Check out the new design

クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti * - 対訳の目次

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

対訳 章: 洞窟章   節:
وَإِذِ ٱعۡتَزَلۡتُمُوهُمۡ وَمَا يَعۡبُدُونَ إِلَّا ٱللَّهَ فَأۡوُۥٓاْ إِلَى ٱلۡكَهۡفِ يَنشُرۡ لَكُمۡ رَبُّكُم مِّن رَّحۡمَتِهِۦ وَيُهَيِّئۡ لَكُم مِّنۡ أَمۡرِكُم مِّرۡفَقٗا
Twaraberetse rero ico bakwiye gukora, Duti: “Igihe mwiyonkoye ku babangikanyamana, mukavavanura n’ivyo basenga havuyemwo Imana Allah, murashoka muhungira mw’isenga ry’ibuye riri ku musozi, maze musenge Imana Imwe Rudende Allah, Imana Allah Izoheza Ibahundagazeko impuhwe zayo, nta na kimwe kizobabangamira, Yongere Iborohereze inzira yo kuronka ibibabeshaho”.
アラビア語 クルアーン注釈:
۞ وَتَرَى ٱلشَّمۡسَ إِذَا طَلَعَت تَّزَٰوَرُ عَن كَهۡفِهِمۡ ذَاتَ ٱلۡيَمِينِ وَإِذَا غَرَبَت تَّقۡرِضُهُمۡ ذَاتَ ٱلشِّمَالِ وَهُمۡ فِي فَجۡوَةٖ مِّنۡهُۚ ذَٰلِكَ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِۗ مَن يَهۡدِ ٱللَّهُ فَهُوَ ٱلۡمُهۡتَدِۖ وَمَن يُضۡلِلۡ فَلَن تَجِدَ لَهُۥ وَلِيّٗا مُّرۡشِدٗا
Ni ho rero benisenga bahungira muri nya senga ry’ibuye, maze Imana Allah Ica Irabasinziriza umukondorazosi. Izuba riserutse, wabona rihengamiye iburyo bwa nya senga; ryarenga naho, ukabona rihengamiye ibubamfu bwa nya senga, ico gihe rero nta mishwarara y’izuba yabarasirako canke ngo babure akayaga keza gaciye mu bwinjiriro bwa nya senga. Iryo bungabungwa rya benisenga, riri mu vyemezo vyerekana ubushobozi n'ububasha vy’Imana Allah. Uwushobojwe n’Imana Allah akemera akanagamburuka, uyo ni we mugororotsi vy’ukuri, nayo uwubaye intumva, maze Imana Allah Ikamureka agahuba inzira y'ukuri, ntuzokwigera umuronkera umuhagarikizi amutumbereza mu nzira y’ukuri.
アラビア語 クルアーン注釈:
وَتَحۡسَبُهُمۡ أَيۡقَاظٗا وَهُمۡ رُقُودٞۚ وَنُقَلِّبُهُمۡ ذَاتَ ٱلۡيَمِينِ وَذَاتَ ٱلشِّمَالِۖ وَكَلۡبُهُم بَٰسِطٞ ذِرَاعَيۡهِ بِٱلۡوَصِيدِۚ لَوِ ٱطَّلَعۡتَ عَلَيۡهِمۡ لَوَلَّيۡتَ مِنۡهُمۡ فِرَارٗا وَلَمُلِئۡتَ مِنۡهُمۡ رُعۡبٗا
Ubonye rero ukuntu benisenga bari bameze, wokwibajije ko bakanura kandi basinziriye. Twebwe Allah, Twaguma Tubahindukiza ku rubavu rw’iburyo n’urw’ibubamfu, kugira ibihimba vyabo ntibibore ngo biribwe n’umuswa. Imbwa yabo bari kumwe, yari irambije ku bwinjiriro bwa nya senga nk’aho yoba ibacungereye. Uturukiriye aho bari, ubabonye wari gutungwa n’ayo wameze, wari no kwicwa n’ubwoba budasanzwe.
アラビア語 クルアーン注釈:
وَكَذَٰلِكَ بَعَثۡنَٰهُمۡ لِيَتَسَآءَلُواْ بَيۡنَهُمۡۚ قَالَ قَآئِلٞ مِّنۡهُمۡ كَمۡ لَبِثۡتُمۡۖ قَالُواْ لَبِثۡنَا يَوۡمًا أَوۡ بَعۡضَ يَوۡمٖۚ قَالُواْ رَبُّكُمۡ أَعۡلَمُ بِمَا لَبِثۡتُمۡ فَٱبۡعَثُوٓاْ أَحَدَكُم بِوَرِقِكُمۡ هَٰذِهِۦٓ إِلَى ٱلۡمَدِينَةِ فَلۡيَنظُرۡ أَيُّهَآ أَزۡكَىٰ طَعَامٗا فَلۡيَأۡتِكُم بِرِزۡقٖ مِّنۡهُ وَلۡيَتَلَطَّفۡ وَلَا يُشۡعِرَنَّ بِكُمۡ أَحَدًا
Ni nk’uko nyene rero Twebwe Allah - Twabasinzirije Tukanababungabunga ikiringo kirekire - Twabakanguye mw’itiro, kugira babazanye hagati yabo ku kiringo bamaze basinziriye. Bamwe muri bo bishuye bati: “Twasinziriye umusi umwe canke igice cawo”; abandi na bo bishuye bati: “Imana yanyu Rurema Allah, ni Yo Izi neza na neza ikiringo mumaze musinziriye. Enda nyabuna rero, nimurungikane aya mahera y’amadirhamu umwe muri mwebwe aje mu gisagara, maze abasumire mu mfungurwa zirekuwe, ziryoshe, aheze abazanireko ivyo mufungura, kandi agende yiyorobeka kugira ntihagire n’umwe amumenya ngo dufatwe;
アラビア語 クルアーン注釈:
إِنَّهُمۡ إِن يَظۡهَرُواْ عَلَيۡكُمۡ يَرۡجُمُوكُمۡ أَوۡ يُعِيدُوكُمۡ فِي مِلَّتِهِمۡ وَلَن تُفۡلِحُوٓاْ إِذًا أَبَدٗا
Mu vy’ukuri, nihagira abamenya aho muri, baca babatera amabuye gushika mupfe; canke babasubize mw’idini ryabo ryo gusenga ibigirwamana, ico gihe rero ntimuzokwigera mwongera kuronka icobashikana ku ntsinzi y’Ubwami bw’ijuru”.
アラビア語 クルアーン注釈:
 
対訳 章: 洞窟章
章名の目次 ページ番号
 
クルアーンの対訳 - キルンディ語対訳 - Yusuf Ghayiti - 対訳の目次

ヨセフ・ガイティによる翻訳。The African Development Foundation teamによる発行。

閉じる