Check out the new design

Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti * - Index van vertaling

PDF XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Vertaling van de betekenissen Surah: Al-Morsalaat   Vers:

Al-Mursalaat

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا
No ku miyaga y’igihuhusi!
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا
No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا
No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا
No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;
Arabische uitleg van de Qur'an:
عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا
Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!
Arabische uitleg van de Qur'an:
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ
Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.
[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.
Arabische uitleg van de Qur'an:
فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ
Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ
Igihe n’ijuru ryase imigaga;
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ
Igihe n’imisozi yanyitse;
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ
Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;
Arabische uitleg van de Qur'an:
لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ
Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?
Arabische uitleg van de Qur'an:
لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ
Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa.
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ
Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero.
Arabische uitleg van de Qur'an:
أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!
Arabische uitleg van de Qur'an:
ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!
Arabische uitleg van de Qur'an:
كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Arabische uitleg van de Qur'an:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo.
Arabische uitleg van de Qur'an:
 
Vertaling van de betekenissen Surah: Al-Morsalaat
Surah's Index Pagina nummer
 
Vertaling van de betekenissen Edele Qur'an - Kirundi vertaling - Yoessoef Gahiti - Index van vertaling

Vertaald door Yoessoef Ghayiti. Uitgegeven door de Afrikaanse Ontwikkelingsstichting.

Sluit