Check out the new design

কুরআনুল কারীমের অর্থসমূহের অনুবাদ - কিরুন্দি ভাষায় অনুবাদ- ইউসুফ গহিতি * - অনুবাদসমূহের সূচী

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

অর্থসমূহের অনুবাদ সূরা: আন-নিসা   আয়াত:
۞ لَّا خَيۡرَ فِي كَثِيرٖ مِّن نَّجۡوَىٰهُمۡ إِلَّا مَنۡ أَمَرَ بِصَدَقَةٍ أَوۡ مَعۡرُوفٍ أَوۡ إِصۡلَٰحِۭ بَيۡنَ ٱلنَّاسِۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِ فَسَوۡفَ نُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Nta neza iri mu biyago abantu bagirira mu bwongoshwe, kiretse mu gihe nya biyago vyoba bitegeka gutanga imperezwa, canke gukora iciza, canke kunywanisha abatase mu bantu. Uwo wese rero azogira ico akoze muri ivyo, arondera indishi no gushimwa n’Imana Allah, namenye ko Twebwe Allah Tuzoheza Tukamuha indishi ihambaye kandi ishimishije.
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَمَن يُشَاقِقِ ٱلرَّسُولَ مِنۢ بَعۡدِ مَا تَبَيَّنَ لَهُ ٱلۡهُدَىٰ وَيَتَّبِعۡ غَيۡرَ سَبِيلِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ نُوَلِّهِۦ مَا تَوَلَّىٰ وَنُصۡلِهِۦ جَهَنَّمَۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرًا
Uwo wese azoca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho amariye gutomokerwa n’ukuri, maze agakurikira inzira itari iy’abemeramana, Twebwe Allah Tuzoheza Tumurekere ku vyo yatumbereye, ntituzomushoboza kubona ukuri, Duheze Tunamwinjize mu muriro wa Jahannamu awote, ni na yo maherezo mabi cane.
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَغۡفِرُ أَن يُشۡرَكَ بِهِۦ وَيَغۡفِرُ مَا دُونَ ذَٰلِكَ لِمَن يَشَآءُۚ وَمَن يُشۡرِكۡ بِٱللَّهِ فَقَدۡ ضَلَّ ضَلَٰلَۢا بَعِيدًا
Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ngo Ibabarire icaha co kuyibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa, canke kuyigarariza mu buryo ubwo ari bwo bwose buciye kubiri n’ukwemera, mu gihe uwagikoze yopfa atarigaya. Imana Allah Igumiriza akabanga, Ikababarira ibindi vyaha n’ibicumuro bitari ivyo ku wo Ishatse mu biremwa. Uwo wese rero abangikanije Imana Allah n’ikindi kintu, aba yahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri.
আরবি তাফসীরসমূহ:
إِن يَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦٓ إِلَّآ إِنَٰثٗا وَإِن يَدۡعُونَ إِلَّا شَيۡطَٰنٗا مَّرِيدٗا
Ababangikanyamana ntibiyegereza mu vyo bakora mu gusenga ibitari Imana Allah, kiretse ibigirwamana ata co vyungura uwubisenga, ata n’ico vyicira uwuretse kubisenga, burya ntibasenga kiretse shetani yagararije Imana Allah ikimonogoza;
আরবি তাফসীরসমূহ:
لَّعَنَهُ ٱللَّهُۘ وَقَالَ لَأَتَّخِذَنَّ مِنۡ عِبَادِكَ نَصِيبٗا مَّفۡرُوضٗا
Irakavumwa n’Imana Allah. Shetani yarinamuye n’agahigihigi n’akantu iti: “Ni ukuri nzokwigirira mu biremwa vyawe umugwi uzwi, maze ndawuryohereze mu mvugo n’ingiro;
আরবি তাফসীরসমূহ:
وَلَأُضِلَّنَّهُمۡ وَلَأُمَنِّيَنَّهُمۡ وَلَأٓمُرَنَّهُمۡ فَلَيُبَتِّكُنَّ ءَاذَانَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ وَلَأٓمُرَنَّهُمۡ فَلَيُغَيِّرُنَّ خَلۡقَ ٱللَّهِۚ وَمَن يَتَّخِذِ ٱلشَّيۡطَٰنَ وَلِيّٗا مِّن دُونِ ٱللَّهِ فَقَدۡ خَسِرَ خُسۡرَانٗا مُّبِينٗا
Ni ukuri, abazonkurikira muri bo nzobahubisha inzira y’ukuri; ni ukuri nzobaha n’umwizero w’ikinyoma; ni ukuri nzonabararikira guca no gutobora amatwi y’ibitungwa; ni ukuri nzonabararikira guhindura indemo n’ubwiza-ndemanwa bahawe n’Imana Allah”. Uwo wese rero azokwumvira shetani akayikurikira, akayigira umuhagarikizi wiwe yirengagije Imana Allah, ni ukuri azoba yahomvye uruhombo rugaragara.
আরবি তাফসীরসমূহ:
يَعِدُهُمۡ وَيُمَنِّيهِمۡۖ وَمَا يَعِدُهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ إِلَّا غُرُورًا
Shetani iraheza igaha abayikurikira isezerano n’umwizero vy’ikinyoma, kanatsinda ntiyigera ibaha isezerano kiretse isezerano ry’uruhendo.
আরবি তাফসীরসমূহ:
أُوْلَٰٓئِكَ مَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُ وَلَا يَجِدُونَ عَنۡهَا مَحِيصٗا
Abazokurikira shetani, ni bo rero ubushikiro bwabo ari mu muriro wa Jahannamu, nta n’ubuhungiro bazoronka bwo kuwuvamwo.
আরবি তাফসীরসমূহ:
 
অর্থসমূহের অনুবাদ সূরা: আন-নিসা
সূরাসমূহের সূচী পৃষ্ঠার নাম্বার
 
কুরআনুল কারীমের অর্থসমূহের অনুবাদ - কিরুন্দি ভাষায় অনুবাদ- ইউসুফ গহিতি - অনুবাদসমূহের সূচী

ইউসুফ গহাইতি কর্তৃক অনূদিত। আফ্রিকান ডেভেলপমেন্ট ফাউন্ডেশন কর্তৃক প্রকাশিত।

বন্ধ