Babangikanyamana! Nimwidegemvye aho mushaka hose kw’isi mu kiringo c’amezi ane, mutekaniwe ata n’uwubakomakoma, kandi mumenye ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo, munamenye ko Imana Allah Izotetereza abagarariji, bagayike kw’isi, binjizwe no mu muriro mu buzima bw’inyuma yo gupfa[1].
[1] Iyi Aayah, yerekeye amasezerano abislamu bari bafitaniye n’ababangikanyamana, na canecane amasezerano yamaho, canke ayafise ikiringo kitagera ku mezi ane boheza bakayubahiriza gushika ku mezi ane, canke amasezerano yadohotsweko n’ababangikanyamana.
Iri rero, ni itangazo rivuye ku Mana Allah n’Intumwa yayo, rikaba rishikirijwe abantu bose ku musi mukuru w’ishengerera ry’ingoro ntagatifu; ko Imana Allah n’Intumwa yayo bavavanuye n’ababangikanyamana. Babangikanyamana! Nimwigaya mukagaruka ku Mana Allah, bizoba ari vyo vyiza cane kuri mwebwe; nimwagenza umugongo naho, mukanka kwinjira mu bwislamu, muramenya ko mutazonanira Imana Allah ngo mucike ibihano vyayo. Ntumwa y’Imana! Shikiriza rero inkuru y’incamugongo abagararije ubwislamu, ko barindiriwe n’ibihano bibabaza.
Ntumwa y’Imana! Nihagira uwugeramirwa mu babangikanyamana, ubuzima n’amatungo vyiwe bigahungabanywa maze akaguhungirako, uramuha ubuhungiro, maze umwakire kugira kamubere akaryo ko kwumva ukuri ku majambo y’Imana Allah ya Qor’ani; hanyuma yipfuje gusubira mu rwiwe, uramushikana mu mahoro n’umutekano nta ngere. Ivyo biri ukwo, kuko ababangikanyamana ari abantu badatahura ukuri ku vyerekeye ubwislamu.
Ababangikanyamana ntibakwiye kugira isezerano ku Mana Allah n’Intumwa yayo ryubahirizwa, kiretse abo mwasezeraniye mu micungararo y’umusigiti mutagatifu
w’i Makka, amasezerano ya Al-Hudaybiyya; mu gihe cose bazoba bacubahiriza nya masezerano rero, muraheza muyubahirize. Mu vy’ukuri, Imana Allah Irakunda abagamburukiramana badahemuka mu kwubahiriza amasezerano.
Mu gihe boramuka babanesheje, ntibokwubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’amasezerano bokwubahiriza[2]. Ntimuhendwe rero n’umubano mwiza babereka mu gihe batekewe n’ubwoba, bakabaha akarimi gasosa kugira babashimishe bitavuye ku mutima. Burya abenshi mu babangikanyamana, ni ibigaba birenga ku mabwirizwa, bikadohoka no ku masezerano.
[2] Kuko ababangikanyamana bubahiriza amasezerano mu gihe baneshejwe, batekewe n’ubwoba.
Bagujije Aayah z’Imana Allah ku kiguzi gito c’ivy’isi, baraheza barwanya ukuri baburagiza abantu kwinjira mu bwislamu. Mu vy’ukuri, ni bibi cane ivyo bakora.
Ababangikanyamana mu kurwanya ubwislamu, ntibubaha ngo bubahirize ubucuti mufitaniye, eka nta n’isezerano bubahiriza. Abo ni na bo rero barangwa n’akarenganyo.
Nibigaya bakagaruka ku Mana Allah bakayemera, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, mu vy’ukuri bazoba ari benewanyu mu kwemera. Ni ukwo rero Twebwe Allah Dutomorera Aayah zacu abantu bazitahura, zikagira ico zibamariye.
Bemeramana! Ubwo ntimworwanya abantu badohotse ku masezerano mufitaniye, bagashaka no kwomora Intumwa y’Imana mu gisagara ca Makka! Kanatsinda, ni na bo batanguye kubahohotera. Mbega none murabatinya canke mutinya guhangana na bo ku rugamba! Burya Imana Allah, ni Yo mukwiye gutinya vy’ukuri nimwaba muri abemaramana vy'ukuri.
Nta ho vyakabaye ko ababangikanyamana bubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, kandi basanzwe bemanga ko bagarariza Imana Allah bakanayibangikanya. Abo ni bo rero, ibikorwa vyabo bizoba impfagusa ku musi w’izuka, bashoke bashirwa mu muriro ibihe bidahera.
Mu vy’ukuri, abubaka bakitwararika imisigiti y’Imana Allah, ni abemera Imana Allah n’umusi w’iherezo, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, ntibanatinye n’igitsure c'uwo ari we wese mu vyo bakora kiretse Imana Allah. Abo ni bo bagororotsi rero vy’ukuri.
Abemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo, bakanimukira mu gihugu cubaha kikubahiriza ubwislamu, bagaharanira n'idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, barafise urwego ruhambaye ku Mana Allah, ni na bo rero benintsinzi y’Ubwami bw’ijuru.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Ntimukagire ba so na benewanyu, n’abandi mu ncuti zanyu zishikira abagenzi somambike muhishuka amabanga y’abislamu, mukabahanuza mu vyanyu, mu gihe ha kuba abislamu bahisemwo kugarariza no kurwanya ubwislamu. Uwo wese muri mwebwe rero azocudika na bo akabagira abagenzi somambike, azoba ari mu bacumuye, birenganije.
Emwe bemeramana! Ni ukuri, ababangikanyamana barahumanye, ntimukabarekurire kwegera umusigiti mutagatifu w’i Makka inyuma y’uwu mwaka w’icenda kuva Intumwa yimutse. Nimwagira impungenge ko hoba inkurikizi z’ubukene zitewe n’ihagarikwa ry’ibidandazwa vyabo, Imana Allah niyabishaka Izobakenura, Ibahe mu ngabirano zayo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi uko mubayeho; Intungane mu vyo Ikora.
Bagize abamenyi n’abasenzi muri bo ibigirwamana mu gishingo c'Imana Allah, maze na vyo bibashingira ingingo bubahiriza ha kwubahiriza amabwirizwa yayo. Bagize na Masiihi Isa mwene Mariyamu imana, baraheza baramusenga, kandi batigeze bategekwa kiretse ugusenga Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya n’ikintu na kimwe. Nta mana rero ibwirijwe gusengwa atari Yo gusa. Nininahazwe mu buryo burengeye cane ivyo bayibangikanya.
Abagarariji bita ku rutare mu guhakana bivuye inyuma ivyemezo vyerekana ko hakwiye gusengwa Imana Imwe Rudende Allah, bashaka kuzimanganya umuco w’idini ry’ubwislamu, Imana Allah na Yo Ikanka ko hari ico bashikako, maze Igasasagaza umuco w’idini ryayo rikaganza n’aho vyobabaza abagarariji.
Umusi ubutare bw’inzahabu n’ubw'umwakaka bwayongejwe mu muriro wa Jahannamu, bagaheza bakababurwa na nya butare mu ruhanga, mu mbavu no mu mugongo, bazobwirwa n’agashinyaguro n’akantu bati: “Iki ni co gihano c’amatungo mwiziganirije ntimwayatangako umugabane usabwa. Enda rero, nimuhonje ibihano vy’ivyo mwari mwaraziganije kw'isi, mukanka kubitangako umugabane usabwa”.
Mu vy’ukuri, igitigiri c’amezi y’ikirangamisi c’umwaka cisunga ingingo y’Imana Allah, mu vyagezwe ku kibaho kibungabunzwe kuva umusi Irema amajuru n’isi, ni amezi cumi n’abiri; muri yo, harimwo amezi ane matagatifu[5] Imana Allah Yabujijemwo gutera indwano. Ukwisunga ico kirangamisi rero, ni ryo dini rigororotse, ntimugahirahire ngo mwirenganye muri ayo mezi[6]. Muraheza rero murwanye ababangikanyamana bose nk’uko babarwanya mwese, mumenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n’abagamburukiramana mu kubatera ingoga no mu kubashikana ku ntsinzi.
[5] Ayo mezi, ni ukwezi kwa 11 “Dhu l-Qa’da”, ukwa 12 “Dhu l-Hijja”, ukwa 1 “Muharram” n’ukwa 7 “Rajab”. [6] Kuko icaha gikozwe muri ayo mezi gifise ibihano ruhasha bisumba ibihano vy’uwogikora mu yandi mezi.
Ngendanyi z’Intumwa! Nimutasidukana n’iyonka mukaja gutabara Intumwa, ni ukuri Imana Allah Yaramaze kuyitera intege no kuyitabara umusi abagarariji bayisohora mu gisagara ca Makka, iri kumwe n’uwugira kabiri[8], igihe bahungira mw’isenga ry’ibuye riri i Makka ku musozi “Thauri”, bakahamara amajoro atatu, igihe Intumwa yabwira uwuri kumwe na yo imuhumuriza iti: “Ntiwicwe n’intuntu kuko Imana Allah Iri kumwe na twe, Iradukingira”. Ni ho rero Imana Allah Yatururuza Intumwa yayo, Iranayiteza intege ingabo z’abamalayika mutashobora kubona n’amaso, Iranasuzuguza ijambo ry’abagarariji, riratsindwa. Burya, ijambo ry’Imana Allah rirakwiye kwubahwa hakaganza ubwislamu. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora[9].
[8] Ari we Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire). [9] Iyi Aayah, irerekana icubahiro gihambaye ca Abu Bakari Al-Swiddiiq (Imana Allah Imwishimire).
Bemeramana! Murasidukana n’iyonka rero, abasore ku batama, mu gihe c’amahirwe n’amagorwa, muheze muharanire idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yanyu no mu kwitanga mwebwe nyene ubwanyu; ivyo ni vyo vyiza kuri mwebwe. Nimwaba rero mutahura ivyiza biri ku Mana Allah nimuyumvire, mwumvire n’Intumwa yayo.
Ntumwa y’Imana! Indyarya iyo zisabwa kuja kwegeranya iminyago hatarinze kuba indwano no gufata urugendo rutaruhisha, zari kugukurikira[10]. Ariko icatumye zisiba ku rugamba rwa “Tabuuki” rwo kurwanya Abaromani, ni uko urugamba rwabaye mu gihe c’ici. Zizoheza rero zitange ivyireguzo ku gusiba kuri nya rugamba, zirahire zirengwe kw’Izina ry’Imana Allah ko iyo zishobora kuza, zari kujana na mwe ku rugamba, gutyo zihonye zo nyene kuri ico kinyoma n’uburyarya, kandi Imana Allah Izi neza ko mu vy’ukuri zibesha mu vyireguzo vyazo.
[10] Muri iyi Aayah, Imana Allah Iranebagura ingendo y’indyarya zasavye Intumwa uruhusha rwo gusiba ku rugamba rwabereye ahitwa “Tabuuki”.
Ntumwa y’Imana! Urakababarirwa n’Imana Allah ku kureka gukora icari gikenewe kurusha. Ni ku mvo nyabaki warekuriye indyarya gusiba ku rugamba, utabanje gutohoza ko muri zo harimwo izatanze ivyireguzo vy’ukuri ngo umenye n’izabeshe!
Ntumwa y’Imana! Ntibisanzwe ku bemera Imana Allah n’Intumwa yayo hamwe n’umusi w’iherezo, ko bagusaba uburenganzira bwo kudaharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo; burya Imana Allah, Irazi neza abayigamburukira mu kwubahiriza amabwirizwa yayo.
Muvugishwamana! Iyo indyarya zishaka kujana na we ku rugamba, zari kurwitegurira bikwiye mu gutegekanya impamba n’igitwazi, ariko Imana Allah mu vyagezwe ntiyashimye ko mujana, Iraheza Iraziremereza zibwirwa ziti: “Nimusibe ku rugamba, mugume mu zanyu hamwe n’abarekuriwe kuzigumamwo[11]”.
[11] Abarekuriwe kutaja ku rugamba, bakaba boguma muhira, ni abageze mu zabukuru, abarwaye, abakenyezi n’abana.
Bemeramana! Iyo indyarya zijana na mwe ku rugamba, nta co zari kubamarira atari ugukwiragiza ubwononyi n’ibihuha bibaca inkokora; zari no kubacanishamwo zirondera ko musiba ku rugamba; zari no kuronka muri mwebwe ababagendereza bakaziha inkuru zanyu. Burya Imana Allah, Irazi neza abirenganije mu kurenga ku mabwirizwa yayo, Izoheza Ibahane.
Ni ukuri, indyarya zarashatse kugerageza abemeramana mu kwemera no mu kubaburagiza kuja ku rugamba rwa “Tabuuki” imbere yuko ruba. Ntumwa y’Imana! Zaranaguhindutse akatari gake kugira ngo uneshwe[12], kugeza n’aho intsinzi iturutse ku Mana Allah ishika, maze idini ry’Imana Allah riratsinda. Ziranababazwa n’iyo ntsinzi;
[12] Nk’uko vyagenze ku rugamba rwa Uhudi no ku rugamba rwa Khandaqi.
Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uzihaniza uti: “Nta kizodushikira kiretse ico twandikiwe n’Imana Allah mu vyagezwe ko kidushikira, ni Yo Nkinzoyabatoni Ikaba n’Umutabazi wacu”. Abemeramana rero nibishimikize Imana Allah bayizere.
Muvugishwamana! Bwira izo ndyarya uti: “Mbega ni igiki murindiriye ko kidushikira kiretse kimwe mu vyiza bibiri; ugupfira Imana Allah canke kuronka intsinzi ku rugamba, mu gihe twebwe turindiriye ko mushikirwa n’ibihano vy’Imana Allah bikabahonya canke tukabicira ku rugamba! Nimurindire rero, na twe mu vy’ukuri turarindiranye hamwe na mwe ico Imana Allah Igiye gukora”.
Nta gituma indyarya zitakirirwa ivyo zatanze, kiretse ko zihisha mu mishaha ubugarariji; ntizija no gusenga, kiretse ko zigenda zinebwa; ntizinatanga mu matungo yazo, kiretse ko zitanga ku gitsure[15].
[15] Indyarya ntizizigiye indishi ku vyo zikora, ntizinatinya guhanirwa ivyo ziretse gukora; ivyo bigaturuka ku kwiyorobeka mu kugaragaza ukwemera no mu guhisha ubugarariji.
Iyo zishima ivyo zihawe n’Imana Allah n’Intumwa yayo, zigaheza zikavuga ziti: “Iyikwiye kuduhagararira, ni Imana Allah, Izoheza Iduhe mu mpano zayo, Intumwa yayo na yo nyene izoduha mu vyo yahawe n’Imana Allah, mu vy’ukuri twebwe twipfuza ko Imana Allah Yodukenura”, vyari kuba vyiza cane kuri zo.
Mu vy’ukuri, ishikanwa-bwirizwa ryagenewe guhabwa aboro[16], abakene[17], abaryegeranya, abakundishwa ubwislamu[18], kubohoza abagurano, kurihira abananiwe kwishura ingurane[19], guharanira idini ry’Imana Allah, hamwe no gufasha uwuri ku rugendo yakehaniwe n’uburyo. Igaburwa ry’iryo shikanwa-bwirizwa ryagenwe n’Imana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi ibitunganye ku baja bayo, Intungane mu vyo Ikora.
[16] Ni abatagira shinge na rugero. [17] Ni abatagira ibibabeshaho bikwiye. [18] Mu bagarariji biboneka ko bashobora kwinjira ubwislamu, canke bakagira ico bamariye abislamu, canke bakaba ari abislamu bafise ukwemera kugoyagoya, bahabwe kugira batsimbatazwe ku kwemera. [19] Mu gihe nya ngurane itakoreshejwe mu biciye kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah, canke ngo ikoreshwe mu gusesagura.
Zirabarahirira kw’Izina ry’Imana Allah indahiro z’ikinyoma kugira zibashimishe, Imana Allah n’Intumwa yayo, ni bo zategerezwa gushimisha mu kubemera no kubumvira nizaba ari abemeramana vy’ukuri.
Indyarya ziriyorobeka, zigatinya ko hohishurwa igisomwa kigaragaza ubugarariji zihishije mu mishaha yazo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Nimubandanye gutebura ku mabwirizwa y’Imana Allah; mu vy’ukuri, Imana Allah Izogaragaza ukuri ku vyo mwiyorobekamwo”.
Muvugishwamana! Uramutse ubajije izo ndyarya ku gituma zikunebagura wewe hamwe n’ingendanyi zawe, zizokwishura ziti: “Ni ukuri tuba turiko turiganirira, dutebura gusa bitavuye ku mutima!”. Zibwire uti: “Mbega none, ni ku Mana Allah no kuri Aayah n’Intumwa vyayo muba muriko murateburako!”.
Indyarya n’indyaryakazi, zose zipfuye rumwe. Zose zirangwa no kwiyorobeka, zigaragaza ukwemera zigahisha ubugarariji, zibwiriza abandi ukugarariza Imana Allah no kugabitaniriza Intumwa yayo, zikababuza ukwemera Imana Allah no kwumvira Intumwa yayo, zikaba ata n'ico zikura ngo zitange. Zaribagiye Imana Allah, ntizaba zikiyibuka namba, gutyo na Yo Iraziyibagiza, Izikura mu mpuhwe zayo, ntiyanazishoboza gukora iciza. Mu vy’ukuri indyarya, ni zo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Imana Allah Yarasezeraniye indyarya n’indyaryakazi hamwe n’abagarariji, ko amaherezo yabo bose ari mu muriro wa Jahannamu, bazowubamwo ibihe bidahera. Ni wo bakwiye nta kindi, kanatsinda n’Imana Allah Yarabavumye. Baranategekanirijwe n’ibihano vyamaho.
Mbega izo ndyarya ntizirashikirwa n’inkuru z’ab’aho hambere yazo mu bantu ba Nuhu, Bene Aadi, Bene Thamuudi, abantu ba Ibrahimu, abantu bo muri Madiyani, hamwe rero n’abantu ba Luutwi bafuririwe mu gacimbiri kabo, Intumwa barungikiwe zarashikirije Aayah n'ivyemezo vy’Imana Allah, baca barabigarariza, Imana Allah Ica Irabahanira ivyaha bakoze! Kira noneho, Imana Allah ntiyari kubarenganya namba ngo Ibahanire ubusa, ariko ni bo birenganije mu guca kubiri n’amabwirizwa yayo.
Abemeramana n’abemeramanakazi baratabarana. Babwiriza abantu kwemera Imana Allah no gukora ivyiza, bakanababuza kugarariza Imana Allah, bagatsimbataza n’amasengesho, bagatanga n’ishikanwa-bwirizwa, bakumvira Imana Allah n’Intumwa yayo. Abo ni bo rero, Imana Allah Izogirira impuhwe, Ibashire no mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenintsinzi, Intungane mu vyo Ikora.
Ewe Muvugishwamana! Rwanya abagarariji n’iminwe, wongere urwanye n’indyarya ukoresheje ingingo n'ivyemezo, uteko ukarire iyo migwi yompi. Ubushikiro bwabo ni mu muriro wa Jahannamu, ayo ni na yo maherezo mabi cane.
Indyarya zirarahira zikarengwa kw’Izina ry’Imana Allah zibesha ko zitigera zibangamira Intumwa n’abemeramana. Ziranguha! Zaravuze ijambo ry’ukugarariza ryatumye ziva mu bwislamu, zaranagerageje guhohotera Intumwa y’Imana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), maze Imana Allah Irakinga ntizagira ico zishikako. Nta n’ico zinegura abemeramana, kiretse ko Imana Allah Yabahaye ingabirano n’imigisha bazaniwe n’Intumwa yayo. Abagarariji nibaramuka bisubiyeko bakagaruka ku Mana Allah bakigaya, bizoba ari vyo vyiza kuri bo; nibagenza umugongo naho bakirengagiza ukuri, Imana Allah Izobahanisha ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa. Kira noneho, ntibazoronka mw’isi yose uwubakura mu bihano, eka nta n’uwubibakingira bazoronka.
Mu ndyarya, burya harimwo abakene biyemeza ku Mana Allah bati: “Imana Allah niyaduha mu ngabirano zayo, ni ukuri tuzotanga imperezwa, kandi ni ukuri tuzokora n’ivyiza bituma tuba mu beranda”;
Imana Allah Ica Ibahanisha uburyarya mu mitima yabo bwiyongereye ku bwo bari basanganwe, ntibazopfa babwikuyemwo gushika bahuye na Yo ku musi w'iharurirwa, ivyo bikazoba bitewe no guca kubiri n’ivyo biyemeje ku Mana Allah, n’ukuntu baranzwe n’ububeshi hamwe n’uburyarya.
Mbega none, izo ndyarya ntiziramenya ko Imana Allah Izi neza ivyo zihishije mu mishaha, hamwe n’ivyo zongorerana mu migambi mibi, n’uko Imana Allah Izi neza ibinyegejwe ibiremwa! Nta nkeka rero ko Izozihembera ivyo zakoze.
Abasivye ku rugamba rwa Tabuuki, bararyohewe n’ugusigara i Madina baciye kubiri n’Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bakaba basivye ku kwanka kujana na yo guharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, baraheza babwirana hagati yabo bati: “Ntimuhirahire ngo mugende ku rugamba mu bushuhe buri aho![21]”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Umuriro wa Jahannamu nyabuna ni wo urimwo ubushuhe bw’akataraboneka”, nibaba koko bazi ico ari co ubushuhe.
[21] Hari ku rugamba rwa “Tabuuki” rwabaye ari mu ci, izuba rimena imbwa agahanga.
Izo ndyarya zitagiye ku rugamba rero, nizitwenge gake mu buzima bwo kw’isi, zinitegurire no kurira kenshi mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo zari zararondeye kw’isi.
Ntumwa y’Imana! Ntugahirahire ngo usengere umuntu n’umwe muri zo mu gihe apfuye; ntukagire n’uwo usabira ku mva yiwe. Mu vy’ukuri, indyarya zaragararije Imana Allah n’Intumwa yayo, gutyo zirinda zipfa ari ibigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah [22].
[22] Iyi ngingo ifata indyarya iyo ari yo yose mu gihe imenyekanye ko ari indyarya.
Indyarya n’aho zitojana n’Intumwa ku rugamba, Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) n’abemeramana bari kumwe, baraharaniye idini ry’Imana Allah mu gutanga amatungo yabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo, abo ni bo bategekanirijwe intsinzi n’iminyago kw’isi, bakazoterwa n’iteka ryo kuja mu Bwami bw’ijuru; abo, ni na bo rero baronse intsinzi;
Imana Allah Yarabategekanirije ku musi w’izuka imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera. Iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye.
Bamwe mu banyagihugu bo mu micungararo y’igisagara ca Madina, baraje kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), basaba ko batojana na yo ku rugamba kugira ibarekurire gusiba; maze abahakanye Imana Allah n’Intumwa yayo, baraheza bigumira mu zabo ku kagagazo, ntibaja kwisigura ku Ntumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah). Abagararije rero muri bo, bazohanishwa ibihano bibabaza kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Abaje kwisigura ku Ntumwa mu bafise intege nke, abakitswe n’amagara, eka n’abakene badashoboye kwitegurira kuja ku rugamba, nta caha kuri bo co gusiba ku rugamba mu gihe bokweza imitima ku bw’Imana Allah n’Intumwa yayo, bakanubahiriza amabwirizwa yayo, nta kuntu rero abagwaneza nk’abo bohanwa; burya Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
Ntumwa y’Imana! Ni ukuri, icaha no kunebagurwa ku kutaja ku rugamba, ni ku bagusaba kurusibako kandi bishoboye batanabuze ikibashikanayo. Abo, ni indyarya zashimye kugumana n’abarekuriwe kutaja guharanira idini ry’Imana Allah, Imana Allah na Yo Ica Itera ikimangu c’uburyarya ku mitima yazo, bituma zitamenya ibihano bizirindiriye.
Nimwagaruka muvuye ku rugamba rero, bazobarahira barengwe kw’Izina ry’Imana Allah bireguza ikinyoma, kugira ntimubaharire ivomo. Nimubaharire ivomo rero mubirengagize, mu vy’ukuri barangwa n’umutima mubi. Ubushikiro bwabo, ni mu muriro wa Jahannamu, ni yo ndishi y'ivyo bari bararondeye kw’isi.
Burya mu Barabu baba mu micungararo y’ibisagara, harimwo uwufata ivyo atanze mu guharanira idini ry’Imana, ko ari agahombo ata n’ico bimwungura, agaheza akabatega imisi y’akaga. Kira noneho, ni bo barindiriwe n’imisi y’akaga! Burya Imana Allah, ni Nyenukwumva, Irumva ivyo bavuga; Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ivyo bakora n’ivyo bazirikana;
Muri abo, harimwo n’abemera Imana Imwe Rudende Allah bakanemera n’umusi w’iherezo, bakanatanga mu ntumbero yo kwiyegereza Imana Allah, no kugira ngo basabirwe n’Intumwa y’Imana. Bantu nimwumve mwumvireho! Ivyo bakora birabegereza koko ku Mana Allah. Imana Allah rero Izobinjiza ku mpuhwe zayo mu Bwami bw’ijuru. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
N’ababaye aba mbere mu kwemera Imana Allah n’Intumwa yayo mu bimukira n’abasangwa, hamwe n'ababakurikiye mu kwemera mu mvugo n’ingiro ku bugwaneza, barondera gushimwa n’Imana Allah, Imana Allah Yarabishimiye kw'iyumviramana ryabo, na bo nyene kandi barayishimiye ku mpembo y’ivyo bakoze, Yaranabategekanirije imirima itotahaye yo mu Bwami bw’ijuru, musi y’ibiti n’inyubakwa vyabwo hatemba inzuzi, bazoyibamwo ibihe bidahera, mu nema zamaho. Iyo rero ni yo ntsinzi ihambaye[25].
[25] Iyi Aayah ireza ikanashimagiza ingendanyi z’Intumwa ko zari intungane, ni na co gituma ukwubaha no kwubahiriza ingendanyi z’Intumwa, ari kimwe mu bigize ishingiro ryo kwemera.
Ntumwa y’Imana! No mu banyagihugu baba mu micungararo y’igisagara ca Madina harimwo indyarya; no mu baba i Madina nyene, harimwo indyarya zitsimbataye ku bwononyi, zikwiyorobekako. Humura rero Twebwe Allah Turazizi, Tuzozihana incuro zibiri: Tuzozihanisha ukwicwa, ukugirwa imbohe mu ndwano hamwe no guteterezwa kw’isi; Tuzozihanisha kandi ibihano vyo mu mva, hanyuma zihabwe ibihano bihambaye mu muriro udahera.
Hari n’abandi rero mu bantu baba i Madina no mu micungararo yaho, bemanze ivyaha vyabo barigaya, baraheza baranabisabira imbabazi, bavanze ivyiza[26] n’ibibi[27]. Abo rero, hari aho Imana Allah Yobakirira ukwigaya kwabo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenikigongwe-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[26] Vy’ukwigaya ivyaha no gukora ibindi vyiza. [27] Vy’ukutajana n’Intumwa ku rugamba n’ibindi bibi bakoze.
Mbega none, abasivye ku rugamba rwa Tabuuki hamwe n'abarugiyeko ntibaramenya ko Imana Allah ari Yo Yonyene Yakirira ibiremwa ukwigaya kwavyo, Ikemera imperezwa Ikanayihembera, n’uko kandi ari Yo Nyenukwumvirabigaya, Yumvira abayitakambira muri vyo, Nyenimbabazi ku batoni bayo!
N’indyarya zakanagaye zikubaka umusigiti mu ntumbero yo kuburabuza abemeramana, kugarariza Imana Allah hamwe no gucanishamwo abemeramana; ngo habe abaheba gusengera mu musigiti wa Qubaa bahora basengeramwo, mu kurindira uwitwa Abu Aamir Al-Raahib yatanguye kurwanya Imana Allah n’Intumwa yayo, kugira agire nya musigiti ihuriro ryo kuburabuza abemeramana. Izo ndyarya rero, zizorahira kw’Izina ry’Imana Allah zirengwe, ziti: “Ni ukuri, ntitwigeze twubaka uwo musigiti kiretse ku bugwaneza, mu ntumbero yo kworohereza abashaka gusengera hafi, badashoboye kuja mu musigiti wa Qubaa[30]”. Burya Imana Allah, ni Icabona ko mu vy'ukuri zibesha mu vyo zirahirira;
Muvugishwamana! Ntuzokwigere usengera na rimwe muri uwo musigiti. Ni ukuri umusigiti wa Qubaa wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana[31] kuva umusi wubakwa, ni wo nyabuna ukwiye gusengeramwo. Uwo musigiti, urimwo abantu bakunda kwisukura no kweza umutima. Burya Imana Allah, Irakunda abisukura bakeza umutima.
[31] Umusigiti wa Qubaa, niwaba wubatswe mu ntumbero y'igamburukiramana kuva umusi wubakwa, umusigiti wubatswe n'Intumwa i Madina wowo urushirizaho mu kuba wubatswe muri iyo ntumbero nyene.
Uwubatse inyubakwa yiwe ku mushinge w’igamburukiramana, arondera gushimwa n’Imana Allah, ntashobora kunganya ubutore n’uwubaka inyubakwa yiwe ku manga iri mugusenyuka, maze akahubaka umusigiti mu ntumbero yo kugarariza, kuburabuza abemeramana no kubacamwo imigwi, nya nyubakwa rero igaheza ikamukororera mu muriro wa Jahannamu. Burya Imana Allah, ntirongora mu nzira yayo abantu birenganya mu kurenga ku mabwirizwa yayo.
Ihangiro ry’inyubakwa yubatswe n’indyarya ku kubangamira umusigiti wa Qubaa, ryagumye ribonekera mu makenga n’uburyarya bitsimbataye mu mitima yazo gushika zipfe canke zicwe, canke zigaye koko ku Mana Allah. Burya Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi amakenga yuzuye imitima yazo n’ihangiro ryazo mu kwubaka nya musigiti; Intungane mu vyo Ikora.
Mu vy’ukuri, Imana Allah Yaramaze kuguza ubuzima n’amatungo vy’abemeramana, Ubwami bw’ijuru; kuko baharanira idini ry’Imana Allah mu gutanga ivyabo no mu kwitanga bo nyene ubwabo kugira idini ryayo riganze, maze bakica canke bakicwa. Iryo ni ryo sezerano ry’ukuri riri muri Tawurati, mu Njiili no muri Qor’ani. Nta n’umwe rero yokwubaha akubahiriza isezerano kurusha Imana Allah. Bemeramana! Kubera ivyo rero, nimuhimbarwe n’urudandaza mwagize n’Imana Allah mu kuguza ubuzima bwanyu Ubwami bw'ijuru, iyo ni na yo ntsinzi rero ihambaye.
Abahawe iryo sezerano rero, ni abigaya ku Mana Allah bakavavanura n’ivyaha; abitonesha mu kuyiyegereza mu vyo bakora vyose; abayishimagiza mu buryo ubwo ari bwo bwose, uko biri kwose; abipfunga; abayunamira bakanayubamira mu masengesho; ababwiriza abandi gukora ivyiza bakanababuza gukora ibibi; abubaha bakubahiriza amabwirizwa yayo ntibayarengeko. Muvugishwamana! Shikiriza rero abemeramana barangwa n’iyo migenzo, inkuru nziza ibahumuriza ko bishimiwe n'Imana Allah n'uko bazohabwa Ubwami bw’ijuru.
Nta ho vyakabaye ko Umuvugishwamana hamwe n’abemeramana, basabira imbabazi ku Mana Allah, ababangikanyamana bapfuye bakibangikanya n’aho boba bari abavandimwe babo, mu nyuma y'aho bamenye neza na neza ko bari mu bantu bo mu muriro ururumba[32].
[32] Ku kubera ko Imana Allah Itababarira ibangikanyamana. Imana Allah Yavuze Iti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntigumiriza akabanga ku vyaha ngo Ibabarire uwuyibangikanya” (An-Nisaa-i: 48). Iranavuga kandi Iti: “Mu vy’ukuri, uwuzobangikanya Imana Allah, ni ukuri Imana Allah Yaraziririje ko yoja mu Bwami bw’ijuru” (Al-Maa-ida: 72).
Ugusaba imbabazi kw'Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) kuri se yabangikanya Imana Allah, ntikwigeze kuba koko, kiretse ko ryari isango yamuhaye ryo kuzomusabira ku Mana Allah[33]. Aho rero amenyeye ko se ari umwansi w’Imana Allah, adahanurwa, akazohava apfa akiri umugarariji, yaciye areka kumusabira nya mbabazi ku Mana Allah, aranavavanura na we. Mu vy’ukuri, Intumwa Ibrahimu (nyakugira amahoro y’Imana Allah), ni ukuri ni umutakamvyi koko ku Mana Allah, irangwa n’ubwitonzi no kubabarira kenshi.
[33] Raba Aayah ya 47 mu gisomwa citiriwe Mariyamu.
Nta ho vyakabaye ko Imana Allah Ireka umugwi w’abantu ngo uhube inyuma y’aho Iwurongoreye mu nzira igororotse, Itabanje kuwumenyesha amabwirizwa yayo ngo uyigamburukire canke ngo uyihakane. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyenubumenyikurivyose, Irazi neza ibikenewe mu kurongoka mu nzira yayo.
Ni ukuri, Imana Allah Yarashoboje Umuvugishwamana Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) kuyitakambira no kuyumvira, Yaranumviye Igirira ikigongwe n’abateshejwe izabo bakimukira i Madina, hamwe n’abasangwa babakiriye hamwe n’Intumwa, bakabatabara, bakanajana n’Intumwa ku rugamba rwa Tabuuki mu gihe c’ubukene n’ubushuhe bumena imbwa agahanga, Imana Allah Yabagiriye ikigongwe inyuma y’aho muri bo harimwo umugwi wariko uragonanwa ku mutima, uhakwa kutaja kuri nya rugamba, maze Irawuremesha urarujako. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
Vyongeye, Imana Allah Yarumviye Igirira n'ikigongwe abantu batatu[35] mu basangwa basivye ku rugamba rwa Tabuuki, hanyuma baratuntura ku mutima gushika n’aho isi ibagira kandi isanzwe yagutse kubera agahinda n’ukwicuza, barabura iyo baja n’iyo bava, baraheza baramenya ata gukekeranya ko ata buhungiro bafise kiretse ku Mana Allah. Ni ho rero mu nyuma Imana Allah Yabumvira, Iraheza Irabashoboza kwigaya kuri Yo. Mu vy’ukuri, Imana Allah ni Yo Nyenukwumvirabigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
[35] Ari bo MURARA mwene Al-Rabii’i, KA’B mwene Maalik na Hilaali mwene Umayya.
Ntivyari bibereye na gato ko abantu baba mu gisagara ca Madina n'ababa mu micungararo yaco, basiba ku rugamba ngo ntibajane n’Intumwa y’Imana Allah (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah); eka ntibari no gushima kuruhuka mu zabo mu gihe Intumwa y’Imana iri ku muruho w’urugamba. Ivyo rero vyatewe n’uko batigera bashikirwa n’inyota, umuruho canke inzara mu gihe bari mu nzira yo guharanira idini ry’Imana Allah, eka ntibanaca ahantu bigashavuza abagarariji ko bahaciye, eka ntibigera bananesha canke ngo bice umwansi, kiretse ko kuri ivyo vyose, bandikirwa n’Imana Allah indishi y’ibikorwa vyiza. Mu vy’ukuri, Imana Allah ntitakaza namba indishi z’abagwaneza;
Ntivyari na ngombwa rero ko abemeramana bagira rimwe bose ku rugamba, nk’uko bitari vyo ko basibira rimwe bose. Ese iyo hagira abaja ku rugamba bakwiye, bavuye mu migwi yose, hakagira rero n’abasiba ku rugamba kugira baronke akaryo ko kwiga idini, gutyo bakazogabisha benewabo ku bihano vy’Imana Allah igihe basubiye inyuma, kugira ngo biyubare ibihano vyayo.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Nimutangure kwica abari hafi yanyu mu bagarariji, baheze bumve ubukazi bwanyu, munamenye kandi ko Imana Allah Iri kumwe n'abagamburukiramana mu kubatabara no mu kubashikana ku ntsinzi.
Ubwo none, indyarya ntizibona ko zigeragezwa n’Imana Allah ku mapfa, kubaho nabi no guteterezwa rimwe canke kabiri ku mwaka ku mwaka! Hamwe n’iryo geragezwa rero, ntiziheza ngo zigaye ku Mana Allah, ngo zivavanure n’uburyarya, eka mbere ntizinibuka namba ivyemezo vy’Imana Allah ngo zikebuke.
Ntumwa y’Imana! Ababangikanyamana n’indyarya, nibirengagiza kukwemera, urababwira uti: “Iyikwiye kumpagararira muri vyose, ni Imana Allah; nta yindi mana ikwiye gusengwa vy’ukuri atari Yo, ni Yo nishimikije nkizera mu vyanje vyose, ni na Yo Mana Rurema w’Ubuhangamo bwayo buhambaye[36]”.
[36] Ubuhangamo bw’Imana Allah “ARSH”, ni co kiremwa amahanga gihambaye kuruta ibindi biremwa vyose.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
खोज परिणाम:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".