Iyo rero Imana Allah Ishaka kwigenera umwana, Yari guhitamwo mu biremwa vyayo uwo Ishatse. Ukuninahazwa ni ukw’Imana Allah, kurengeye cane kuba Yokwigenera umwana! Imana Allah ni Nyarudende, Nyeninkomezi-ntangere;
Bantu! Imana Allah, Yabaremye Ibakomoye kuri Adamu, maze Irema muri we umukenyezi wiwe. Iraheza Ibaremera n’amoko y’ibitungwa umunani; igitsina-gabo n’igitsina-gore mu ngamiya, mu nka, mu ntama no mu mpene. Iraheza Ibarema intambwe ku yindi mukiri mu nda za ba nyoko mu myijima itatu: umwijima wo mu nda, uw’igitereko n’uwingovyi. Imana Yaremye ivyo rero, ni Yo Mana yanyu Rurema Allah, Nyenubwami, nta mana yindi ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni gute mureka gusenga Imana Imwe Rudende Allah, mugahitamwo kuyibangikanya!
Bantu! Nimwaramuka rero mugararije mu kutayemera no mu kutemera Intumwa zayo, muramenya ko mu vy’ukuri Imana Allah, Yikwije mu bumana bwayo ata n’ico Ibakeneyeko, kanatsinda ni mwebwe muyikeneye mu kubaho kwanyu, kandi ntishima namba ko abaja bayo bayigarariza; nimwayishimira rero mukanayigamburukira, Izobibashimira. Kandi nta n’umwe azohanirwa icaha c’uwundi, hanyuma muzokwegeranirizwa ku Mana yanyu Rurema Allah, Iheze Ibabwire ivyo mwakoze maze Ibibahembere. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irazi ibihishijwe mu mishaha.
Mbega burya umugarariji aryoherwa gato mu bugarariji bwiwe, ni we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwicisha bugufi kuri Yo, akayisenga ayubamira mu gicugu, atinya n'ibihano vyo mu buzima bw’inyuma yo gupfa, yizeye no kugirirwa impuhwe n’Imana yiwe Rurema Allah! Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mbega burya abazi Imana Allah bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, hari aho banganiye mu butore n’ubutoni n’abatayizi batubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ihibambewe, ntibashobora kungana”. Ni ukuri, abibuka bagatandukanya icatsi n’ururo, ni abanyabwenge koko.
Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire abantu bose uti: “Mu vy’ukuri jewe, mu gihe noca kubiri no gusenga Imana yanje Rurema Allah ari Imwe Rudende, ndatinya ko Yompana ku musi uhambaye w’izuka”.
Babangikanyamana! Nimusenge ivyo mushaka mu bigirwamana mu gishingo c’Imana Allah, ivyo vyose nta co binyicira”. Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Mu vy’ukuri abari mu ruhombo nya ruhombo, ni barya bihombeye bagahomba n’imiryango yabo ku musi w’izuka[1]”. Bantu, nimwumve mwumvireho! Urwo rero, ni rwo ruhombo rugaragara.
Barya bumviriza ijambo, maze bakubahiriza irigororotse gusumba; iryo na ryo rikaba ari jambo ry’Imana Allah n’iry’Intumwa yayo. Abo rero, ni bo Imana Allah Yarongoye mu gushobozwa kurangwa n’ingeso hamwe n’ibikorwa vyiza. Abo, ni na bo banyabwenge koko.
Ntumwa y’Imana! Mbega ntiwabonye ko mu vy’ukuri Imana Allah, Ituma hagwa imvura ivuye mu bicu izananye mu kirere, Igaca Icira inzira nya mazi y’imvura akanyika, maze akadudubiza kw’isi ari imbizi n’inzuzi zitemba, hanyuma Ikanagisha ibiterwa bitotahaye bitandukanye kw’ibara n’ubwoko hakoreshejwe amazi ya nya mvura; mu nyuma, nya biterwa bigakaba bigahindura ibara bigahishira ukabona bisa n’umuhondo, hanyuma bigahungurura amababi aheza akavungagurika ku bushobozi bw’Imana Allah! Mu vy’ukuri muri ivyo vyose, ni ukuri harimwo inyigisho n’urwibutso ku banyabwenge koko.
Mbega burya, umuntu yaguriwe n’Imana Allah igikiriza agahimbarwa no kuyemera akaba umwislamu, maze akagendera mu muco w’uburongozi bw’Imana yiwe Rurema Allah, yoba anganya ubotore n’ubutoni, n’uwurangwa n’agatimatare ko kutayemera! Ntibashobora kunganya ubutore n'ubutoni. Uguhanwa nya guhanwa rero, ni ukw’abarangwa n’agatimatare batigera bibuka Imana Allah. Abo, ni bo rero bari mu muzimagiza ugaragara uri kure y’ukuri.
Mbega burya, uwuzotabwa mu muriro ku musi w’izuka abohewe amaboko imugongo kubera ubugarariji bwiwe, gutyo ntashobore kuwikingira mu maso, yoba ari we ntore ku Mana Allah, canke intore ni uwuri mu nema zo mu Bwami bw’ijuru kubera ubugamburutsi bwiwe! Kuri uwo musi rero, abirenganije bazobwirwa ku gahemo bati: “Nimuhonje rero ibihano ku vyo mwari mwararondeye kw’isi”.
Qor’ani Twayimanuye mu rurimi rw’icarabu, itomoye mu majambo no mu nsiguro vyayo, itagiramwo akanenge; ivyo bikaba biri ukwo, kugira bagamburikire Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah[3], canke uwuhakana yivuye inyuma ukuri kwarungikanwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) igihe kumushikiriye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagarariji.
[3] Mu kuyitirira ibitaberanye n’icubahiro cayo; nko kuyitirira umwana, canke umugore, canke kuyibangikanya, canke gushinga ingingo ngo ni iy’Imana Allah kandi ata ho Yigeze Iyihishura.
Burya none Imana Allah, si Yo Ibungabunga Umuja wayo Muhamadi mu kumukingira kugirirwa nabi n’ababangikanyamana! Ego cane, ni Yo Imubungabunga mu bijanye n’idini, Ikamuzigama no mu buzima bwo kw’isi. Ntumwa y’Imana! Baragutera n’ubwoba ko ibigirwamana vyokugeramira. Humura nta co bizokugira. Uwubaye intumva rero, Imana Allah Ikamuhubisha inzira ku butumva bwiwe, ntashobora kuronka n’umwe amurongora mu nzira yayo;
Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi?”. Ni ukuri, bazokwishura ata gushidikanya bati: “Vyaremwe n’Imana Allah”. Nibemanga ko ari Yo Rurema, uraca ubabaza kandi uti: “Mbega burya none, ibigirwamana musaba mu gishingo c’Imana Allah, birashoboye kunkura mu kaga n’igeragezwa nashizwemwo n’Imana Allah, canke birashoboye gutuma ntashikirwa n’ivyiza n’impuhwe nagiriwe n’Imana Allah!”. Nibemanga ko bitabishoboye, uraca ubabwira uti: “Imana Allah rero, ni Yo Ikwiye kunkingira. Abizera rero nibishimikize nyabuna kuri Yo bayizere”.
Ntumwa y’Imana! Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakumanuriye Qor’ani vy’ukuri, kugira ibere uburongozi ibiremwa mu bantu no mu Majini. Uwuzotumbera rero inzira igororotse akagendera n’inyigisho zayo, ni we nyene bizogirira akamaro; uwuzohuba iyo nzira na we akaba intumva, ni we nyene bizogirira inkurikizi mbi; kira noneho, wewe nturi umuhagarikizi abazwa ku vyo bakoze, ujejwe gusa kubashikiriza ubutumwa.
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Burya, ivugira n’ivugirwa ry’ibiremwa vyose, ni ivy’Imana Allah; riba ku burenganzira bwayo, ni Yo Nyenubwami Iganza ibiri mu majuru no mw’isi n’ibiri hagati yavyo; hanyuma rero, ni kuri Yo muzosubizwa kugira muharurirwe, muheze muhemberwe ivyo mwakoze”.
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Ewe Mana yanje Nzima! Rutanguzandemo Waremye amajuru n’isi! Rumenyi w’ibintu vyose; ibinyegeje n’ibiboneka! Ni Wewe ku musi w’izuka, Uzocira abaja bawe urutunganye, rugaragaza ukuri hagati y’abemeramana n’abagarariji ku vyo bahora bahazanako mw’idini, ndongora mu kunshikana ku kuri ku burenganzira bwawe, Wewe mu vy’ukuri, Urongora uwo Ushatse mu nzira igororotse[6]”.
[6] Iki gisabisho, ni kimwe mu bisabisho Intumwa yakunda gusaba mu ntumbero yo kwigisha abemeramana kugaruka ku Mana Allah mu kuyisaba hakoreshejwe amazina n’amatazirano vyayo.
Abirenganije mw’ibangikanyamana, iyo baba bagaba ibiri mw’isi vyose, hiyongeyeko n’ibindi nkavyo, bobitanze kugira bigombore muri vyo ku musi w’izuka; kira noneho, n’aho bobitanga ngo bigombore muri nya bihano, ntibirota vyemerwa namba. Kuri uwo musi rero, bazobona mu bihano vy’Imana Allah, ivyo batigera bibaza bakiri kw’isi ko vyoshika, bagwe mu gahundwe;
Bazobona kuri uwo musi w’iharurirwa ry’ibiremwa, indishi mbi y’ivyo bari bararondeye kw'isi, mu kwitirira Imana Allah ibitaberanye n’icubahiro cayo, bazonasagirizwa n’ibihano bibabaza ku vyo bahora bateburako.
Iyo umuntu ashikiwe n’ivyago, aca atwitabaza Twebwe Allah ngo Tubimukureko, nta ko atagira mu kudutaka mu buryo bwose; Twamara kubimukurako Tukamuha inema ivuye iwacu, agaheza akinamura avuga yihaya yihayagiza mu kugarariza Imana Allah, ati: “Ni ukuri ivyo naronkejwe, nabihawe kuko Imana Allah Izi ko ndabikwiye”. Ahubwo nyabuna, uguhabwa kw’abantu inema, ni ikigeragezo kuri bo kugira hamenyekane (ku vyo Imana Allah Isanzwe Izi), uwushimira Imana Allah n’uwuyigarariza; ariko rero abenshi muri bo ku bujuju bwabo, ntibazi ko bageragezwa ku nema bahawe n’Imana Allah;
Mbega ntibamenye, ko Imana Allah Ironsa uwo Ishatse mu biremwa vyayo umusesekara w’ibimubeshaho kugira Imugerageze[7], Ikanagerera uwo Ishatse muri vyo kugira Imugerageze; bidaturutse ku butoni bw’uriya canke ku bugaba bw’uyu[8]! Mu vy’ukuri muri iryo ronswa ry’umusesekara canke igererwa ry’ibibeshaho, ni ukuri harimwo ivyemezo ku bemeramana bemera amabwirizwa y’Imana Allah bakanayashira mu ngiro, vyerekana ko ibeshwaho ry’ibiremwa ari ku mpuhwe n’ubugwaneza vy’Imana Allah.
[7] Ko ashima inema z’Imana Allah akayisenga ari Imwe Rudende canke ko azihakana akayigarariza. [8] ko yihangana akigumya, akabumbwa n’ivyo aronse canke ko ahababuka agata imiragwe ku Mana Allah no ku bantu.
Ntumwa y’Imana! Bwira abaja banje barendegeye mu vyaha uti: “Ntimukihebure ku bwinshi bw’ivyaha vyanyu, ko mutobabarirwa ku mpuhwe z’Imana Allah; mu vy’ukuri Imana Allah, Iragumya akabanga ku vyaha vy’uwigaye, Ikanabibabarira vyose; mu vy’ukuri, ni Yo Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo”;
Bantu! Enda nyabuna rero, nimugaruke ku Mana yanyu Rurema Allah maze mwigaye, muheze mwicishe bugufi kuri Yo imbere yuko mushikirwa n’ibihano vyayo, hanyuma ntimunaronke n’umwe abatabara;
Maze umuntu akicuza avuga ati: “Ese agahombo nagize mu kutitwararika gukora ivyo nabwirijwe n’Imana Allah! Ni ukuri kw’isi, nari mu batebura kuri vyo, ku Ntumwa no ku bemeramana”;
Ku musi w’izuka rero, abahakanye bivuye inyuma mu kubangikanya Imana Allah bayitirira n’ibitaberanye n’icubahiro cayo, uzobabona bijiriwe, mu maso hirabuye. Ni ukuri mu muriro wa Jahannamu, ni ho hari icumbi ry’abagira amanyama mu kudasenga Imana Imwe Rudende Allah.
Ni Yo Nyenimpfunguruzo z’ibigega vy’amajuru n’isi, Igomororera muri vyo uwo Ishatse mu biremwa. Abagararije bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vy’Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, wahishuriwe n’Imana Allah nk’uko Intumwa zo hambere yawe zahishuriwe; ko niwaramuka uhirahiye ukabangikanya Imana Allah n’ibiremwa, ibikorwa vyawe vyose bizocika impfagusa; kandi ni ukuri, uzoba uri mu bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa[9];
[9] Kuko ata gikorwa na kimwe c’umubangikanyamana cemerwa mu gihe ataravavanura n’ibangikanyamana ngo yigaye atarapfa.
Ahubwo rero nyabuna, niwiyegereze Imana Allah mu vyo ukora vyose unayisenge ari Imwe Rudende, weze n’ivyo ukora vyose ku bwayo, wongere ube no mu bashima inema zayo.
Ababangikanyamana, ntibigeze baha namba Imana Allah icubahiro kiyikwiye mu kuyibangikanya n’ibiremwa, mu gihe ari Yo Nyenubushobozi; isi yose ku musi w’izuka izoba iri mu gipfunsi cayo; amajuru na yo azingwazingwe akonywakonywerezwe mu kuryo kwayo. Nihaninahazwe rero Imana Allah, Yongere Ihabwe n’icubahiro nta ngere mu buryo burengeye cane ivyo ababangikanyamana bayibangikanya;
Inzamba yo guhonya ibiremwa rero izovuzwa, maze ibiremwa vyose biri mu majuru no mw’isi bihonere rimwe, kiretse ivyo Imana Allah Izoshaka ko bidashoka bihwera. Mu nyuma, hazovuzwa inzamba igira kabiri yo kuzura ibiremwa, ubwo nyene ibiremwa vyose bice bizukuruka mu kuzimu vyirabira ico Imana Allah Igiye kubigirira!
Abagararije ko Imana Allah ari Yo Ikwiye gusengwa vy’ukuri, bazoheza babwirwe n’agasuzuguro n’akantu bati: “Dagamba muce ng’aha, muheze mwinjire mu miryango y’umuriro wa Jahannamu, muzowubamwo ibihe bidahera. Iryo rero, ni ryo cumbi ribi cane ry’abagira amanyama mu kutemera Imana Allah”.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Search results:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".