Check out the new design

ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ * - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅಲ್- ಅಅ್ ರಾಫ್   ಶ್ಲೋಕ:
قَالَا رَبَّنَا ظَلَمۡنَآ أَنفُسَنَا وَإِن لَّمۡ تَغۡفِرۡ لَنَا وَتَرۡحَمۡنَا لَنَكُونَنَّ مِنَ ٱلۡخَٰسِرِينَ
Adamu na Hawa bavuze batakamba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Twirenganije mu gufungura kuri kirya giti, nutatugumiriza akabanga Ukatubabarira iki caha twakoze, Ukanatugirira impuhwe, ni ukuri tuzoba turi mu bantu bahomvye ubuzima bwabo[6]”.
[6] Aya rero, ni yo majambo Imana Allah Yeretse Adamu kugira ayasabishe mu kwigaya, Imana Allah na Yo Iraheza Iramubabarira.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ ٱهۡبِطُواْ بَعۡضُكُمۡ لِبَعۡضٍ عَدُوّٞۖ وَلَكُمۡ فِي ٱلۡأَرۡضِ مُسۡتَقَرّٞ وَمَتَٰعٌ إِلَىٰ حِينٖ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa hamwe na Ibilisi Iti: “Nimumanuke kw’isi, muzoba abansi hagati yanyu, kw’isi ni ho mufise uburaro n’uburamuko, muzoryoherwa akanya gato gushika umusi w’urupfu rw’umwe wese”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قَالَ فِيهَا تَحۡيَوۡنَ وَفِيهَا تَمُوتُونَ وَمِنۡهَا تُخۡرَجُونَ
Imana Allah Yabwiye Adamu na Hawa Iti: “Kw’isi ni ho muzoba mwebwe n’uruvyaro rwanyu ubuzima bwo kw’isi, ni na ho muzopfira hageze gupfa, ni no mw’isi nyene muzozurwa umusi w’izuka”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ قَدۡ أَنزَلۡنَا عَلَيۡكُمۡ لِبَاسٗا يُوَٰرِي سَوۡءَٰتِكُمۡ وَرِيشٗاۖ وَلِبَاسُ ٱلتَّقۡوَىٰ ذَٰلِكَ خَيۡرٞۚ ذَٰلِكَ مِنۡ ءَايَٰتِ ٱللَّهِ لَعَلَّهُمۡ يَذَّكَّرُونَ
Emwe Bene Adamu! Ni ukuri, Twarabaremeye inyambarwa zipfuka ubwambure bwanyu[7], n’izindi zo gushaza mukaberwa[8]. Inyambarwa yo gutinya no kugamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, ni yo nyambarwa ibereye umwemeramana. Ivyo, Imana Allah Yabibatomoreye mu vyemezo vyayo kugira mwibuke inema zayo muheze muyishimire.
[7] Iyi, ni yo nyambarwa itegetswe itegerezwa kwambarwa kuko ipfuka ubwambure kizira kubugaragaza.
[8] Iyi na yo, ni inyambarwa yo kurenzako ku gushaza, umwe wese yisunze uburyo afise.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
يَٰبَنِيٓ ءَادَمَ لَا يَفۡتِنَنَّكُمُ ٱلشَّيۡطَٰنُ كَمَآ أَخۡرَجَ أَبَوَيۡكُم مِّنَ ٱلۡجَنَّةِ يَنزِعُ عَنۡهُمَا لِبَاسَهُمَا لِيُرِيَهُمَا سَوۡءَٰتِهِمَآۚ إِنَّهُۥ يَرَىٰكُمۡ هُوَ وَقَبِيلُهُۥ مِنۡ حَيۡثُ لَا تَرَوۡنَهُمۡۗ إِنَّا جَعَلۡنَا ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ لِلَّذِينَ لَا يُؤۡمِنُونَ
Emwe Bene Adamu! Shetani ntikabahende ku kubaryohereza ibicumuro nk’uko yaryohereje ibicumuro abavyeyi banyu Adamu na Hawa, ikabakura mu Bwami bw’ijuru, ikabambura inyambarwa zari zipfutse ubwambure bwabo kugira basigare bari gusa. Mu vy’ukuri, shetani n’uruvyaro rwayo barababona mu gihe mwebwe mutababona, nimubiyubare rero. Mu vy’ukuri, amashetani Twayagize abahagarikizi b’abatemera Imana Allah hamwe n’Intumwa zayo;
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
وَإِذَا فَعَلُواْ فَٰحِشَةٗ قَالُواْ وَجَدۡنَا عَلَيۡهَآ ءَابَآءَنَا وَٱللَّهُ أَمَرَنَا بِهَاۗ قُلۡ إِنَّ ٱللَّهَ لَا يَأۡمُرُ بِٱلۡفَحۡشَآءِۖ أَتَقُولُونَ عَلَى ٱللَّهِ مَا لَا تَعۡلَمُونَ
Iyo bakoze ivyaha bavuga biregura bati: “Ni ryo ragi twarazwe n’abavyeyi bacu, ni ko twasanze bagira. Ni na vyo Imana Allah Yatubwirije”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Mu vy’ukuri, Imana Allah ntibwiriza gukora ivyaha. Mbega muvuga murementaniriza Imana Allah ivyo mutazi?”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
قُلۡ أَمَرَ رَبِّي بِٱلۡقِسۡطِۖ وَأَقِيمُواْ وُجُوهَكُمۡ عِندَ كُلِّ مَسۡجِدٖ وَٱدۡعُوهُ مُخۡلِصِينَ لَهُ ٱلدِّينَۚ كَمَا بَدَأَكُمۡ تَعُودُونَ
Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana yanje Rurema Allah Yababwirije gutunganiriza abantu, Ibabwiriza no kuyitumbera muyiyegereza mu vyo mukora vyose munayisenge ari Imwe Rudende aho muzoba muri hose, canecane mu misigiti; ibabwiriza no kuyisaba mweza idini ryayo, mwemera izuka ry’inyuma yo gupfa; nk’uko Yashoboye rero kubarema ubwa mbere, Irashoboye kandi kubazura mukomeye”.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
فَرِيقًا هَدَىٰ وَفَرِيقًا حَقَّ عَلَيۡهِمُ ٱلضَّلَٰلَةُۚ إِنَّهُمُ ٱتَّخَذُواْ ٱلشَّيَٰطِينَ أَوۡلِيَآءَ مِن دُونِ ٱللَّهِ وَيَحۡسَبُونَ أَنَّهُم مُّهۡتَدُونَ
Imana Allah Yagize mu biremwa imigwi ibiri; umugwi w’abo Yashoboje gutumbera inzira igororotse n’umugwi w’abagiriwe n’ubuhuvyi. Abo rero bagiriwe n’ubuhuvyi, mu vy’ukuri bagize amashetani abahagarikizi, baraheza barayumvira mu gishingo c’Imana Allah ku bujuju bwo kutamenya, bibaza ko batumbereye inzira y’ubugororotsi.
ಅರಬ್ಬಿ ವ್ಯಾಖ್ಯಾನಗಳು:
 
ಅರ್ಥಗಳ ಅನುವಾದ ಅಧ್ಯಾಯ: ಅಲ್- ಅಅ್ ರಾಫ್
ಅಧ್ಯಾಯಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ ಪುಟ ಸಂಖ್ಯೆ
 
ಪವಿತ್ರ ಕುರ್‌ಆನ್ ಅರ್ಥಾನುವಾದ - ಕಿರುಂಡಿ ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ - ಅನುವಾದಗಳ ವಿಷಯಸೂಚಿ

ಅನುವಾದ - ಯೂಸುಫ್ ಘಹಿತಿ. ಪ್ರಕಾಶನ - ಆಫ್ರಿಕನ್ ಅಭಿವೃದ್ಧಿ ಪ್ರತಿಷ್ಠಾನ

ಮುಚ್ಚಿ