Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: यूनुस   आयत:
فَلَوۡلَا كَانَتۡ قَرۡيَةٌ ءَامَنَتۡ فَنَفَعَهَآ إِيمَٰنُهَآ إِلَّا قَوۡمَ يُونُسَ لَمَّآ ءَامَنُواْ كَشَفۡنَا عَنۡهُمۡ عَذَابَ ٱلۡخِزۡيِ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا وَمَتَّعۡنَٰهُمۡ إِلَىٰ حِينٖ
Nta banyagacimbiri bigeze bemera mu gihe bagiriwe n’ibihano, maze ukwemera kwabo kukagira ico kubamariye, kiretse abantu barungikiwe Intumwa Yunusu mwene Mattaa (nyakugira amahoro y’Imana Allah); igihe babona ko bagiye guhanwa, barigaye ku Mana Allah, baraheza barayemera, ni ho rero Twebwe Allah Twaca Tubakurako ibihano bisuzuguza vyari bigiye kubashikira, Turaheza Tubaha kuryoherwa gato n’ubuzima bwo kw’isi gushika ku musi wa rwo.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَوۡ شَآءَ رَبُّكَ لَأٓمَنَ مَن فِي ٱلۡأَرۡضِ كُلُّهُمۡ جَمِيعًاۚ أَفَأَنتَ تُكۡرِهُ ٱلنَّاسَ حَتَّىٰ يَكُونُواْ مُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Iyo Imana yawe Rurema Allah Ishaka ko abari kw’isi bemera bose, nta cari kubuza ko bose bemera ukuri wabazaniye. Wewe rero ntushobora namba guhatira abantu ku kwemera [268]!
[268] Kuko Imana Allah Irongora mu nzira yayo uwo Ishatse mu gihe agamburutse, Igahubisha uwo Ishatse mu gihe abaye intumva.
अरबी तफ़सीरें:
وَمَا كَانَ لِنَفۡسٍ أَن تُؤۡمِنَ إِلَّا بِإِذۡنِ ٱللَّهِۚ وَيَجۡعَلُ ٱلرِّجۡسَ عَلَى ٱلَّذِينَ لَا يَعۡقِلُونَ
Kira noneho rero, nta muntu n’umwe ashobora kwemera Imana Allah, kiretse ku gushobozwa na Yo ku burenganzira bwayo. Burya Imana Allah, Iha ibihano abantu badatahura amabwirizwa yayo, ntibananyurwe n’ivyemezo vyayo.
अरबी तफ़सीरें:
قُلِ ٱنظُرُواْ مَاذَا فِي ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضِۚ وَمَا تُغۡنِي ٱلۡأٓيَٰتُ وَٱلنُّذُرُ عَن قَوۡمٖ لَّا يُؤۡمِنُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira abantu bawe warungitsweko uti: “Enda nyabuna, nimurabe maze munyurwe n’ivyemezo bigaragara biri mu majuru no mw’isi”. Ariko rero ivyemezo n’igabisha ku bihano vy’Imana Allah, nta co vyungura abantu batavyemera.
अरबी तफ़सीरें:
فَهَلۡ يَنتَظِرُونَ إِلَّا مِثۡلَ أَيَّامِ ٱلَّذِينَ خَلَوۡاْ مِن قَبۡلِهِمۡۚ قُلۡ فَٱنتَظِرُوٓاْ إِنِّي مَعَكُم مِّنَ ٱلۡمُنتَظِرِينَ
Mbega barindiriye iki kugira bemere, kiretse umusi babonye ibihano bigiye kubashikira; nk’uko vyashikiye ababayeho aho hambere yabo! Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Nimurindire rero ingingo y’Imana Allah ku bigaba, nanje mu vy’ukuri ndarindiriye hamwe na mwe”.
अरबी तफ़सीरें:
ثُمَّ نُنَجِّي رُسُلَنَا وَٱلَّذِينَ ءَامَنُواْۚ كَذَٰلِكَ حَقًّا عَلَيۡنَا نُنجِ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Hanyuma Twebwe Allah Tuzoheza Turokore Intumwa zacu n’abemeramana bari kumwe na zo. Ni nk’uko nyene rero - Twabarokoye - Dutegerezwa kukurokora na we Ntumwa y’Imana hamwe n’abemeramana muri kumwe.
अरबी तफ़सीरें:
قُلۡ يَٰٓأَيُّهَا ٱلنَّاسُ إِن كُنتُمۡ فِي شَكّٖ مِّن دِينِي فَلَآ أَعۡبُدُ ٱلَّذِينَ تَعۡبُدُونَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَلَٰكِنۡ أَعۡبُدُ ٱللَّهَ ٱلَّذِي يَتَوَفَّىٰكُمۡۖ وَأُمِرۡتُ أَنۡ أَكُونَ مِنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ
Ntumwa y’Imana! Vuga uti: “Emwe bantu! Nimwaba mufise amakenga kw’idini ryanje ry’ubwislamu ndabararikira kwinjira, nimumenye ko jewe ntasenga namba mu gishingo c'Imana Allah, ivyo musenga mu bigirwamana, ahubwo nsenga Imana Allah Ishoboye kubaka ubuzima mugapfa, naranategetswe kuba mu bemeramana bubahiriza amabwirizwa yayo”.
अरबी तफ़सीरें:
وَأَنۡ أَقِمۡ وَجۡهَكَ لِلدِّينِ حَنِيفٗا وَلَا تَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡمُشۡرِكِينَ
Ntumwa y’Imana! Tumbera uheze ushishikare wewe hamwe n’abagukurikiye mu kwubahiriza idini ry’ubwislamu rishingiye ku kwemera Imana Imwe Rudende Allah, kandi ntukabe namba mu babangikanyamana;
अरबी तफ़सीरें:
وَلَا تَدۡعُ مِن دُونِ ٱللَّهِ مَا لَا يَنفَعُكَ وَلَا يَضُرُّكَۖ فَإِن فَعَلۡتَ فَإِنَّكَ إِذٗا مِّنَ ٱلظَّٰلِمِينَ
Kandi ntugasabe mu gusenga ikitari Imana Allah, ata na kimwe cokumarira mu gihe wogisaba, eka ata n’ico cokwicira mu gihe woreka kugisaba. Mu gihe rero, woramuka ugisavye, woca uba mu babangikanyamana birenganije mw'ibangikanyamana[24];
[24] Ingingo iri muri iyi Aayah, n’aho itumberejwe ku Ntumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), ariko ishirwa mu ngiro ryayo, ryerekeye abislamu bose muri rusangi.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: यूनुस
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें