱلۡقَوۡمَ فِيهَا صَرۡعَىٰ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٍ خَاوِيَةٖ
Imana Allah, Yakibarungikiye amajoro indwi n’imirango umunani ikurikirana ata gahengwe, maze kirabahonya. Waraheza ukabona abantu bitega imyereka bagwa hasi nk’ibishitsi vy’itende vyariwe n’umuswa, bitagira intimatima;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَهَلۡ تَرَىٰ لَهُم مِّنۢ بَاقِيَةٖ
Mbega woba ukibona n’umwe muri bo yarokotse, akarusimba! Barahonye bose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَجَآءَ فِرۡعَوۡنُ وَمَن قَبۡلَهُۥ وَٱلۡمُؤۡتَفِكَٰتُ بِٱلۡخَاطِئَةِ
Mu nyuma, haje Firawuni n’ubugaba bwiwe, haza n’abahakanyi bo hambere yiwe, hamwe n’abantu bo mu bisagara vyimonogoje mu bugaba, barungikiwe Intumwa Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَعَصَوۡاْ رَسُولَ رَبِّهِمۡ فَأَخَذَهُمۡ أَخۡذَةٗ رَّابِيَةً
Umugwi wose muri bo, warahakanye wivuye inyuma Intumwa warungikiwe n’Imana yawo Rurema Allah, maze Iraheza Irawushikura mu kuwuhana bimwe bikomeye.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّا لَمَّا طَغَا ٱلۡمَآءُ حَمَلۡنَٰكُمۡ فِي ٱلۡجَارِيَةِ
Mu vy’ukuri, igihe isegenya ryahitana vyose rero, Twebwe Allah Twararokoye mu guheka mu bwato bureremba, abo mwakomotseko hamwe n’Intumwa Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah);
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لِنَجۡعَلَهَا لَكُمۡ تَذۡكِرَةٗ وَتَعِيَهَآ أُذُنٞ وَٰعِيَةٞ
Ivyo Twabigize kugira ngo bibabere urwibutso, maze ugutwi kwumva na kwo kwumvireho.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَإِذَا نُفِخَ فِي ٱلصُّورِ نَفۡخَةٞ وَٰحِدَةٞ
Igihe rero havugijwe n’umumalayika Israafiili inzamba ya mbere yo guhonya ibiremwa vyose;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَحُمِلَتِ ٱلۡأَرۡضُ وَٱلۡجِبَالُ فَدُكَّتَا دَكَّةٗ وَٰحِدَةٗ
Maze isi hamwe n’imisozi bigakurwaho, bigahondwa rimwe gusa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَيَوۡمَئِذٖ وَقَعَتِ ٱلۡوَاقِعَةُ
Uwo rero, ni wo musi w’imperuka w'igitegerezwa kuba, uzoba washitse;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱنشَقَّتِ ٱلسَّمَآءُ فَهِيَ يَوۡمَئِذٖ وَاهِيَةٞ
Aho ijuru rizosatagurika. Kuri uwo musi, ijuru rizoba ridakomeye namba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَٱلۡمَلَكُ عَلَىٰٓ أَرۡجَآئِهَاۚ وَيَحۡمِلُ عَرۡشَ رَبِّكَ فَوۡقَهُمۡ يَوۡمَئِذٖ ثَمَٰنِيَةٞ
Abamalayika na bo bazoba bari ku mfuruka zaryo. Abamalayika umunani b’ibihangange bazoba bareruye hejuru yabo Ubuhangamo bw’Imana yawe Rurema Allah;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَوۡمَئِذٖ تُعۡرَضُونَ لَا تَخۡفَىٰ مِنكُمۡ خَافِيَةٞ
Bantu! Kuri uwo musi, muzoshengezwa mwese mucirirwe imanza, muheze muhemberwe ivyo mwakoze, kandi nta banga ryanyu rizonyegezwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِيَمِينِهِۦ فَيَقُولُ هَآؤُمُ ٱقۡرَءُواْ كِتَٰبِيَهۡ
Uwuzohabwa rero igitabu c’ibikorwa vyiwe mu kuboko kwiwe kw’iburyo, azoca avuga ahimbawe cane ati: “Ehe bantu! Akire, nimwisomere iki gitabu canje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنِّي ظَنَنتُ أَنِّي مُلَٰقٍ حِسَابِيَهۡ
Mu vy’ukuri, nari nzi yuko nzoronka impembo yanje, ndaheza ndayikorera”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَهُوَ فِي عِيشَةٖ رَّاضِيَةٖ
Uyo rero, azobaho ubuzima bw’akanyamuneza nta ngere;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فِي جَنَّةٍ عَالِيَةٖ
Bazoba bari mu Bwami bw’ijuru bw’iteka;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
قُطُوفُهَا دَانِيَةٞ
Ivyamwa vyo muri Bwo vyamira hafi cane, bikamurwa vyoroshe;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَآ أَسۡلَفۡتُمۡ فِي ٱلۡأَيَّامِ ٱلۡخَالِيَةِ
Bazobwirwa bati: “Nimufungure, mwongere munywe n’akayabagu kenshi ku vyo mwakoze kw’isi”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَأَمَّا مَنۡ أُوتِيَ كِتَٰبَهُۥ بِشِمَالِهِۦ فَيَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي لَمۡ أُوتَ كِتَٰبِيَهۡ
Nayo uwuzohabwa igitabu ciwe mu kuboko kwiwe kw’ibubamfu, azovuga yihebuye ati: “Amagorwa arama yemwe! Iyo ntahabwa iki gitabu canje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَمۡ أَدۡرِ مَا حِسَابِيَهۡ
Ngatako simenye impembo yanje;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
يَٰلَيۡتَهَا كَانَتِ ٱلۡقَاضِيَةَ
Yoo! Iyo urupfu napfuye kw’isi rumarira vyose sinzuke;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
مَآ أَغۡنَىٰ عَنِّي مَالِيَهۡۜ
Ehe yemwe! Amatungo yanje yose nta co yamariye;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
هَلَكَ عَنِّي سُلۡطَٰنِيَهۡ
Eka n’ivyireguzo vyanje vyose vyampereyeko”.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
خُذُوهُ فَغُلُّوهُ
Abamalayika bacungereye umuriro, bazoca babwirwa bati: “Nimufate uyo munyavyaha mukomanye amaboko n’izosi, muce mumudadira n'amapingu;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ ٱلۡجَحِيمَ صَلُّوهُ
Hanyuma mumujugunyire mu muriro ururumba;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ فِي سِلۡسِلَةٖ ذَرۡعُهَا سَبۡعُونَ ذِرَاعٗا فَٱسۡلُكُوهُ
Muheze mumuboheshe umunyororo muremure cane”;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهُۥ كَانَ لَا يُؤۡمِنُ بِٱللَّهِ ٱلۡعَظِيمِ
Mu vy’ukuri, ntiyigeze yemera Imana Imwe Rudende Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا يَحُضُّ عَلَىٰ طَعَامِ ٱلۡمِسۡكِينِ
Kandi ntiyitaho guhimiriza gufungurira abakenye mu bakene n’aboro, n’abandi.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَيۡسَ لَهُ ٱلۡيَوۡمَ هَٰهُنَا حَمِيمٞ
Uno musi rero, nta mukunzi nkoramutima afise ngo amukingire ibihano;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا طَعَامٌ إِلَّا مِنۡ غِسۡلِينٖ
Nta n’ibifungurwa ahabwa, atari amashira n’ibindi bitemba biva mu nyenga y’umuriro;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَّا يَأۡكُلُهُۥٓ إِلَّا ٱلۡخَٰطِـُٔونَ
Nta muntu anabifungura, atari abanyavyaha b’abahakanyi ruhebwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَلَآ أُقۡسِمُ بِمَا تُبۡصِرُونَ
Jewe Allah, Ndarahiye ku bintu mubona n’amaso!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا لَا تُبۡصِرُونَ
No ku vyo mutabona mu binyegejwe ibiremwa!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
إِنَّهُۥ لَقَوۡلُ رَسُولٖ كَرِيمٖ
Ko mu vy’ukuri iyo Qor’ani, ari amajambo y’Imana Allah asomwa n’Intumwa yubashwe.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَمَا هُوَ بِقَوۡلِ شَاعِرٖۚ قَلِيلٗا مَّا تُؤۡمِنُونَ
Kanatsinda, si n’amajambo y’umwivuzi w'amazina nk'uko mwibwira. Burya mwemera gake!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَا بِقَوۡلِ كَاهِنٖۚ قَلِيلٗا مَّا تَذَكَّرُونَ
Kandi si n’amajambo y’umurozi atongera. Burya mwibuka gake, ngo mushobore kubitandukanya!
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
تَنزِيلٞ مِّن رَّبِّ ٱلۡعَٰلَمِينَ
Ahubwo iyo Qor’ani, ni amajambo y’Imana Allah yamanuwe n’Umubungabunzi w’ibiremwa vyose ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَلَوۡ تَقَوَّلَ عَلَيۡنَا بَعۡضَ ٱلۡأَقَاوِيلِ
Iyo rero Muhamadi ahirahira ngo arementanye bimwe mu vyo avuga, Tutigeze Tubimuhishurira;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
لَأَخَذۡنَا مِنۡهُ بِٱلۡيَمِينِ
Nta nkeka ko Twari kumuhana, Tukanamuca n’ukuboko kw’iburyo;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
ثُمَّ لَقَطَعۡنَا مِنۡهُ ٱلۡوَتِينَ
Twari no kumuca umutsi mukuru w’umurindi w’amaraso, agapfa;
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَمَا مِنكُم مِّنۡ أَحَدٍ عَنۡهُ حَٰجِزِينَ
Kandi nta n’umwe muri mwebwe yoshoboye kumukingira.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّهُۥ لَتَذۡكِرَةٞ لِّلۡمُتَّقِينَ
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani ntagatifu, ni n’urwibutso rwibutsa canecane abagamburukiramana bubahiriza amabwirizwa y'Imana Allah.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّا لَنَعۡلَمُ أَنَّ مِنكُم مُّكَذِّبِينَ
Bantu! Mu vy’ukuri, Turazi ko muri mwebwe harimwo abahakana iyi Qor’ani, ntibayemere.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّهُۥ لَحَسۡرَةٌ عَلَى ٱلۡكَٰفِرِينَ
Kandi kutayemera, bizotera abagarariji agahombo n’umubabaro.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
وَإِنَّهُۥ لَحَقُّ ٱلۡيَقِينِ
Mu vy’ukuri iyi Qor’ani, ni kwo kuri nyakwo kudahinyuzwa.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
فَسَبِّحۡ بِٱسۡمِ رَبِّكَ ٱلۡعَظِيمِ
Ntumwa y’Imana! Kubera ivyo rero, shishikara uninahaza Imana yawe Rurema Allah, Nyenicubahirogisumbavyose.
আৰবী তাফছীৰসমূহ:
 
অৰ্থানুবাদ ছুৰা: ছুৰা আল-হা-ক্বাহ
ছুৰাৰ তালিকা পৃষ্ঠা নং
 
আল-কোৰআনুল কাৰীমৰ অৰ্থানুবাদ - الترجمة الكيروندية - অনুবাদসমূহৰ সূচীপত্ৰ

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

বন্ধ