Check out the new design

ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅಲ್- ಅಅ್ ರಾಫ್   ಶ್ಲೋಕ:
وَلَمَّا رَجَعَ مُوسَىٰٓ إِلَىٰ قَوۡمِهِۦ غَضۡبَٰنَ أَسِفٗا قَالَ بِئۡسَمَا خَلَفۡتُمُونِي مِنۢ بَعۡدِيٓۖ أَعَجِلۡتُمۡ أَمۡرَ رَبِّكُمۡۖ وَأَلۡقَى ٱلۡأَلۡوَاحَ وَأَخَذَ بِرَأۡسِ أَخِيهِ يَجُرُّهُۥٓ إِلَيۡهِۚ قَالَ ٱبۡنَ أُمَّ إِنَّ ٱلۡقَوۡمَ ٱسۡتَضۡعَفُونِي وَكَادُواْ يَقۡتُلُونَنِي فَلَا تُشۡمِتۡ بِيَ ٱلۡأَعۡدَآءَ وَلَا تَجۡعَلۡنِي مَعَ ٱلۡقَوۡمِ ٱلظَّٰلِمِينَ
Musa amaze kugaruka ku bantu biwe, yaje yishwe n’ishavu n’intuntu n’akantu, kuko Imana Allah Yari Yamubwiye ko Yagerageje abantu biwe, n’uko Al-Saamiriy yamaze kubahubisha. Musa yarahejeje avuga ati: “Ni agahebuza, ni bibi cane ivyo mwasigaye murankorera inyuma y’aho ngiriye! Mbega mwihutiye gushaka ko ngaruka gihutihuti, ntimwaheza ngo mundindire nk’uko mwasezeraniwe n’Imana yanyu Rurema Allah?”. Ni ho Musa yaterera hasi Imizingo ya Tawurati, aca afata n’ishavu n’akantu murumunawe Haruna mu kanigo aramujegeza. Haruna ni ho yamwinginga ati: “Mwana wa mama! Ni ukuri, abantu bari aho barampahaje bahakwa no kunyica, enda reka kunkekeza ntitwihe amenyo y’abatwenzi mu bansi bacu, kandi ntutwarwe n’agashavu ngo unshire mu bantu birenganije bagaca kubiri n’ibwirizwa ryawe, bagasenga igishusho c’ishashi y’inka”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ رَبِّ ٱغۡفِرۡ لِي وَلِأَخِي وَأَدۡخِلۡنَا فِي رَحۡمَتِكَۖ وَأَنتَ أَرۡحَمُ ٱلرَّٰحِمِينَ
Musa amaze gutahura uko vyagenze, yavuze ati: “Mana yanje Rurema Allah! Mbabarira itwarwa ryanje n’agashavu, Wongere Ubabarire murumunanje ivyamushikiye, Unadushire twempi mu mpuhwe zawe. Burya Wewe ni We Urangwa n’impuhwe kurusha abagirampuhwe bose”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
إِنَّ ٱلَّذِينَ ٱتَّخَذُواْ ٱلۡعِجۡلَ سَيَنَالُهُمۡ غَضَبٞ مِّن رَّبِّهِمۡ وَذِلَّةٞ فِي ٱلۡحَيَوٰةِ ٱلدُّنۡيَاۚ وَكَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُفۡتَرِينَ
Mu vy’ukuri, abafashe igishusho c’ishashi y’inka bakagisenga, bazoshikirwa n’ishavu ry’Imana yabo Rurema Allah, banasuzugurike mu buzima bwo kw’isi kubera igarariza ry’Imana Allah. Ni nk’ukwo nyene rero Duhemba abarementanya ivyadukano mw’idini.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱلَّذِينَ عَمِلُواْ ٱلسَّيِّـَٔاتِ ثُمَّ تَابُواْ مِنۢ بَعۡدِهَا وَءَامَنُوٓاْ إِنَّ رَبَّكَ مِنۢ بَعۡدِهَا لَغَفُورٞ رَّحِيمٞ
Nayo abakoze ivyaha, mu nyuma bakagaruka ku Mana Allah bakigaya bakanayemera, bakanakora n’ibikorwa vyiza, mu vy’ukuri Imana yawe Rurema Allah nta nkeka ko inyuma y’uko kwigaya kwabo Izobababarira, ni Nyenimbabazi-ntangere ku bigaya, Nyenimbabazi ku batoni bayo.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَلَمَّا سَكَتَ عَن مُّوسَى ٱلۡغَضَبُ أَخَذَ ٱلۡأَلۡوَاحَۖ وَفِي نُسۡخَتِهَا هُدٗى وَرَحۡمَةٞ لِّلَّذِينَ هُمۡ لِرَبِّهِمۡ يَرۡهَبُونَ
Musa amaze guturura ishavu rigahera, yarahejeje atora ya Mizingo ya Tawurati yari yataye hasi. Muri yo, harimwo uburongozi n’impuhwe ku bantu batinya ibihano vy’Imana yabo Rurema Allah.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَٱخۡتَارَ مُوسَىٰ قَوۡمَهُۥ سَبۡعِينَ رَجُلٗا لِّمِيقَٰتِنَاۖ فَلَمَّآ أَخَذَتۡهُمُ ٱلرَّجۡفَةُ قَالَ رَبِّ لَوۡ شِئۡتَ أَهۡلَكۡتَهُم مِّن قَبۡلُ وَإِيَّٰيَۖ أَتُهۡلِكُنَا بِمَا فَعَلَ ٱلسُّفَهَآءُ مِنَّآۖ إِنۡ هِيَ إِلَّا فِتۡنَتُكَ تُضِلُّ بِهَا مَن تَشَآءُ وَتَهۡدِي مَن تَشَآءُۖ أَنتَ وَلِيُّنَا فَٱغۡفِرۡ لَنَا وَٱرۡحَمۡنَاۖ وَأَنتَ خَيۡرُ ٱلۡغَٰفِرِينَ
Ni ho rero Musa yatora mu bantu biwe abagabo b’intore mirongo indwi kugira bajane ku musozi wa Sinayi, kw’isango ryacu Twebwe Allah ryo kwigaya icaha c’isengwa ry’igishusho c’ishashi y’inka. Ba bagabo b’intore bamaze gushika kuri nya musozi, babwiye Musa bati: “Ntiturota tukwemera tutabanje kubona Imana Allah ukuri kwamye; mu vy’ukuri niwaba wavuganye na Yo, yitwereke rero!”. Ni ho bahanishwa nyamugigima y’akataraboneka, maze bose bahonera rimwe. Musa ni ho yahava atakambira Imana Allah arigaya ati: “Mana yanje Rurema Allah! Aho nsubirira inyuma, Bene Israyeli nza kubabwira iki kandi Wahoneje abo natoye muri bo! Iyo Ushaka Wari gutuma Ubahonya ndi kumwe na bo imbere yuko tugera ku musozi wa Sinayi. Mbega Mana yanje Rurema Allah! Uduhonya kubera ivyaha vyakozwe n’abakehabwenge muri twebwe! Ivyo bakoze, si ikindi kiretse ko ari ikigeragezo cawe gituma Uhubisha uwo Ushatse mu biremwa vyawe, Ukarongora uwo Ushatse muri vyo. Wewe ni We Muhagarikizi n’Umutabazi wacu. Kubera ivyo rero, Tugumirize akabanga Utubabarire ibicumuro vyacu, Wongere Utugirire impuhwe, burya Wewe ni We Mwiza w’abababarira bakagumya ibanga;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅಲ್- ಅಅ್ ರಾಫ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

ಮುಚ್ಚಿ