Iyo Imana Allah Itandika ko bimurwa, Yari kubahana bakiri ng’aha kw’isi bakicwa bakanagirwa n'imbohe. Nayo mu buzima bw'inyuma yo gupfa, barategekanirijwe ibihano vy’umuriro;
Ivyo rero, vyabashikiye kuko barwanije Imana Allah n’Intumwa yayo. Uwo wese rero yimonogoza mu guca kubiri n'amabwirizwa y'Imana Allah n'Intumwa yayo, namenye ko mu vy’ukuri, Imana Allah Izomuhana Ikamuhasha.
N’ivyo Imana Allah Yabanyaze Ikabiha Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), nta vyo mwaruhiye mu kubirwanira kw’ifarasi canke ku ngamiya; ariko rero Imana Allah, Ituma Intumwa zayo gutera ubwoba no gutsinda ata ndwano ku wo Ishatse. Burya Imana Allah, ni Yo Mushoboravyose.
Ivyo Imana Allah Yanyagiye Intumwa yayo (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), bivuye ku baba mu ducimbiri ata ndwano irinze kuba, bitangwa mu bikorwa vy'iterambere rusangi, bigahabwako n’incuti za hafi mu muryango w'Intumwa[2], impfuvyi, abakene n’ingenzi yakehaniwe ku rugendo, kugira ngo ivyanyazwe ntibigume mu minwe y’abakire gusa muri mwebwe. Ni uko rero, ico Intumwa y'Imana ibashikirije canke ibigishije, muracakira uko ikibashikirije; ico ibabujije kwakira canke gukora na co, murakireka, muheze rero mutinye Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, Irahana Igahasha abaca kubiri n'amabwirizwa yayo.
[2] Incuti za hafi mu muryango w'Intumwa, ni abakomoka kuri Bene Haashimu na Bene Al-Muttwalib.
Ni nk’uko nyene bahabwa muri nya minyago, abakene b'abimukira baje bava i Makka “Muhaajiriina”, bakuwe mu ngo zabo no mu matungo yabo ku karenganyo, kubera gusa ko barondera impano no gushimwa n’Imana Allah, hamwe rero no kurwanira idini ryayo n’Intumwa yayo. Abo, ni bo rero mvugakuri zibushitse.
N’abasangwa b’i Madina “Answaari” bahisemwo kwemera imbere yuko abimukira bashika bava i Makka, barakunda abimukira baje babagana, bakanasabikanya na bo ivyo bafise, ntibanabagirira ishari n’akangonongono mu mitima yabo ku vyo bahawe mu minyago, baranabibahebera mu kubigura n’aho na bo nyene boba bakenye. Uwuzokingirwa kuba ingumyi rero, ari mu bantu baronse intsinzi kw’isi no mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
N’abemeramana baje mu nyuma y’abasangwa n’abimukira, bavuga basaba bati: “Mana yacu Rurema Allah! Tugumirize akabanga ku vyaha vyacu ntubiduhanire, twebwe hamwe na benewacu badutanze kwemera. Kandi, ntuze Utume tugirira inzigo n’akarigangamuhogo abadutanze kwemera. Mana yacu Rurema Allah! Mu vy’ukuri Wewe, Uri Nyenikigongwe, Nyenimbabazi ku batoni bawe[3]”.
[3] Iyi Aayah, irigisha ko umwislamu ategerezwa gukunda abamutanze kwemera mu ngendanyi z'Intumwa, akama aziyaga neza, akanazisabira ku Mana Allah; no mu gihe hagize iyivuzwe muri zo, akayisabira ati: "RADWIYA LLAAHU AN-HU" (Imana Allah Imwishimire).
Mbega, ntiwabonye abagize uburyarya, babwira benewabo bagararije mu bahawe Igitabu[4], bati: “Ni ukuri, nimwimurwa mu zanyu mukirukanwa i Madina, tuzokwimukana na mwe koko, kandi nta n’umwe tuzokwumvira ngo duheze tubatetereze mu kutimukana na mwe. Nimwaterwa naho nyene, tuzobarwanako tubatabare. Burya Imana Allah, ni Yo Cabona ko mu vy’ukuri indyarya zibabesha.
Bemeramana! Ni ukuri mwebwe, muratinyitse cane mu mitima y’indyarya n’abayahudi gusumba uko batinya Imana Allah, bitewe n’uko bo ari abantu badatahura icubahiro c’Imana Allah.
Akarorero k’abayahudi ku vyabashikiye, ni nk’ab’aho hambere yabo mu bagarariji b’i Makka ku vyabashikiye ku rugamba rwa “Badri”, no mu bayahudi bo mu muryango wa Bene Qaynuqaa’a, barahonjeje amaherezo y’ubugarariji bwabo, barahanwa bakiri kw'isi. Barategekanirijwe n’ibihano bibabaza cane mu buzima bw’inyuma yo gupfa.
Gutyo rero, amaherezo y’abo bompi; shetani n’uwayumviye akagarariza Imana Allah, ni mu muriro udahera, bazowubamwo ibihe bidahera. Ico gihano, ni yo ndishi y’abirenganya mu kurenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Emwe bemeye Imana Allah n’Intumwa yayo bakubahiriza n’amabwirizwa yayo! Enda rero nyabuna nimwiyubare ibihano vy'Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, maze umwe wese muri mwebwe, arabe ico yakoze kizomufasha mu buzima bw'inyuma yo gupfa. Nimutinye rero Imana Allah mu vyo mukora vyose. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Yo Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyo mukora, kandi Izobibahembera.
Kandi, ntimukabe nk’abibagiye Imana Allah mu kutubahiriza amabwirizwa yayo, maze Imana Allah na Yo, Ibibagiza gukora ibizobafasha bikabakingira ibihano vyo ku musi w’izuka. Abo rero, ni vyo bigaba birenga ku mabwirizwa y’Imana Allah.
Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Irazi ibinyegeje n’ibiboneka, ni Yo Nyenimpuhwe ku biremwa vyose, Nyenimbabazi ku batoni bayo;
Ni Yo Mana Allah, nta yindi mana ibwirijwe gusengwa atari Yo. Ni Yo Mwami, Nyenubutagatifu, Semahoro, Nyenugutekanisha[5], Uwiganje[6], Nyenintsinzi-Mutaneshwa[7], Ntahangarwa, Nyenukwishima. Ukuninahazwa, ni ukw’Imana Allah mu buryo burengeye cane ivyo bayitiranya bayibangikanya;
[5] Imana Allah Itekanisha Intumwa n’Abavugishwamana, Ikanabatsimbataza mu kubahishurira amabwirizwa n’ibitangaro. [6] Mu kurereka ibiremwa hamwe n’ivyo bikora. [7] Nta kinanira Imana Allah, haba kw’isi canke mu majuru.
Ni Yo Mana Allah, Rurema, Nyenugutunganya ibiremwa nk’uko Yabitegekanije, Rutunganyandemo, Yahaye ishusho ibiremwa vyose. Ifise amazina meza cane n’amatazirano ayiranga. Ibiri mu majuru no kw’isi vyose, birayininahaza; ni na Yo rero Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora.
Contents of the translations can be downloaded and re-published, with the following terms and conditions:
1. No modification, addition, or deletion of the content.
2. Clearly referring to the publisher and the source (QuranEnc.com).
3. Mentioning the version number when re-publishing the translation.
4. Keeping the transcript information inside the document.
5. Notifying the source (QuranEnc.com) of any note on the translation.
6. Updating the translation according to the latest version issued from the source (QuranEnc.com).
7. Inappropriate advertisements must not be included when displaying translations of the meanings of the Noble Quran.
Igisubizo cy'ibyashatswe:
API specs
Endpoints:
Sura translation
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/sura/{translation_key}/{sura_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified sura (by its number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114)
Returns:
json object containing array of objects, each object contains the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".
GET / https://quranenc.com/api/v1/translation/aya/{translation_key}/{sura_number}/{aya_number} description: get the specified translation (by its translation_key) for the speicified aya (by its number sura_number and aya_number)
Parameters: translation_key: (the key of the currently selected translation) sura_number: [1-114] (Sura number in the mosshaf which should be between 1 and 114) aya_number: [1-...] (Aya number in the sura)
Returns:
json object containing the "sura", "aya", "translation" and "footnotes".