Check out the new design

क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती * - अनुवादों की सूची

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-अन्फ़ाल   आयत:

Al-Anfaal

يَسۡـَٔلُونَكَ عَنِ ٱلۡأَنفَالِۖ قُلِ ٱلۡأَنفَالُ لِلَّهِ وَٱلرَّسُولِۖ فَٱتَّقُواْ ٱللَّهَ وَأَصۡلِحُواْ ذَاتَ بَيۡنِكُمۡۖ وَأَطِيعُواْ ٱللَّهَ وَرَسُولَهُۥٓ إِن كُنتُم مُّؤۡمِنِينَ
Muvugishwamana! Ingendanyi zawe zirakubaza ukuntu iminyago mwanyaze ku rugamba rwa Badri yogaburwa! Babwire uti: “Ingingo y’igaburwa ry’iyo minyago, yega Imana Allah n’Intumwa yayo; Intumwa iyigabura yisunze ibwirizwa ry’Imana Allah. Nimugamburukire rero Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, muheze mutunganye imigenderanire hagati yanyu ntimucanishwemwo n’iminyago, maze mushishikare mwumvira Imana Allah n’Intumwa yayo nimwaba muri abemeramana vy’ukuri”.
अरबी तफ़सीरें:
إِنَّمَا ٱلۡمُؤۡمِنُونَ ٱلَّذِينَ إِذَا ذُكِرَ ٱللَّهُ وَجِلَتۡ قُلُوبُهُمۡ وَإِذَا تُلِيَتۡ عَلَيۡهِمۡ ءَايَٰتُهُۥ زَادَتۡهُمۡ إِيمَٰنٗا وَعَلَىٰ رَبِّهِمۡ يَتَوَكَّلُونَ
Ni ukuri, abemeramana vy’ukuri ni barya iyo havuzwe Imana Allah, imitima yabo ihinda agashitsi; iyo naho basomewe Aayah zayo ziri muri Qor’ani zibongerereza ukwemera ku kwemera basanganwe, kandi bishimikiza Imana yabo Rurema Allah bakayizera;
अरबी तफ़सीरें:
ٱلَّذِينَ يُقِيمُونَ ٱلصَّلَوٰةَ وَمِمَّا رَزَقۡنَٰهُمۡ يُنفِقُونَ
Abatsimbataza amasengesho ku mwanya wayo, bakanatanga no mu vyo Twabaronkeje.
अरबी तफ़सीरें:
أُوْلَٰٓئِكَ هُمُ ٱلۡمُؤۡمِنُونَ حَقّٗاۚ لَّهُمۡ دَرَجَٰتٌ عِندَ رَبِّهِمۡ وَمَغۡفِرَةٞ وَرِزۡقٞ كَرِيمٞ
Abo barangwa n’iyo migenzo rero, ni bo bemeramana vy’ukuri, baragenewe amacumbi yo mu rwego rwo hejuru ku Mana yabo Rurema Allah, hamwe no kubabarirwa ibicumuro vyabo hamwe n’impano yubashwe y’Ubwami bw’ijuru.
अरबी तफ़सीरें:
كَمَآ أَخۡرَجَكَ رَبُّكَ مِنۢ بَيۡتِكَ بِٱلۡحَقِّ وَإِنَّ فَرِيقٗا مِّنَ ٱلۡمُؤۡمِنِينَ لَكَٰرِهُونَ
Ihazana ry’ingendanyi kw’igaburwa ry’iminyago, aho Imana Allah Yashinga ingingo y’igaburwa ryayo, ni nk’ihazana ryabo ryo kuja ku rugamba rwa Badri, igihe Imana yawe Rurema Allah Yagutegeka vy’ukuri kuva i Madina ugana ahitwa Badri gutegera ibidandazwa vy’Abakorayishi, n’aho mu vy’ukuri bamwe mu bemeramana batashaka ko mujana.
अरबी तफ़सीरें:
يُجَٰدِلُونَكَ فِي ٱلۡحَقِّ بَعۡدَ مَا تَبَيَّنَ كَأَنَّمَا يُسَاقُونَ إِلَى ٱلۡمَوۡتِ وَهُمۡ يَنظُرُونَ
Bakubazagiza ku vyerekeye indwano ko yohava iba, inyuma y’aho bamaze kumenya neza ko nya ndwano itegerezwa kuba, bari nk’aho boba bashorewe gupfa kandi babona nya rupfu imbere yabo.
अरबी तफ़सीरें:
وَإِذۡ يَعِدُكُمُ ٱللَّهُ إِحۡدَى ٱلطَّآئِفَتَيۡنِ أَنَّهَا لَكُمۡ وَتَوَدُّونَ أَنَّ غَيۡرَ ذَاتِ ٱلشَّوۡكَةِ تَكُونُ لَكُمۡ وَيُرِيدُ ٱللَّهُ أَن يُحِقَّ ٱلۡحَقَّ بِكَلِمَٰتِهِۦ وَيَقۡطَعَ دَابِرَ ٱلۡكَٰفِرِينَ
Ngendanyi mubazagiza ku vyerekeye indwano! Nimwibuke igihe Imana Allah Yabaha isezerano ko mutegerezwa kuronka imwe mu ntsinzi zibiri; ukunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye canke ugutsinda urugamba, mugashaka ku bwanyu ko mworonka intsinzi yo kunyaga ibitwazi n’ibidandazwa vyikoreye mutabanje kurwana, Imana Allah na Yo Igashaka kugaragaza ukuri kw’ubwislamu, ijambo ryayo na ryo rikaganza mu guhangana n’abagarariji, Igaheza Ikabahonya;
अरबी तफ़सीरें:
لِيُحِقَّ ٱلۡحَقَّ وَيُبۡطِلَ ٱلۡبَٰطِلَ وَلَوۡ كَرِهَ ٱلۡمُجۡرِمُونَ
Kugira Imana Allah Iheshe icubahiro ubwislamu n’abislamu, Iheze Ikureho ibangikanyamana n’ababangikanyamana n’aho vyoshavuza abanyavyaha barenga ku mabwirizwa yayo.
अरबी तफ़सीरें:
 
अर्थों का अनुवाद सूरा: अल्-अन्फ़ाल
सूरों की सूची पृष्ठ संख्या
 
क़ुरआन के अर्थों का अनुवाद - किरुण्डी अनुवाद - यूसुफ़ गहीती - अनुवादों की सूची

इसका अनुवाद यूसुफ गहीती द्वारा किया गया। अफ़्रीकी विकास फ़ाउंडेशन द्वारा जारी।

बंद करें