Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-कह्फ़   आयत:
وَدَخَلَ جَنَّتَهُۥ وَهُوَ ظَالِمٞ لِّنَفۡسِهِۦ قَالَ مَآ أَظُنُّ أَن تَبِيدَ هَٰذِهِۦٓ أَبَدٗا
Ni ho rero yinjira muri nya murima wiwe yirenganya mu kutemera izuka ry’ibiremwa, maze avuga ahimbajwe n’umwimbu w’ivyamwa vyawo, ati: “Sinibaza ko uwu murima wanje uzokwigera uhona!
अरबी तफ़सीरें:
وَمَآ أَظُنُّ ٱلسَّاعَةَ قَآئِمَةٗ وَلَئِن رُّدِدتُّ إِلَىٰ رَبِّي لَأَجِدَنَّ خَيۡرٗا مِّنۡهَا مُنقَلَبٗا
Eka sinibaza ko n’umuhero w’isi uzobaho! Mu gihe vyoshika naho nya muhero w’isi ukabaho, ngasubizwa ku Mana yanje Rurema Allah, nzosangayo ivyiza bisumba uwu murima bindindiriye”.
अरबी तफ़सीरें:
قَالَ لَهُۥ صَاحِبُهُۥ وَهُوَ يُحَاوِرُهُۥٓ أَكَفَرۡتَ بِٱلَّذِي خَلَقَكَ مِن تُرَابٖ ثُمَّ مِن نُّطۡفَةٖ ثُمَّ سَوَّىٰكَ رَجُلٗا
Mugenziwe w’umwemeramana ni ho yamubwira amuhanura, ati: “Bikugendera gute ngo ugararize Imana Allah Yakuremye mw’ivu ufatiye kw'iremwa rya so Adamu, hanyuma Ikurema mw’ima ry’intanga, hanyuma Irakuringaniza Ikugira umuntu muzima![4].
[4] Iyi Aayah irerekana neza ko Imana Allah Yatanguye kurema, Ishoboye gusubira kurema mu gihe co kuzura ibiremwa.
अरबी तफ़सीरें:
لَّٰكِنَّا۠ هُوَ ٱللَّهُ رَبِّي وَلَآ أُشۡرِكُ بِرَبِّيٓ أَحَدٗا
Ariko jewe sinoba nkawe rero, jewe ndemera ko inkomoko y’impano zose, ari Imana yanje Rurema Allah, kandi sindota ndayibangikanya n’ikintu na kimwe mu biremwa.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَوۡلَآ إِذۡ دَخَلۡتَ جَنَّتَكَ قُلۡتَ مَا شَآءَ ٱللَّهُ لَا قُوَّةَ إِلَّا بِٱللَّهِۚ إِن تَرَنِ أَنَا۠ أَقَلَّ مِنكَ مَالٗا وَوَلَدٗا
Igihe winjira mu murima wawe uhimbajwe n’umwimbu w’ivyamwa, ntiwari gupfuma uvuga uti: “Ico Imana Allah Ishatse kiraba, nta nguvu mfise zo kuronka uwu mwimbu, kiretse ku vyo nshobojwe n’Imana Allah”. Niwaba unsuzugura kuko mfise ubutunzi buke n’abana bake;
अरबी तफ़सीरें:
فَعَسَىٰ رَبِّيٓ أَن يُؤۡتِيَنِ خَيۡرٗا مِّن جَنَّتِكَ وَيُرۡسِلَ عَلَيۡهَا حُسۡبَانٗا مِّنَ ٱلسَّمَآءِ فَتُصۡبِحَ صَعِيدٗا زَلَقًا
Hari n’aho Imana yanje Rurema Allah Yompa ivyiza bisumba umurima wawe, maze Ikarungika inkuba igakubita nya murima, uwo murima ugahinduka ubukumbagare;
अरबी तफ़सीरें:
أَوۡ يُصۡبِحَ مَآؤُهَا غَوۡرٗا فَلَن تَسۡتَطِيعَ لَهُۥ طَلَبٗا
Canke ukazinduka usanga amazi avomera nya murima yakamye, ico gihe ntuzopfa usubiriye kuronka amazi yo kuwuvomera”.
अरबी तफ़सीरें:
وَأُحِيطَ بِثَمَرِهِۦ فَأَصۡبَحَ يُقَلِّبُ كَفَّيۡهِ عَلَىٰ مَآ أَنفَقَ فِيهَا وَهِيَ خَاوِيَةٌ عَلَىٰ عُرُوشِهَا وَيَقُولُ يَٰلَيۡتَنِي لَمۡ أُشۡرِكۡ بِرَبِّيٓ أَحَدٗا
Ubutigu bugeze rero, ni ho nya murima waterwa n’ivyago, maze ivyamwa birahona, wa mugarariji asigara akunkumura ibiganza vyiwe (yipfumbereje) n’ishavu n’akantu, yicuza ku gahombo k’umutahe yakoresheje, nya murima ucika akayazwe. Ni ho wa mugarariji yavuga yishwe n’agahinda n'akantu ati: “Ese iyo menya ubushobozi n'ububasha vy’Imana yanje Rurema Allah, ngaheza ngashima inema zayo, nkareka no kuyibangikanya n’ikintu na kimwe!”.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَمۡ تَكُن لَّهُۥ فِئَةٞ يَنصُرُونَهُۥ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَمَا كَانَ مُنتَصِرًا
Ico gihe rero, abantu yishimira ko bamukikije, nta co bamumariye ngo bamutabare mu bihano vy’Imana Allah, eka ntiyari no kwirwanako ubwiwe ngo arokoke nya bihano.
अरबी तफ़सीरें:
هُنَالِكَ ٱلۡوَلَٰيَةُ لِلَّهِ ٱلۡحَقِّۚ هُوَ خَيۡرٞ ثَوَابٗا وَخَيۡرٌ عُقۡبٗا
Mu gihe c’ivyago rero, ubuhagarikizi n’ubutabazi vy’ukuri, biba ari ivy’Imana Allah, bikaba ari yo ndishi n’iherezo ryiza ku bagamburukiramana.
अरबी तफ़सीरें:
وَٱضۡرِبۡ لَهُم مَّثَلَ ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَا كَمَآءٍ أَنزَلۡنَٰهُ مِنَ ٱلسَّمَآءِ فَٱخۡتَلَطَ بِهِۦ نَبَاتُ ٱلۡأَرۡضِ فَأَصۡبَحَ هَشِيمٗا تَذۡرُوهُ ٱلرِّيَٰحُۗ وَكَانَ ٱللَّهُ عَلَىٰ كُلِّ شَيۡءٖ مُّقۡتَدِرًا
Ntumwa y’Imana! Abantu b’amanyama, bacire agace k’ibihendamaso vy’ubuzima bw’isi, ko ari nk’amazi y’imvura Twebwe Allah Tumanura avuye mu bicu azananye mu kirere, nya mazi agatuma ibiterwa bimera bigatotahara ku bushobozi n'ububasha vy’Imana Allah, maze mu kanya isase nya biterwa bikuma, umuyaga ukabitumura. Burya, Imana Allah Yamye ari Mushoboravyose.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-कह्फ़
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया है। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें