क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - الترجمة الكيروندية * - अनुवादों की सूची

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: सूरा अल्-क़मर   आयत:

SURATU L-QAMAR

ٱقۡتَرَبَتِ ٱلسَّاعَةُ وَٱنشَقَّ ٱلۡقَمَرُ
Umuhero w’isi, vuba bwango ugiye gushika, n’ukwezi kwigabuyemwo kubiri[1];
[1] Abagarariji b’i Makka, barasavye Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ko yobereka igitangaro cotuma bayemera, ica isaba Imana Allah ko Yokibereka, Imana Allah Ica Ibereka ukwezi kwigabuyemwo kubiri ukuri kwamye, maze baravyibonera n’amaso.
अरबी तफ़सीरें:
وَإِن يَرَوۡاْ ءَايَةٗ يُعۡرِضُواْ وَيَقُولُواْ سِحۡرٞ مُّسۡتَمِرّٞ
N’iyo ababangikanyamana babonye igitangaro cerekana ko Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) ari Intumwa y’ukuri, barirengagiza kumwemera bakamwamirira kure, bakavuga bahakana bati: “Ico gitangaro, ni uburozi butamara kabiri”;
अरबी तफ़सीरें:
وَكَذَّبُواْ وَٱتَّبَعُوٓاْ أَهۡوَآءَهُمۡۚ وَكُلُّ أَمۡرٖ مُّسۡتَقِرّٞ
Barahakanye bivuye inyuma Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze bakurikira ubuhuvyi ku vyipfuzo vyabo. Uguhembwa ineza canke inabi ku vyakozwe n’ibiremwa rero, bitegerezwa kuba ku musi w’izuka, nta gisivya.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ جَآءَهُم مِّنَ ٱلۡأَنۢبَآءِ مَا فِيهِ مُزۡدَجَرٌ
Abagarariji b’Abakorayishi, ni ukuri barashikiriwe n’inkuru z’ivyashikiye abigeze kugarariza Intumwa, maze ibashikira mu buryo bukwiye kandi butomoye kugira bavavanure n’igarariza.
अरबी तफ़सीरें:
حِكۡمَةُۢ بَٰلِغَةٞۖ فَمَا تُغۡنِ ٱلنُّذُرُ
Iyi Qor’ani yabashikiriye, irimwo imvo n’imvano y’ingingo n’amabwirizwa vyotuma batumbera ukuri. None ni irihe gabishwa ryogira ico rimariye abantu birengagije bakamirira kure Qor’ani!
अरबी तफ़सीरें:
فَتَوَلَّ عَنۡهُمۡۘ يَوۡمَ يَدۡعُ ٱلدَّاعِ إِلَىٰ شَيۡءٖ نُّكُرٍ
Ntumwa y’Imana! Birengagize maze ubarabishe amaso. Bihoze, ubarindire, ubatege umusi umuraritsi yavugije inzamba ararikira ibiremwa kuja ku kintu gihambaye koko, na co si ikindi, ni uguharurirwa ivyo vyakoze;
अरबी तफ़सीरें:
خُشَّعًا أَبۡصَٰرُهُمۡ يَخۡرُجُونَ مِنَ ٱلۡأَجۡدَاثِ كَأَنَّهُمۡ جَرَادٞ مُّنتَشِرٞ
Umusi, amaso yavyo azoba araba hasi ku guteterwa, bigayitse, bisokoroka biva mu kuzimu nka kurya kw’inzige zaraze zigashwiragirika zigakwira hose;
अरबी तफ़सीरें:
مُّهۡطِعِينَ إِلَى ٱلدَّاعِۖ يَقُولُ ٱلۡكَٰفِرُونَ هَٰذَا يَوۡمٌ عَسِرٞ
Maze bigende binyaragasa ku co nya muraritsi abirarikiye, abagarariji bace bavuga bati: “Uwu musi ku ntureka zawo, uraremereye pe!”.
अरबी तफ़सीरें:
۞ كَذَّبَتۡ قَبۡلَهُمۡ قَوۡمُ نُوحٖ فَكَذَّبُواْ عَبۡدَنَا وَقَالُواْ مَجۡنُونٞ وَٱزۡدُجِرَ
Ntumwa y’Imana! Aho hambere yabo, haragararije abantu ba Nuhu, baraheza barahakana bivuye inyuma Umuja wacu Nuhu, maze barinamura bavuga bati: “Nuhu, ni umusazi yakehewe n’ubwenge!”; baraheza baramwihaniza bamutega imisi.
अरबी तफ़सीरें:
فَدَعَا رَبَّهُۥٓ أَنِّي مَغۡلُوبٞ فَٱنتَصِرۡ
Nuhu aca arasaba Imana yiwe Rurema Allah ati: “Jewe mu vy’ukuri, narengewe no guhangana na bo, ndagusavye rero ko Untabara mu kubahana”;
अरबी तफ़सीरें:
فَفَتَحۡنَآ أَبۡوَٰبَ ٱلسَّمَآءِ بِمَآءٖ مُّنۡهَمِرٖ
Duca Turamwumvira, maze Twugurura imihora y’amazi azanana mu kirere;
अरबी तफ़सीरें:
وَفَجَّرۡنَا ٱلۡأَرۡضَ عُيُونٗا فَٱلۡتَقَى ٱلۡمَآءُ عَلَىٰٓ أَمۡرٖ قَدۡ قُدِرَ
Duca n’amariba y’amazi, imbizi idudubiza iva mu kuzimu, gutyo amazi azananye mu kirere ahurirana n’ay’imbizi, baca bahonera rimwe nk’uko vyari vyagezwe n’Imana Allah, baba akayazwe.
अरबी तफ़सीरें:
وَحَمَلۡنَٰهُ عَلَىٰ ذَاتِ أَلۡوَٰحٖ وَدُسُرٖ
Ni ho rero Twarerura Nuhu hamwe n’abo bari kumwe mu bwato buhinguwe mu mbaho n’imisumari;
अरबी तफ़सीरें:
تَجۡرِي بِأَعۡيُنِنَا جَزَآءٗ لِّمَن كَانَ كُفِرَ
Bugenda bureremba aho Tubona n’amaso yacu, bucungerewe, gutyo Turokora Nuhu n’abari kumwe na we; abagarariji na bo Tubahonesha isegenya ry’akataraboneka, ku kubera ubugarariji bwabo.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَد تَّرَكۡنَٰهَآ ءَايَةٗ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Ni ukuri, Twazigamye inkuru y’ivyashikiye Nuhu n’abantu biwe, kugira ibere abakurikiye mu nyuma, inkebuzo n’icemezo c’ubushobozi bwacu mu guhana ibigaba, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
अरबी तफ़सीरें:
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke[2]!
[2] Iyi Aayah n’izindi zisusa na yo mu nsiguro, zihimiriza abantu kwiga, kwigisha no gusoma kenshi Qor’ani.
अरबी तफ़सीरें:
كَذَّبَتۡ عَادٞ فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Bene Aadi barahakanye bivuye inyuma Huudi, Duca Turabahana. Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bagahakana bivuye inyuma Intumwa zanje! Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ رِيحٗا صَرۡصَرٗا فِي يَوۡمِ نَحۡسٖ مُّسۡتَمِرّٖ
Mu vy’ukuri, Twabarungikiye igihuhusi c’igikonyozi ku musi mubi w’ibihano vy’urutavanako, ata gahengwe;
अरबी तफ़सीरें:
تَنزِعُ ٱلنَّاسَ كَأَنَّهُمۡ أَعۡجَازُ نَخۡلٖ مُّنقَعِرٖ
Nya bihano vyarandurana n’imizi abantu bikabashikura, bikabajugunyira hariya, ibihimba vy’umubiri bigatandukana, umutwe ukwawo n’ibindi bihimba ukwavyo, bagasigara ari nka kurya kw’ibishitsi vy’ibiti vy’itende vyaranduwe.
अरबी तफ़सीरें:
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
अरबी तफ़सीरें:
كَذَّبَتۡ ثَمُودُ بِٱلنُّذُرِ
Bene Thamuudi barungikiwe Swalehe, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
अरबी तफ़सीरें:
فَقَالُوٓاْ أَبَشَرٗا مِّنَّا وَٰحِدٗا نَّتَّبِعُهُۥٓ إِنَّآ إِذٗا لَّفِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٍ
Maze barinamura bavuga bati: “Bishoboka gute ko dukurikira umuntu umwe nkatwe ata n’ico yodukangisha, kandi ari twe turi benshi! Mu vy’ukuri, hamwe twomukurikira, ni ukuri twoba turi mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri, mbere twoba turi n’abasazi!
अरबी तफ़सीरें:
أَءُلۡقِيَ ٱلذِّكۡرُ عَلَيۡهِ مِنۢ بَيۡنِنَا بَلۡ هُوَ كَذَّابٌ أَشِرٞ
Vyoshoboka gute, ko ari we gusa muri twese ahishurirwa agahabwa ubutumwa! Ahubwo rero we, ni umubeshi ruhebwa yishima”.
अरबी तफ़सीरें:
سَيَعۡلَمُونَ غَدٗا مَّنِ ٱلۡكَذَّابُ ٱلۡأَشِرُ
Igihe bashikiwe n’ibihano vyo mu buzima bwo kw’isi n’ivyo mu bw’inyuma yo gupfa, bazoheza bamenye neza umubeshi ruhebwa yishima, n’uwutari we.
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّا مُرۡسِلُواْ ٱلنَّاقَةِ فِتۡنَةٗ لَّهُمۡ فَٱرۡتَقِبۡهُمۡ وَٱصۡطَبِرۡ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, Tugira dukurire Bene Thamuudi mw’ibuye ingamiya basavye, kugira Tubagerageze. Swalehe! Rindira wewe gusa, uzokwirabira ibihano bizobashikira nibashishikara guhakana, ubandanye wihanganira ibangamira ryabo kw’irarikiramana ryawe;
अरबी तफ़सीरें:
وَنَبِّئۡهُمۡ أَنَّ ٱلۡمَآءَ قِسۡمَةُۢ بَيۡنَهُمۡۖ كُلُّ شِرۡبٖ مُّحۡتَضَرٞ
Bamenyeshe kandi ko amazi agabuwe kw’izamu hagati yabo n’iyo ngamiya. Bagenewe umusi umwe wo kuvoma, uwundi musi ukurikira na wo ugenewe ingamiya. Kizire ko hagira uwuvogerwa ku musi wiwe.
अरबी तफ़सीरें:
فَنَادَوۡاْ صَاحِبَهُمۡ فَتَعَاطَىٰ فَعَقَرَ
Ni ho rero Bene Thamuudi bahamagara mugenziwabo baramuryosharyosha ngo yice nya ngamiya, aca arayifata arayicumita arayikerera, baca barahanwa;
अरबी तफ़सीरें:
فَكَيۡفَ كَانَ عَذَابِي وَنُذُرِ
Ehe raba rero ukuntu Nahanye abangararije bakanahakana bivuye inyuma Intumwa zanje. Mbega none, ukubagabisha ku bihano vyanje, hari ico kwabashikanyeko atari uguhona!
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ صَيۡحَةٗ وَٰحِدَةٗ فَكَانُواْ كَهَشِيمِ ٱلۡمُحۡتَظِرِ
Mu vy’ukuri mu kubahana, Twabarungikiye umumalayika Jibrili, maze akoma akaruru rimwe baca bahonera rimwe bose, baba nk’ivyatsi vyumye bivungagurika birunzwe mu ruhongore rw’ibitungwa.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
अरबी तफ़सीरें:
كَذَّبَتۡ قَوۡمُ لُوطِۭ بِٱلنُّذُرِ
Abantu ba Luutwi, barahakanye bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّآ أَرۡسَلۡنَا عَلَيۡهِمۡ حَاصِبًا إِلَّآ ءَالَ لُوطٖۖ نَّجَّيۡنَٰهُم بِسَحَرٖ
Mu vy’ukuri, mu kubahana Twabarungikiye igihuhusi c’urubuye kirabahitana, kiretse umuryango wa Luutwi Twarokoye mu bihano mu bucagucagu;
अरबी तफ़सीरें:
نِّعۡمَةٗ مِّنۡ عِندِنَاۚ كَذَٰلِكَ نَجۡزِي مَن شَكَرَ
Ku nema y’impuhwe zacu Twagiriye nya muryango. Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twahemvye Luutwi n’umuryango wiwe Tukabarokora mu bihano - Duhemba uwutwemera akanashima inema zacu.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ أَنذَرَهُم بَطۡشَتَنَا فَتَمَارَوۡاْ بِٱلنُّذُرِ
Ni ukuri, Luutwi yaragabishije ku bihano vy’Imana Allah abo yarungitsweko. Ha kumwumvira, bivuye inyuma mu guhakana Aayah n’ivyemezo bagabishijweko;
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ رَٰوَدُوهُ عَن ضَيۡفِهِۦ فَطَمَسۡنَآ أَعۡيُنَهُمۡ فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ
Ni ukuri, baranamwinginze ngo abareke basambanye abamalayika baje kumugendera, maze Turabahumya amaso ntibashobora kubona n’umwe muri bo, baca babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ صَبَّحَهُم بُكۡرَةً عَذَابٞ مُّسۡتَقِرّٞ
Ni ukuri, bazinduwe n’ibihano vyo mu bucagucagu vy’urutavanako, ata gahengwe;
अरबी तफ़सीरें:
فَذُوقُواْ عَذَابِي وَنُذُرِ
Maze babwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano vyanje bitewe no kugarariza kwanyu, n’ingaruka y’igabishwa ryanje mwashikirijwe na Luutwi (nyakugira amahoro y’Imana Allah)”.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ يَسَّرۡنَا ٱلۡقُرۡءَانَ لِلذِّكۡرِ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Ni ukuri, Twaranoroheje Qor’ani, mu kuntu isomwa, ukuntu ifatwa ku mutwe, hamwe rero n’ugutahurika kwayo ikanazigamwa, ku wushaka kwibuka akikebuka. Mbega none, hoba hari uwibuka ngo yikebuke!
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ جَآءَ ءَالَ فِرۡعَوۡنَ ٱلنُّذُرُ
Ni ukuri abantu ba Firawuni, barashikiriwe na Aayah n’ivyemezo bibagabisha ku bihano vyacu;
अरबी तफ़सीरें:
كَذَّبُواْ بِـَٔايَٰتِنَا كُلِّهَا فَأَخَذۡنَٰهُمۡ أَخۡذَ عَزِيزٖ مُّقۡتَدِرٍ
Baraheza barahakana bivuye inyuma Aayah n’ivyemezo vyacu vyose vyerekana ko hari Imana Imwe Rudende Allah, bikerekana n’ukuri kw’Intumwa zacu, Duca Turabafata Turabahana uguhana kwa Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Mushoboravyose.
अरबी तफ़सीरें:
أَكُفَّارُكُمۡ خَيۡرٞ مِّنۡ أُوْلَٰٓئِكُمۡ أَمۡ لَكُم بَرَآءَةٞ فِي ٱلزُّبُرِ
Bakorayishi! Abagarariji muri mwebwe, ni bo ntore rero gusumba abo Duhejeje kubiganira Twahoneje kubera ubugarariji bwabo! Canke mwoba mufise ubudahangarwa bwo kudahanwa n’Imana Allah bwanditswe mu Bitabu Yamanuye!
अरबी तफ़सीरें:
أَمۡ يَقُولُونَ نَحۡنُ جَمِيعٞ مُّنتَصِرٞ
Ahubwo rero, burya abagarariji b’i Makka, boba bihenda bakavuga bati: “Twebwe twese hamwe turamutse tugize urunani, turashobora gutsinda uwudushakira inabi tukamunesha!”.
अरबी तफ़सीरें:
سَيُهۡزَمُ ٱلۡجَمۡعُ وَيُوَلُّونَ ٱلدُّبُرَ
Bose hamwe mu runani rwabo, bazotsindwa baneshwe n’abemeramana, maze batungwe n’ayo bameze[3].
[3] Vyarashitse koko abagarariji baraneshwa ku rugamba rwa Badri, bamwe muri bo baricwa, abandi bagirwa imbohe; abacitse kw’icumu na bo banyaga amagara barata barahunga batazambaye.
अरबी तफ़सीरें:
بَلِ ٱلسَّاعَةُ مَوۡعِدُهُمۡ وَٱلسَّاعَةُ أَدۡهَىٰ وَأَمَرُّ
Mbere isango ryabo ryo guhanirwako, ni ku musi w’izuka; kandi ku musi w’izuka ryabo, bazohanwa bahashwe, maze bahabonere ayo imbwa yaboneye ku mugezi.
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّ ٱلۡمُجۡرِمِينَ فِي ضَلَٰلٖ وَسُعُرٖ
Mu vy’ukuri, abanyavyaha barenga ku mabwirizwa y’Imana Allah, bazoba bari mu muzimagiza uri kure cane y’ukuri no mu magorwa y’ibihano;
अरबी तफ़सीरें:
يَوۡمَ يُسۡحَبُونَ فِي ٱلنَّارِ عَلَىٰ وُجُوهِهِمۡ ذُوقُواْ مَسَّ سَقَرَ
Umusi babururiwe mu muriro bubitse inda, maze bakabwirwa bati: “Nimuhonje rero ibihano bikaze vy’umuriro wa Jahannamu ubabura”.
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّا كُلَّ شَيۡءٍ خَلَقۡنَٰهُ بِقَدَرٖ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ikintu cose Twakiremye ku rugero rwagezwe kandi ruzwi mu Gitabu nyezina canditswemwo ivyagezwe n’ishirwa mu ngiro ryavyo “Lawhu Mahfuudhw”.
अरबी तफ़सीरें:
وَمَآ أَمۡرُنَآ إِلَّا وَٰحِدَةٞ كَلَمۡحِۭ بِٱلۡبَصَرِ
Twebwe Allah, nta tegeko ryacu Duha ikintu ico ari co cose Dushatse ko kiba, kiretse ko Tukibwira ijambo rimwe gusa Duti: “Ba”, kigaca kiba ubwo nyene mu kanya isase nk’ikoma ry’urugohe.
अरबी तफ़सीरें:
وَلَقَدۡ أَهۡلَكۡنَآ أَشۡيَاعَكُمۡ فَهَلۡ مِن مُّدَّكِرٖ
Bagarariji! Ni ukuri, Twarahoneje mu bantu bo hambere, abari bateye nkamwe mu bugarariji. Mbega none, hoba hari uwibuka ukuntu bahonejwe ngo yikebuke!
अरबी तफ़सीरें:
وَكُلُّ شَيۡءٖ فَعَلُوهُ فِي ٱلزُّبُرِ
N’ivyo bagize vyose rero; vyaba ivyiza canke ibibi, biranditswe mu bitabu vy’abamalayika bajejwe kwandika ibikorwa vy’ibiremwa;
अरबी तफ़सीरें:
وَكُلُّ صَغِيرٖ وَكَبِيرٖ مُّسۡتَطَرٌ
N’ico ari co cose bikoze; caba gito canke kinini, kiranditswe, kandi bizogihemberwa.
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي جَنَّٰتٖ وَنَهَرٖ
Mu vy’ukuri abagamburukiramana, bazoba bari mu mirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, irimwo n’inzuzi zitemba;
अरबी तफ़सीरें:
فِي مَقۡعَدِ صِدۡقٍ عِندَ مَلِيكٖ مُّقۡتَدِرِۭ
Bari mu cicaro c’ukuri kitigera kiyagirwamwo ibintu vy’imburakimazi, bari ku Mana Allah, Mwamiwabami, Rushoboravyose.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: सूरा अल्-क़मर
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - الترجمة الكيروندية - अनुवादों की सूची

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

बंद करें