Check out the new design

Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti * - Indise ng mga Salin

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Salin ng mga Kahulugan Surah: An-Nisā’   Ayah:
۞ لَّا خَيۡرَ فِي كَثِيرٖ مِّن نَّجۡوَىٰهُمۡ إِلَّا مَنۡ أَمَرَ بِصَدَقَةٍ أَوۡ مَعۡرُوفٍ أَوۡ إِصۡلَٰحِۭ بَيۡنَ ٱلنَّاسِۚ وَمَن يَفۡعَلۡ ذَٰلِكَ ٱبۡتِغَآءَ مَرۡضَاتِ ٱللَّهِ فَسَوۡفَ نُؤۡتِيهِ أَجۡرًا عَظِيمٗا
Nta neza iri mu biyago abantu bagirira mu bwongoshwe, kiretse mu gihe nya biyago vyoba bitegeka gutanga imperezwa, canke gukora iciza, canke kunywanisha abatase mu bantu. Uwo wese rero azogira ico akoze muri ivyo, arondera indishi no gushimwa n’Imana Allah, namenye ko Twebwe Allah Tuzoheza Tukamuha indishi ihambaye kandi ishimishije.
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَمَن يُشَاقِقِ ٱلرَّسُولَ مِنۢ بَعۡدِ مَا تَبَيَّنَ لَهُ ٱلۡهُدَىٰ وَيَتَّبِعۡ غَيۡرَ سَبِيلِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ نُوَلِّهِۦ مَا تَوَلَّىٰ وَنُصۡلِهِۦ جَهَنَّمَۖ وَسَآءَتۡ مَصِيرًا
Uwo wese azoca kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), inyuma y’aho amariye gutomokerwa n’ukuri, maze agakurikira inzira itari iy’abemeramana, Twebwe Allah Tuzoheza Tumurekere ku vyo yatumbereye, ntituzomushoboza kubona ukuri, Duheze Tunamwinjize mu muriro wa Jahannamu awote, ni na yo maherezo mabi cane.
Ang mga Tafsir na Arabe:
إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَغۡفِرُ أَن يُشۡرَكَ بِهِۦ وَيَغۡفِرُ مَا دُونَ ذَٰلِكَ لِمَن يَشَآءُۚ وَمَن يُشۡرِكۡ بِٱللَّهِ فَقَدۡ ضَلَّ ضَلَٰلَۢا بَعِيدًا
Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ngo Ibabarire icaha co kuyibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa, canke kuyigarariza mu buryo ubwo ari bwo bwose buciye kubiri n’ukwemera, mu gihe uwagikoze yopfa atarigaya. Imana Allah Igumiriza akabanga, Ikababarira ibindi vyaha n’ibicumuro bitari ivyo ku wo Ishatse mu biremwa. Uwo wese rero abangikanije Imana Allah n’ikindi kintu, aba yahuvye uguhuba kuri kure cane y’ukuri.
Ang mga Tafsir na Arabe:
إِن يَدۡعُونَ مِن دُونِهِۦٓ إِلَّآ إِنَٰثٗا وَإِن يَدۡعُونَ إِلَّا شَيۡطَٰنٗا مَّرِيدٗا
Ababangikanyamana ntibiyegereza mu vyo bakora mu gusenga ibitari Imana Allah, kiretse ibigirwamana ata co vyungura uwubisenga, ata n’ico vyicira uwuretse kubisenga, burya ntibasenga kiretse shetani yagararije Imana Allah ikimonogoza;
Ang mga Tafsir na Arabe:
لَّعَنَهُ ٱللَّهُۘ وَقَالَ لَأَتَّخِذَنَّ مِنۡ عِبَادِكَ نَصِيبٗا مَّفۡرُوضٗا
Irakavumwa n’Imana Allah. Shetani yarinamuye n’agahigihigi n’akantu iti: “Ni ukuri nzokwigirira mu biremwa vyawe umugwi uzwi, maze ndawuryohereze mu mvugo n’ingiro;
Ang mga Tafsir na Arabe:
وَلَأُضِلَّنَّهُمۡ وَلَأُمَنِّيَنَّهُمۡ وَلَأٓمُرَنَّهُمۡ فَلَيُبَتِّكُنَّ ءَاذَانَ ٱلۡأَنۡعَٰمِ وَلَأٓمُرَنَّهُمۡ فَلَيُغَيِّرُنَّ خَلۡقَ ٱللَّهِۚ وَمَن يَتَّخِذِ ٱلشَّيۡطَٰنَ وَلِيّٗا مِّن دُونِ ٱللَّهِ فَقَدۡ خَسِرَ خُسۡرَانٗا مُّبِينٗا
Ni ukuri, abazonkurikira muri bo nzobahubisha inzira y’ukuri; ni ukuri nzobaha n’umwizero w’ikinyoma; ni ukuri nzonabararikira guca no gutobora amatwi y’ibitungwa; ni ukuri nzonabararikira guhindura indemo n’ubwiza-ndemanwa bahawe n’Imana Allah”. Uwo wese rero azokwumvira shetani akayikurikira, akayigira umuhagarikizi wiwe yirengagije Imana Allah, ni ukuri azoba yahomvye uruhombo rugaragara.
Ang mga Tafsir na Arabe:
يَعِدُهُمۡ وَيُمَنِّيهِمۡۖ وَمَا يَعِدُهُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ إِلَّا غُرُورًا
Shetani iraheza igaha abayikurikira isezerano n’umwizero vy’ikinyoma, kanatsinda ntiyigera ibaha isezerano kiretse isezerano ry’uruhendo.
Ang mga Tafsir na Arabe:
أُوْلَٰٓئِكَ مَأۡوَىٰهُمۡ جَهَنَّمُ وَلَا يَجِدُونَ عَنۡهَا مَحِيصٗا
Abazokurikira shetani, ni bo rero ubushikiro bwabo ari mu muriro wa Jahannamu, nta n’ubuhungiro bazoronka bwo kuwuvamwo.
Ang mga Tafsir na Arabe:
 
Salin ng mga Kahulugan Surah: An-Nisā’
Indise ng mga Surah Numero ng Pahina
 
Salin ng mga Kahulugan ng Marangal na Qur'an - Salin sa Wikang Kirundi ni Yusuf Ghayiti - Indise ng mga Salin

Isinalin ni Yusuf Ghayiti. Inilabas ng Pundasyong Afrikano ng Paglago.

Isara