Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अज़्-ज़ुख़रुफ़   आयत:

Az-Zukhruf

حمٓ
Haa Miim[1].
[1] Raba insiguro y’indome zitangura mu ntango y’Igisomwa Al-Baqara.
अरबी तफ़सीरें:
وَٱلۡكِتَٰبِ ٱلۡمُبِينِ
Jewe Allah, Ndarahiye ku Gitabu ca Qor’ani gitomoye neza mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira no mu burongozi bwaco!
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّا جَعَلۡنَٰهُ قُرۡءَٰنًا عَرَبِيّٗا لَّعَلَّكُمۡ تَعۡقِلُونَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Twakimanuye mu rurimi rw’icarabu kugira mutahure, muzirikane, muheze munyurwe n’ivyemezo vyaco;
अरबी तफ़सीरें:
وَإِنَّهُۥ فِيٓ أُمِّ ٱلۡكِتَٰبِ لَدَيۡنَا لَعَلِيٌّ حَكِيمٌ
Mu vy’ukuri, Qor’ani isanzwe iri mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw” kibungabunzwe iwacu. Ni ukuri, iratewe iteka nta ngere, irakingiwe; ntivuguruzanya, ntigiramwo igihushane.
अरबी तफ़सीरें:
أَفَنَضۡرِبُ عَنكُمُ ٱلذِّكۡرَ صَفۡحًا أَن كُنتُمۡ قَوۡمٗا مُّسۡرِفِينَ
Mbega burya, Twokwirengagiza kubamanurira urwibutso rwa Qor’ani, ku kuba muyirengagiza, mukagenzwa n’ubwononyi bwo kutayemera!
अरबी तफ़सीरें:
وَكَمۡ أَرۡسَلۡنَا مِن نَّبِيّٖ فِي ٱلۡأَوَّلِينَ
Muvugishwamana! Hari benshi mu Bavugishwamana Twarungitse ku bantu bo hambere y’abo warungitsweko;
अरबी तफ़सीरें:
وَمَا يَأۡتِيهِم مِّن نَّبِيٍّ إِلَّا كَانُواْ بِهِۦ يَسۡتَهۡزِءُونَ
Nta Muvugishwamana yabashikira, kiretse ko bamuteburako nk’itebura ry’abo warungitsweko;
अरबी तफ़सीरें:
فَأَهۡلَكۡنَآ أَشَدَّ مِنۡهُم بَطۡشٗا وَمَضَىٰ مَثَلُ ٱلۡأَوَّلِينَ
Ni ho rero Twebwe Allah, Twahonya muri bo abimonogoje gusumba abandi mu guhakana bivuye inyuma Abavugishwamana bacu; abo bahakanyi bari n’abantu bafise inguvu n’ingabo gusumba abo warungitsweko. Ihonywa ryabo rero, ryagiye mu ngiro kubera ubugarariji n’itebura vyabo[2].
[2] Iyi Aayah, irahumuriza igatera n’intege Umuvugishwamana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
अरबी तफ़सीरें:
وَلَئِن سَأَلۡتَهُم مَّنۡ خَلَقَ ٱلسَّمَٰوَٰتِ وَٱلۡأَرۡضَ لَيَقُولُنَّ خَلَقَهُنَّ ٱلۡعَزِيزُ ٱلۡعَلِيمُ
Ntumwa y’Imana! No mu gihe woramuka ubajije ababangikanyamana uti: “Mbega, ni nde Yaremye amajuru n’isi!”. Ni ukuri, bazokwishura ata guhigimanga bati: “Vyaremwe na Allah Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”;
अरबी तफ़सीरें:
ٱلَّذِي جَعَلَ لَكُمُ ٱلۡأَرۡضَ مَهۡدٗا وَجَعَلَ لَكُمۡ فِيهَا سُبُلٗا لَّعَلَّكُمۡ تَهۡتَدُونَ
Ni Yo Yabagiriye isi kuba isaso kugira mworoherwe kuyibako; Iyibaciramwo n’inzira kugira mwishire mwizane, mu kurondera ivyobagirira akamaro kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa;
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अज़्-ज़ुख़रुफ़
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया है। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें