Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-ब-क़-रा   आयत:
فَمَنۡ خَافَ مِن مُّوصٖ جَنَفًا أَوۡ إِثۡمٗا فَأَصۡلَحَ بَيۡنَهُمۡ فَلَآ إِثۡمَ عَلَيۡهِۚ إِنَّ ٱللَّهَ غَفُورٞ رَّحِيمٞ
Uwuzotinya ko uwuraga yohava arenganya canke ko yokora icaha hashizwe mu ngiro iragi yasize kuko ritisunga amategeko, agaheza agatunganiriza abasigwa mu guhindura ingingo zirimwo akarenganyo mw’iragi, uyo nta caha kuri we. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
अरबी तफ़सीरें:
يَٰٓأَيُّهَا ٱلَّذِينَ ءَامَنُواْ كُتِبَ عَلَيۡكُمُ ٱلصِّيَامُ كَمَا كُتِبَ عَلَى ٱلَّذِينَ مِن قَبۡلِكُمۡ لَعَلَّكُمۡ تَتَّقُونَ
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Mwarategetswe kwipfunga nk’uko ab’aho hambere yanyu babitegetswe, kugira ngo mwikingire ibihano vy’Imana Allah mu kuyumvira ari Imwe Rudende;
अरबी तफ़सीरें:
أَيَّامٗا مَّعۡدُودَٰتٖۚ فَمَن كَانَ مِنكُم مَّرِيضًا أَوۡ عَلَىٰ سَفَرٖ فَعِدَّةٞ مِّنۡ أَيَّامٍ أُخَرَۚ وَعَلَى ٱلَّذِينَ يُطِيقُونَهُۥ فِدۡيَةٞ طَعَامُ مِسۡكِينٖۖ فَمَن تَطَوَّعَ خَيۡرٗا فَهُوَ خَيۡرٞ لَّهُۥۚ وَأَن تَصُومُواْ خَيۡرٞ لَّكُمۡ إِن كُنتُمۡ تَعۡلَمُونَ
Ni ukwipfunga imisi imparurwa. Uwuzoba rero muri mwebwe arwaye canke ari ku rugendo, arafungura aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. N’abapfunga bibagoye cane kubera ubusaza canke indwara zidakira, aba barafungurira umukene umwe mu gishingo c’umusi umwe batapfunze. Uwuzogira ico azorenzako ku bushake bwiwe kizoba ari ku neza yiwe. Mu gihe mwokwihanganira ukwipfunga kubagora maze mugapfunga, vyoba ari vyo vyiza kuri mwebwe kuruta gufungurira abakene, iyo muba muzi rero ivyiza birimwo, mwopfunze.
अरबी तफ़सीरें:
شَهۡرُ رَمَضَانَ ٱلَّذِيٓ أُنزِلَ فِيهِ ٱلۡقُرۡءَانُ هُدٗى لِّلنَّاسِ وَبَيِّنَٰتٖ مِّنَ ٱلۡهُدَىٰ وَٱلۡفُرۡقَانِۚ فَمَن شَهِدَ مِنكُمُ ٱلشَّهۡرَ فَلۡيَصُمۡهُۖ وَمَن كَانَ مَرِيضًا أَوۡ عَلَىٰ سَفَرٖ فَعِدَّةٞ مِّنۡ أَيَّامٍ أُخَرَۗ يُرِيدُ ٱللَّهُ بِكُمُ ٱلۡيُسۡرَ وَلَا يُرِيدُ بِكُمُ ٱلۡعُسۡرَ وَلِتُكۡمِلُواْ ٱلۡعِدَّةَ وَلِتُكَبِّرُواْ ٱللَّهَ عَلَىٰ مَا هَدَىٰكُمۡ وَلَعَلَّكُمۡ تَشۡكُرُونَ
Ni mu kwezi kwa “Ramadhani” Imana Allah Yatanguye kumanura Qor’ani mw’ijoro ry’iteka, irimwo uburongozi ku bantu n’ivyemezo bitandukanya ukuri n’ikinyoma. Kubera ivyo rero, uwo ukwezi kuzoboneka akomeye atari ku rugendo, aragupfunga. Uwuzoba muri mwebwe na we arwaye canke ari ku rugendo, arafungura hanyuma aheze arihe igitigiri c’imisi yafunguye mu yindi misi. Imana Allah Ibashakira ukworoherwa mu gushira mu ngiro amabwirizwa yayo, eka mbere ntishaka ko mworemerwa mukananirwa kugira ngo mukwize igitigiri c’imisi y’ukwipfunga, muheze musozere amapfungo mukuza Imana Allah muyininahaza ku musi mukuru wo gufungura, kugira ngo muyishimire ku vyiza Yabashoboje.
अरबी तफ़सीरें:
وَإِذَا سَأَلَكَ عِبَادِي عَنِّي فَإِنِّي قَرِيبٌۖ أُجِيبُ دَعۡوَةَ ٱلدَّاعِ إِذَا دَعَانِۖ فَلۡيَسۡتَجِيبُواْ لِي وَلۡيُؤۡمِنُواْ بِي لَعَلَّهُمۡ يَرۡشُدُونَ
Muvugishwamana! Abaja banje Jewe Allah nibakubaza ku binyerekeye, urabishura ko Jewe mu vy’ukuri Ndi hafi yabo cane. Ndishura igisabisho c’umusavyi iyo ansavye. Kubera ivyo rero, nibanyumvire banyemere kugira ngo bafate inzira yo kuroranirwa kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa[26].
[26] Muri iyi Aayah, harimwo icemezo c’uko Imana Allah Iri hafi cane y’abaja bayo mu buryo buberanye n’icubahiro cayo.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-ब-क़-रा
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें