Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية * - Ishakiro ry'ibisobanuro

XML CSV Excel API
Please review the Terms and Policies

Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Mur’salaat (Ibyoherezwa)   Umurongo:

SURATU L-MURSALAAT

وَٱلۡمُرۡسَلَٰتِ عُرۡفٗا
Jewe Allah, Ndarahiye ku miyaga y’urukurikirane!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَٱلۡعَٰصِفَٰتِ عَصۡفٗا
No ku miyaga y’igihuhusi!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَٱلنَّٰشِرَٰتِ نَشۡرٗا
No ku bamalayika bajejwe ikwiragiza ry’ibicu vy’imvura mu kirere!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَٱلۡفَٰرِقَٰتِ فَرۡقٗا
No ku bamalayika bajana ijambo ry’Imana Allah ritandukanya ukuri n’ikinyoma, rigatandukanya ikirekuwe n’ikizira!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَٱلۡمُلۡقِيَٰتِ ذِكۡرًا
No ku bamalayika bashikiriza ubutumwa barungikanwe ku Ntumwa z’Imana Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
عُذۡرًا أَوۡ نُذۡرًا
Kugira ngo bakureho ivyitwazo ku bagarariji, babagabishe no ku bihano vy’Imana Allah!
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّمَا تُوعَدُونَ لَوَٰقِعٞ
Mu vy’ukuri ibi vyose mwagabishijweko[1], nta nkeka ko bizoba ata gisivya.
[1] Mu vyerekeye izuka ry’ibiremwa, iharurirwa ryavyo, no ku vyerekeye impera y’umwe wese ku co yakoze. Ivyo vyose rero, nta nkeka ko bitegerezwa kuba.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَإِذَا ٱلنُّجُومُ طُمِسَتۡ
Igihe inyenyeri zazimye, ntizisubire kwaka;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا ٱلسَّمَآءُ فُرِجَتۡ
Igihe n’ijuru ryase imigaga;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا ٱلۡجِبَالُ نُسِفَتۡ
Igihe n’imisozi yanyitse;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا ٱلرُّسُلُ أُقِّتَتۡ
Igihe n’Intumwa z’Imana zahawe umwanya wo kwagiriza abo zarungitsweko;
Ibisobanuro by'icyarabu:
لِأَيِّ يَوۡمٍ أُجِّلَتۡ
Ni ku musi uwuhe zirindirijweko kubagiriza?
Ibisobanuro by'icyarabu:
لِيَوۡمِ ٱلۡفَصۡلِ
Ni ku musi w’ubutungane ku biremwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَمَآ أَدۡرَىٰكَ مَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِ
Mbega, ni igiki cokumenyesha uwo musi w’ubutungane uwo ari wo?
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’umuhero.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَلَمۡ نُهۡلِكِ ٱلۡأَوَّلِينَ
Mbega, ntitwahoneje abahakanyi b’aho hambere ku kubera igarariza ryabo ry’Intumwa!
Ibisobanuro by'icyarabu:
ثُمَّ نُتۡبِعُهُمُ ٱلۡأٓخِرِينَ
Hanyuma Tubakurikiza abandi bakurikiye mu nyuma, bakagarariza nkabo!
Ibisobanuro by'icyarabu:
كَذَٰلِكَ نَفۡعَلُ بِٱلۡمُجۡرِمِينَ
Ni nk’ukwo nyene rero Twebwe Allah, Tuzogira inkozi z’ikibi mu babangikanyamana b’i Makka bahakanye Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah).
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Imwe Rudende Allah, Intumwa zayo, izuka ry’ibiremwa n’iharurirwa ryavyo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَلَمۡ نَخۡلُقكُّم مِّن مَّآءٖ مَّهِينٖ
Mbega babangikanyamana! Twebwe Allah, ntitwabaremye mu mazi y’intanga agayitse!
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَجَعَلۡنَٰهُ فِي قَرَارٖ مَّكِينٍ
Hanyuma Tuyashira mu gitereko gikingiwe c’umugore!
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِلَىٰ قَدَرٖ مَّعۡلُومٖ
Gushika ku kiringo categekanijwe kizwi n’Imana Allah;
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَقَدَرۡنَا فَنِعۡمَ ٱلۡقَٰدِرُونَ
Turaheza Tuyatunganyamwo ikiremwa-muntu gikwiye. Emwe! Ni Twebwe Allah, Abeza bo gutunganya indemo kurusha.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ubushobozi bw’Imana Allah bwo kurema no kuzura abapfuye.
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَلَمۡ نَجۡعَلِ ٱلۡأَرۡضَ كِفَاتًا
Mbega Twebwe Allah, ntitwagize isi kuba iyegeranirizo!
Ibisobanuro by'icyarabu:
أَحۡيَآءٗ وَأَمۡوَٰتٗا
Ry’abagihema bagendagenda kuri yo n’abasandavye bashingurwa muri yo!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَجَعَلۡنَا فِيهَا رَوَٰسِيَ شَٰمِخَٰتٖ وَأَسۡقَيۡنَٰكُم مَّآءٗ فُرَاتٗا
Tuyishirako n’imisozi ishimitse miremire kugira ngo iturure, Tubanywesha n’amazi meza y’umusarara!
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma inema z’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ مَا كُنتُم بِهِۦ تُكَذِّبُونَ
Abamalayika bacungereye umuriro wa Jahannamu, bazobwira abagarariji bati: “Nimugende muri vya bihano mwahora muhakana ko mutazohabwa;
Ibisobanuro by'icyarabu:
ٱنطَلِقُوٓاْ إِلَىٰ ظِلّٖ ذِي ثَلَٰثِ شُعَبٖ
Nimugende mu gitutu c’umuriro wa Jahannamu gifise imfuruka zitatu;
Ibisobanuro by'icyarabu:
لَّا ظَلِيلٖ وَلَا يُغۡنِي مِنَ ٱللَّهَبِ
Si igitutu gikingira ubushuhe bw’uwo musi. Ntikizonabuza ko bababurwa n’urubeya rw’umuriro.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّهَا تَرۡمِي بِشَرَرٖ كَٱلۡقَصۡرِ
Mu vy’ukuri uwo muriro wa Jahannamu, ucira amasase angana n’igorofa amahanga.
Ibisobanuro by'icyarabu:
كَأَنَّهُۥ جِمَٰلَتٞ صُفۡرٞ
Isase rimwe riva muri wo, riguruka rimeze nk’ingamiya z’ibara ryirabura rija gusa n’umuhondo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’izuka ry’ibiremwa n’intureka zawo.
Ibisobanuro by'icyarabu:
هَٰذَا يَوۡمُ لَا يَنطِقُونَ
Uwo musi w’izuka, ni umusi abahakanyi batazoronka ico bavuga cobungura.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَلَا يُؤۡذَنُ لَهُمۡ فَيَعۡتَذِرُونَ
Nta n’uburenganzira bazohabwa bwo kuvuga ngo biregure kuko batazoronka ico bireguza.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma ibizoshika ku musi w’umuhero.
Ibisobanuro by'icyarabu:
هَٰذَا يَوۡمُ ٱلۡفَصۡلِۖ جَمَعۡنَٰكُمۡ وَٱلۡأَوَّلِينَ
Uwo musi, ni umusi wo gutandukanya ukuri n’ikinyoma, Twabakoranije mwebwe abagarariji mu bantu barungikiwe Intumwa Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) hamwe n’abagarariji b’aho hambere.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَإِن كَانَ لَكُمۡ كَيۡدٞ فَكِيدُونِ
Nimwaba rero mufise uburyo bwo kwigobotora mu bihano, nimubukoreshe muheze mukire ibihano vy’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah, Intumwa, Ibitabu vyayo n’umusi w’imperuka.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّ ٱلۡمُتَّقِينَ فِي ظِلَٰلٖ وَعُيُونٖ
Mu vy’ukuri, abagamburukiramana batinya ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo bakiri kw’isi, bazoba bari mu gatutu k'ibiti vy'ivyamwa katigera karenga, ahari n’inzuzi zitemba;
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَفَوَٰكِهَ مِمَّا يَشۡتَهُونَ
N’ivyamwa bitandukanye mu vyo bipfuza;
Ibisobanuro by'icyarabu:
كُلُواْ وَٱشۡرَبُواْ هَنِيٓـَٔۢا بِمَا كُنتُمۡ تَعۡمَلُونَ
Bazobwirwa n'Imana Allah bati: “Nimufungure mwongere munywe n’akayabagu kenshi, ku vyiza mwari mwarakoze kw’isi.
Ibisobanuro by'icyarabu:
إِنَّا كَذَٰلِكَ نَجۡزِي ٱلۡمُحۡسِنِينَ
Mu vy’ukuri Twebwe Allah, ukwo ni ko Duhemba abagwaneza”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma umusi w’impera n’iharurirwa ry’ibiremwa.
Ibisobanuro by'icyarabu:
كُلُواْ وَتَمَتَّعُواْ قَلِيلًا إِنَّكُم مُّجۡرِمُونَ
Abahakanyi na bo bazoheza babwirwe bakiri kw’isi bati: “Nimufungure, muryoherwe akanya gato. Mu vy’ukuri, mwebwe muri inkozi z’ikibi”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَإِذَا قِيلَ لَهُمُ ٱرۡكَعُواْ لَا يَرۡكَعُونَ
Iyo babwiwe bati: “Enda rero nyabuna nimusenge mwunamire Imana Allah, ntibasenga ngo bayunamire”.
Ibisobanuro by'icyarabu:
وَيۡلٞ يَوۡمَئِذٖ لِّلۡمُكَذِّبِينَ
Ibihano nya bihano kuri uwo musi, ni ivy’abahakana bivuye inyuma Qor’ani n’amabwirizwa y’Imana Allah.
Ibisobanuro by'icyarabu:
فَبِأَيِّ حَدِيثِۭ بَعۡدَهُۥ يُؤۡمِنُونَ
Batemeye Qor’ani ntagatifu, ni ikihe gitabu inyuma ya Qor’ani bokwemera!
Ibisobanuro by'icyarabu:
 
Ibisobanuro by'amagambo Isura: Al Mur’salaat (Ibyoherezwa)
Urutonde rw'amasura numero y'urupapuro
 
Ibisobanuro bya qoran ntagatifu - الترجمة الكيروندية - Ishakiro ry'ibisobanuro

ترجمة معاني القرآن الكريم إلى اللغة الكيروندية، ترجمها يوسف غهيتي.

Gufunga